IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rutana : Abantu 27 bahitanwe n’isanganya ry’imodoka bashinguwe

Rutana : Abantu 27 bahitanwe n’isanganya ry’imodoka bashinguwe

mercredi 27 Ndamukiza 2016, par egide

Abantu baguye mw’isanganya ry’imodoka yo mu bwoko bwa FUSO yari yunguruje abakirisu bo kuri Paruwasi Kiguhu bari bavuye mu butumwa bw’ukuririmbira Imana mu ntara ya Gitega, kw’ishure ryisumbuye (Lycé Notre Dame de la Sagesse), bashinguwe kuri uwu wa gatatu. Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye kuri uwu wa kabiri, yarahojeje imiryango yabo bitavye Imana, yemera gufasha abasigaye.

Iryo sanganya ryabaye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, iyo modoka ikaba yacitse ifire igeze ahantu hamanuka cane, muri komine ya Musongati, aho bita KUW’IVYUMA.

Abantu bagera kuri 27 barimwo Patiri mukuru wa Paruwasi Kiguhu hamwe n’umubikira umwe wo kuri iyo paruwasi nibo bitavye Imana bivuye kuri iryo sanganya ry’imodoka yari yunguruje abakirisu bo kuri Paruwasi Kiguhu bari bavuye mu butumwa bw’ukuririmbira Imana mu ntara ya Gitega, kw’ishure ryisumbuye (Lycé Notre Dame de la Sagesse).


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.