IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rutana : Ikigo "Ijambo" c’iterambere ry’abakenyezi caruguruwe (...)

Rutana : Ikigo "Ijambo" c’iterambere ry’abakenyezi caruguruwe icese

vendredi 18 Gitugutu 2013

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu yaratanguje ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 15 Gitugutu 2013 ibikorwa vy’ikigo "Ijambo" c’iterambere ry’abakenyezi bo mw’ishirahamwe "Dushirehamwe", ikigo cubatswe ku murwa mukuru w’intara ya Rutana.

Ico kigo c’iterambere ry’abakenyezi cubatswe ku mfashanyo y’ishirahamwe CADO (Cercle des Anciens et des amis de l’Organisation Internationale de la Francophonie), biciye mw’ishirahamwe "Dushirehamwe."

Mu majambo yagiye arashikirizwa kuri uwo munsi wo gutanguza ibikorwa vy’ikigo "Ijambo" c’iterambere ry’abakenyezi, bose bagarutse ku ruhara rw’umukenyezi mw’iterambere ry’igihugu. Juvénal Ndayiragije, Buramatari w’intara ya Rutana, Joséphine Ntahomvukiye, umuhuzabikorwa w’ishirahamwe "Dushirehamwe" hamwe na Marie Louise, arongoye ishirahamwe CADO ( Cercle des Anciens et des amis de l’Organisation Internationale de la Francophonie), bose baribukije akamaro k’umukenyezi mu gutsimbataza amahoro hamwe no kurwanira agateka ka zina muntu.

JPEG - 50.4 ko
Umushikiranganji Laurent Kavakure ashikiriza ijambo nyamukuru ry’uwo munsi

Mw’ijambo nyamukuru ry’uwo munsi ryashikirijwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Laurent Kavakure yarashimiye ishirahamwe CADO ( Cercle des Anciens et des amis de l’Organisation Internationale de la Francophonie) kubw’ingabire y’ico kigo yari ihejeje gushikiriza ishirahamwe ry’abakenyezi "Dushirehamwe". Yaribukije ko ishirahamwe CADO ( Cercle des Anciens et des amis de l’Organisation Internationale de la Francophonie) risanzwe rifasha intara ya Rutana mu yindi migambi myinshi y’iterambere. Umushikiranganji Laurent Kavakure ko iyo ngabire yerekana ubucuti bwiza buri hagati ya Leta n’amashirahamwe y’iterambere ry’abanyagihugu.

Laurent Kavakure yasavye abo bakenyezi kuzokoresha neza iyo ngabire y’ikigo c’iterambere ryabo bahawe, bongere bazohore bahahurira bumgurana ubumenyi.
Ico kigo "Ijambo" c’iterambere ry’abakenyezi cuguruwe icese hasigaye iminsi ibiri gusa kugira Uburundi buhimbze umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi w’umwirimizi. Uwo munsi mukuru ukaba uriko uhimbazwa kuri uno munsi kuwa gatanu igenekerezo rya 18 Gitugutu 2013. Ibirori vyo kuwuhimbaza biriko bibera mu ngoro ndangamico i Bujumbura (Palais des Arts et de la Culture). Ibijanye n’ihimbazwa ry’uwo munsi turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.