IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Rwanda : umuririmvyi Jay Polly yahawe agashimwe k’imiriyoni 24 na (...)

Rwanda : umuririmvyi Jay Polly yahawe agashimwe k’imiriyoni 24 na BRALIRWA

lundi 1er Nyakanga 2014

Umuririmvyi Jay Polly yaraye ahawe agashimwe k’umuririmvyi yaririmvye neza mw’ihiganwa Primusic Guma Guma Super Star 2014 rikorwa n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa mu Rwanda Bralirwa. Ico nyene umuririmvyi Christian Ninteretse w’Umurundi nawe yahawe na Brarudi imiriyoni 20 z’amarundi.

JPEG - 44.6 ko
Jay Polly yatahukanye agashimwe ka Bralirwa

Jay Polly yararanye imiriyoni 24 z’amahera y’amanyarwanda, ayo yayakuye mw’ihiganwa ryateguwe n’ishirahamwe BRALIRWA nk’umuririmvyi wa mbere yaririmvye neza muri mahiganwa. Aba kabiri babaye abagize umurwi Dream Boys, nabo batekeye imiriyoni 7,5 z’amanyarwand, ubwa gatatu hakwirikiye umuririmvyi Bruce Melodica nawe yatahukanye imiriyoni 7. Abo batatu ba mbere barahawe n’ibicurangisho vy’umuziki.

JPEG - 49.4 ko
Umurwi Dream Boys watwaye ikibanza ca kabiri
JPEG - 51.6 ko
Bruce Melodica mu kibanza ca 3
JPEG - 61.1 ko
batatu ba mbere bahawe ivyuma vy’umuziki

Abo baririmvyi bavuye mu 10 bariko bahiganwa, abasigaye bakuirikiranye uku:

4) Christopher ahembwa yatsindiye miriyoni 3,5

5) umurwi Active watsindiye imiriyioni 3

6) Amag The Black atsindiye imiriyoni 2,5

7) Jules Sentore atsindira imiriyoni 2

8) Senderi International Hit ahabwa imiriyoni 1,5

9) Young Grace ahembwa umuriyoni 1

10) Teta Diana ahembwa ibihumbi 500.

Mwomenya ko ihiganwa Primusic Guma Guma Super Star (PGGSS4) ribaye ku ncuro ya 4. Ku ncuro ya mbere mu mwaka w’i 2011, ihiganwa ryatsindiye Tom Close, hakurikira King James mu mwaka w’i 2012, Riderman mu mwaka w’i 2013.

Ikindi twoca tubibutsako igihe ihiganwa Primus Guma Guma Super Star ryariko risozerwa, mu Burundi naho hariko habera iherahezwa ry’ihiganwa rya Primusic ku ncuro ya 3 ryatsindiye Christian Ninteretse.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.