IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rutana : Abirukanywe na Tanzaniya babayeho nabi

Rutana : Abirukanywe na Tanzaniya babayeho nabi

samedi 21 Ntwarante 2015

Abanyagihugu baba mu kigwati ca Nyabihere mu ntara ya Rutana, babayeho mu buzima bumeze nabi rwose.

Abo banyagihugu birukanywe ku nguvu muri tanzaniya, bakaba bavuga ko batakigira ico bafungurira abana babo, mbere ko n’abagiraneza bahora babafasha, ubu batakibagarukirako. Abo banyagihugu baba mu mazu yubakishijwe n’amahema, bavuga ko imvura iguye, yose ibahererako, kugeza ubu ntibagira n’aho bakubita isuka, bakavuga ko batorohewe na gato, ko mbere uretse ikigoyi, n’indwara zishobora kuzobabangamira mu minsi. Ku bwabo, iyo baba bazi aho bahungiye i Tanzaniya bava, bosubiyeyo kuraba amatongo yabo.

Mu ntwaro bavuga ko ico kibazo bakizi, ko bamaze kuvugana n’ubushikiranganji bwo gufatana mu nda. Ikindi buramatari w’intara ya Rutana avuga, ni uko, bariko bararondera amatongo ya Reta, kugira abo banyagihugu baronswe aho bokubita isuka nk’abandi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.