Accueil > Amakuru > u Burundi > Rutana : Abirukanywe na Tanzaniya babayeho nabi
Rutana : Abirukanywe na Tanzaniya babayeho nabi
samedi 21 Ntwarante 2015
Abanyagihugu baba mu kigwati ca Nyabihere mu ntara ya Rutana, babayeho mu buzima bumeze nabi rwose.
Abo banyagihugu birukanywe ku nguvu muri tanzaniya, bakaba bavuga ko batakigira ico bafungurira abana babo, mbere ko n’abagiraneza bahora babafasha, ubu batakibagarukirako. Abo banyagihugu baba mu mazu yubakishijwe n’amahema, bavuga ko imvura iguye, yose ibahererako, kugeza ubu ntibagira n’aho bakubita isuka, bakavuga ko batorohewe na gato, ko mbere uretse ikigoyi, n’indwara zishobora kuzobabangamira mu minsi. Ku bwabo, iyo baba bazi aho bahungiye i Tanzaniya bava, bosubiyeyo kuraba amatongo yabo.
Mu ntwaro bavuga ko ico kibazo bakizi, ko bamaze kuvugana n’ubushikiranganji bwo gufatana mu nda. Ikindi buramatari w’intara ya Rutana avuga, ni uko, bariko bararondera amatongo ya Reta, kugira abo banyagihugu baronswe aho bokubita isuka nk’abandi.
Aristide Nizigire