RwandAir yagabanyije ingendo ikorera mu Burundi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 11 Munyonyo 2015 saa 08:58
Yasomwe : 58401
0 0

Kuva mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu, ishirahamwe RwandAir ry’ukwunguruza abantu n’ibintu n’indege ryaragabanije ingendo ryakorera mu gihugu c’Uburundi. Ingendo zahora zikorwa na RwandAir zari mirongo ine mu kwezi, ubu ni mirongo itatu gusa.
Kuri ivyo biharuro bitangwa na RwandAir, biboneka ko hahora hakorwa ingendo cumi mu ndwi, ariko ubu hakaba hakorwa ingendo indwi gusa ku ndwi, ni ukuvuga rumwe ku munsi. Izo ngendo zagabanyijwe bitumwe n’ukuba ingenzi zija mu Burundi zaragabanutse, nk’uko (...)

Kuva mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu, ishirahamwe RwandAir ry’ukwunguruza abantu n’ibintu n’indege ryaragabanije ingendo ryakorera mu gihugu c’Uburundi.
Ingendo zahora zikorwa na RwandAir zari mirongo ine mu kwezi, ubu ni mirongo itatu gusa.

Kuri ivyo biharuro bitangwa na RwandAir, biboneka ko hahora hakorwa ingendo cumi mu ndwi, ariko ubu hakaba hakorwa ingendo indwi gusa ku ndwi, ni ukuvuga rumwe ku munsi.
Izo ngendo zagabanyijwe bitumwe n’ukuba ingenzi zija mu Burundi zaragabanutse, nk’uko bitangazwa n’ubuyobozi bwa RwandAir.

Mu kiganiro n’Ijwi rya Amerika, Ariella Kageruka ajejwe ibikorwa vy’ukumenyekanisha n’ugutanga amakuru muri RwandAir yagize ati: “Kugabanya izi ngendo twabitewe no kuba tutari tugifite abakiliya bahagije ku ngendo zingana zityo, baragabanutse”

Ariella Kageruka yemeza ko iyo ngingo itafashwe ku mvo z’umutekano utifashe neza mu Burundi, kuko muvyo bajejwe hatarimwo kugenzura umutekano “Nta kibazo dufite aho ngaho, n’igihe iby’umutekano byari bikaze bikaba ngombwa ko duhagarika twarabikoze by’igihe gito kandi turabimenyekanisha […] Si mu Burundi gusa twagabanyije, hari n’ahandi twagabanyije ingendo nk’uko hari aho twazitangiye cyangwa se tukazongera.”

Umwe mu ngenzi ziyunguruza n’indege RwandAir hagati y’Uburundi n’Urwanda yaganiriye n’Ijwi rya Amerika yamenyesheje ko atewe impungenge n’iyo ngingo, kuko n’aho bitaratangura kubagiraho ingaruka, akeka ko ingendo za RwandAir zizobandanya kugabanuka gushika iryo shirahamwe rihebe gukorera i Bujumbura.

Ariella Kageruka ajejwe ibikorwa vy’ukumenyekanisha n’ugutanga amakuru muri RwandAir amenyesha ko ingenzi nizasubira kwiyongera ingendo za RwandAir zizosubirwa ku rugero zariko.


Kumenyekanisha

1
HUMUZA 12-11-2015 à 21:13

KUBA IGABANIJE INGENDO ZAYO BIRUNVIKANA KUKO ABANTUBESHI BARAGABANUYE INGENDO ZOMUBURUNDI YEMWE DUSABE IMANA IDUFASHE

2
HUMUZA 12-11-2015 à 21:12

KUBA IGABANIJE INGENDO ZAYO BIRUNVIKANA KUKO ABANTUBESHI BARAGABANUYE INGENDO ZOMUBURUNDI YEMWE DUSABE IMANA IDUFASHE

3
HUMUZA 12-11-2015 à 21:10

KUBA IGABANIJE INGENDO ZAYO BIRUNVIKANA KUKO ABANTUBESHI BARAGABANUYE INGENDO ZOMUBURUNDI YEMWE DUSABE IMANA IDUFASHE

4
ntila nkaba mubigina 12-11-2015 à 16:27

nibabilekenyene kuko u mugenzimwiza agila am aholo none wotembelel a umugenzi adafise am aholo mbele bakoze ne za cane

5
turaje 12-11-2015 à 10:45

ahubwo twugare ibarabara Kampala Kigali vers Bujumbura kugeza peter amenye icyo gukora.

6
Karimu 12-11-2015 à 09:16

reka rero sasa abarundi tubashyire mu kato kubera abafuti ya bamwe mu bayobozi babo... BAHAME HAMWE BUMVE

7
Gerard Nduwayo 11-11-2015 à 15:46

Ariko birumvikana.Erega gukorera mu gihugu hari abategetsi bahamagarira abanyagihugu GUKORA kugira baze bahembwe ama parcelles ntawutohinuba.

8
barabeshya 11-11-2015 à 15:02

ingendo zagabanutse kubera umwuka utameze neza hagati y u Rwanda n’u Burundi ariella ntakabeshye

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha