IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rwanda: Impunzi z’abarundi zigiye kwimurirwa mw’ikambi ya Mahama

Rwanda: Impunzi z’abarundi zigiye kwimurirwa mw’ikambi ya Mahama

mardi 19 Nzero 2016

Reta y’Urwanda yamenyesheje ko impunzi z’abarundi ziri mu makambi y’impunzi mfatakibanza zigiye kwimukira mw’ikambi y’impunzi ya Mahama bitarenze mu mpera z’ukwezi kwa mbere.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo gutahukana impunzi Frederick Ntawukuriryayo, yamenyesheje ko abarundi bari mu makambi y’imfatakibanza bagiye kwimurirwa mw’ikambi ya Mahama, kugira ngo begerezwe aho bashobora kuronka abavuzi.

Frederick Ntawukuriryayo, yabimenyesheje igihe yishura ku bibazo bitandukanye vy’impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi mfatakibanza y’ i Gashora, zasabaga kwimurirwa mw’ikambi ya Mahama, kugira ngo zishobore kuronka uko zivuza n’amashuri.

Yavuze ko mu bisanzwe impunzi ziba zidategerezwa guteba mu makambi mfatakibanza,aca avuga ko batevye kubimura kuko bari bacubaka inzu bazobamwo.

Yavuze ko ikambi ya Gashora irimwo impunzi 600, iya Nyanza igafita 400 mu gihe iya Rusizi ifise 200 ,rero bashobora kubimura mu minsi ya vuba.

Frederick Ntawukuriryayo yavuze ko mu mpera z’ukwezi kwa mbere impunzi zose zizoba zashitse mw’ikambi ya Mahama kugira abafise abana babatanguze ishuri.

Hamwe izo mpunzi zokwimurwa,zizosanga abandi bashika ibihumbi 50 bari mw’ikambi ya Mahama aho abashika ku 1500 batanguye kwiga.

Uko umunsi utashe,Urwanda rwakira impunzi ziri hagati ya 50 na 100 bavuye mu Burundi. Abarundi bahungiye mu Rwanda gushika ubu bababa 73,000.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.