IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Miss Rwanda 2015 yatowe (Amafoto & Video)

Miss Rwanda 2015 yatowe (Amafoto & Video)

lundi 23 Ruhuhuma 2015

Urwanda rwatoye umukobwa agiye kuruserukira afise ubwiza, ubwenge, ubumenyi n’akaranga Nyarwanda. Kundwa Doriane atowe ku ncuro ya gatanu y’ihiganwa nk’iryo mu Rwanda.

JPEG - 97.6 ko
Nkundwa Doriane yambikwa ikanga na Akiwacu Colombe yahora ari Miss Rwanda 2014

NKUNDWA Doriane w’imyaka 19 y’amavuka n’uburebure bwa metero 1.74 yari yatowe mu ntara y’Uburaruko bw’Urwanda. Uwo yarashigikiwe cane kuva ihiganwa ritangura mu kwezi kwa Nzero igenekerezo rya 10 ahitwa i Musanze. Asubiye mu kibanza ca Akiwacu Colombe yari yatowe mu mwaka w’i 2014.

Uwo yambitswe ikanga rya Miss Rwanda 2015 yashitse mu gice ca nyuma c’ihiganwa ari kumwe n’abandi bakobwa nka: Uwase Vanessa Raissa, Hitayezu Belyse, Nyiranganzo Annick Lachance, Mutoni Jane na Rudasingwa Umuhoza Negritta, ari nabo yahavuye atorwamwo kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2015 mu birori vy’agakura vyabereye muri SERENA Hotel.

NKUNDWA Doriane amaze gutorwa nka Miss Rwanda yaciye ahabwa imodoka nziza yo mu bwoko bwa Suzuki SX4, umushahara w’amadorari 1000 ku kwezi azohemberwa mw’i Banki yitwa COGEBANQUE ari nayo yafashije itegurwa n’ishirwa mu ngiro ry’ihiganwa rya Miss Rwanda 2015.

Doriane NKUNDWA ahagatiwe n’abakobwa bita Dauphines babiri, uwa mbere ni UWASE Vanessa, na Akacu Lynca, ubwa gatatu haza Fina MUTONI NARINGWA na MUTONI Balbine.

Eka abatowe bakurikirana uku mu bisata bitandukanye biri mu nteguro ya Miss Rwanda:
- Ihozo Kalisi Sabrina : Miss Photogenic
- Kundwa Doriane: Uwa mbere akundwa na benshi(Miss Popularity
- Bagwire Keza Joannah: Miss Heritage
- Gasana Darlene : Miss Congeniality
- Mutoni Balbine: yatowe ku ncuro ya Kane
- Fiona Mutoni Naringwa: yatowe ku ncuro ya Gatatu
- Akacu Lynca: yatowe ku ncuro ya Kabiri
- Uwase Vanessa Raissa: yatowe ku ncuro ya Mbere
- Kundwa Doriane: Uwa mbere yabitswe ikanga rya Miss Rwanda 2015

Raba aha munsi uko vyagenze

.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.