Accueil > Amakuru > u Burundi > Rwanda: Impunzi z’abarundi zigiye kwimurirwa mw’ikambi ya Mahama
Rwanda: Impunzi z’abarundi zigiye kwimurirwa mw’ikambi ya Mahama
mardi 19 Nzero 2016
Reta y’Urwanda yamenyesheje ko impunzi z’abarundi ziri mu makambi y’impunzi mfatakibanza zigiye kwimukira mw’ikambi y’impunzi ya Mahama bitarenze mu mpera z’ukwezi kwa mbere.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo gutahukana impunzi Frederick Ntawukuriryayo, yamenyesheje ko abarundi bari mu makambi y’imfatakibanza bagiye kwimurirwa mw’ikambi ya Mahama, kugira ngo begerezwe aho bashobora kuronka abavuzi.
Frederick Ntawukuriryayo, yabimenyesheje igihe yishura ku bibazo bitandukanye vy’impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi mfatakibanza y’ i Gashora, zasabaga kwimurirwa mw’ikambi ya Mahama, kugira ngo zishobore kuronka uko zivuza n’amashuri.
Yavuze ko mu bisanzwe impunzi ziba zidategerezwa guteba mu makambi mfatakibanza,aca avuga ko batevye kubimura kuko bari bacubaka inzu bazobamwo.
Yavuze ko ikambi ya Gashora irimwo impunzi 600, iya Nyanza igafita 400 mu gihe iya Rusizi ifise 200 ,rero bashobora kubimura mu minsi ya vuba.
Frederick Ntawukuriryayo yavuze ko mu mpera z’ukwezi kwa mbere impunzi zose zizoba zashitse mw’ikambi ya Mahama kugira abafise abana babatanguze ishuri.
Hamwe izo mpunzi zokwimurwa,zizosanga abandi bashika ibihumbi 50 bari mw’ikambi ya Mahama aho abashika ku 1500 batanguye kwiga.
Uko umunsi utashe,Urwanda rwakira impunzi ziri hagati ya 50 na 100 bavuye mu Burundi. Abarundi bahungiye mu Rwanda gushika ubu bababa 73,000.
IGIHE
Messages
19 Nzero 2016, 18:19, par K
Mbesha abobarundi bashaka kwiburira muyindinkambi canke nabandi barundi bose bahungiye mu Rwanda ntibameze nkabafashwe BURWAYI canke babaye nkab’Isilael igihe ca Farawo! Umvanawe uwugize araciyumvira kwisubirira Burundi bacabamufata nkuwunenje!!!.
19 Nzero 2016, 18:40, par rasta
ark naho muvuga uko muze muraba neza kagame ni inzoka mbi abagomba abagira ikiraro twaramuhinyuye oky ntabigire kubarundi
19 Nzero 2016, 22:01, par Sibomana Prosper
Nonenyene Abobarundi Bosebahunze,bazohungukacanke?Nimumpinyishu.
20 Nzero 2016, 07:59, par murundi mwiza
Muragabe kagame arabahenda buraca abita ko muri interahamwe
20 Nzero 2016, 09:27, par Yva
Prosper wowe ubona igira ubwenge umuntu utinyuka gutuka president! Uzabanze umenye amategeko agenga impunzi
20 Nzero 2016, 10:24, par John
Firipo nzobonariba avuga ko ibihumbi 73 vyabarundi vyose byobaa byarahunze ubusa? yewe yewe gamutama?
20 Nzero 2016, 10:39, par ZABULON
kura ububeshi
21 Nzero 2016, 14:51, par Misagojean
Nibabarekebatahe
Mungozabo
21 Nzero 2016, 14:52, par Misagojean
Nibabarekebatahe
Mungozabo
21 Nzero 2016, 16:18, par Yamuremye
Nibatahe Ntavyamakambi.Nibaz Twubake Igihugu Camatanubuki.Ivyo Urwanda Rubahenda Ng Bazoza Awe Bagisanga Muburundi,sivyo Nuguta Umwanya,ntavyo Boshobora, Ahubw Nimuz Tuzobasanganira Nkabackunda.
24 Nzero 2016, 22:21, par MBANZAMIHIGO Aloys
ABO Barundi Bahunze Amahoro Ntibotaha Iwabo Bakicara Aho Abandi Bari.
24 Nzero 2016, 22:22, par MBANZAMIHIGO Aloys
ABO Barundi Bahunze Amahoro Ntibotaha Iwabo Bakicara Aho Abandi Bari.