IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rwasa Agatho arashima Reta nshasha yashinzwe

Rwasa Agatho arashima Reta nshasha yashinzwe

mercredi 26 Myandagaro 2015

Rwasa Agathon arongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka ,amenyesha ko kuja muri Reta ari ukuja gukorera abanyagihugu.

Inyuma yishingwa rya Reta nshasha irimwo abanywanyi batanu b’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,Rwasa Agathon avuga ko kuba bahawe abashikiranganji batanu batabigaya ariko bashaka ko boronka abarenga abo.

Rwasa Agathon avuga ko nivyo bavyakiriye neza kuko ata kundi bari kubigira.Avuga ko kuja muri Reta ari kuja gushira mu ngiro ivyasabwe n’abanyagihugu.

Mwomenya ko mu bashikiringanji batanu bava mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ari umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine,umushikiranganji w’intwaro ibereye,umushikiranganji w’abakozi ba Reta,umushikiranganji w’ubudandaji,umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imicokama.


Van Naris Mugisha

Messages

  • nakazii twagu tumye wa kijuju

  • komera kwibanga mutama kuja muri reta nivyo bizotanga amahoro ntayindi nzira ishika izisigaye ningwano gusa, Imana ibajimbere

  • Kuja Muri Iyo Reta, N’ Ukuyishimira Ko Yakumariyeko Abanywanyi. Kwemera Kuyifasha Kumarira Abasigaye. N’ Ukwemeza Ko Iyicwa Rya Musitamteri Wa Komine Isale Ryanejereje Rwasa

  • Aho Rero Ntubona Kuteturuy Abagutoye Natw Cndd Fdd Turaguhay Kaz Muri Reta Yacu

  • emma
    rwasa jewe ndagushimiye cane kukuntu wakinye poritike ukaba wibereye mugihugu cawe camavuko atabwoba.muze urakunda igihugu cawe na bandi nibigire kurimwe na gasto murintwari. Mugabo abanywany bawe bamwebamwe bigenza nabi, nukubahanur bareke turibamwe

  • Hahahaa bisigaye arihatari icegera ciwe murunani Amizero yabarundi ariyamiriza iyo reta nawe Rwasa ngo arashima ngo ntakobaribugire Birahererahe reka turore..?!!!

  • Ni muje kukivi mukorere abarundi mureke injavyi

  • Ngo ntakundi mwari kubigira?hahahaha!Rwasa iyo impene yamaze kubohwa aho bayizirikiye ntihikura naho yokwabira gute,gusa sinanseko uburundi mwobuteza imbere ico ntemeranya nawe nuko wewe utari ryumeko amatora waranse ko tugutora emera urye ubwo bakubegeye.

  • rwasaivyo sha ni gukorera abanyagihugu abatabishaka nabo nikubareka

  • Aho Rwasa aribagiy abanywanyi biwe bataw muri RUSIZI agiy kuba umuja wa NKURUNZIZA? "Abahutu bakaza inzara ntibakaza inzigo"

  • Rwasa ubukene bwari bumurembeje, none yahisemwo kurondera utwo ashobora kurya. Igihe cose yaramaze yitwa ngo aragwana, ce n’est que l’Assemblée nationale yagwanira? Quelle honte!

  • Komera muzeh igihugu ni rwawe bitebe bitebuk!Kk ukundwa nabarundi plus de 70% du total populaire izo ncuti nazo rekana nazo ruhuka waratuyoboy nyangoma nawe narabe ahindure umutima aje mu barundi yaharaniy!

  • Biranezereje ahorero komubashwe abenegihugu mugakora ivyovavasavye bimwemwavyabihugu vyatwigishije democratie bicabibabara! Jewe nibwobwambere mbona ibihugu vyateyimbere muri democratie bifata abanyagihugu barenga 90% ivyobifuje bakabirwizanubusa maze ivyobihugu twitako vyateyimbe bikifatira abarinusi 5% bikabarivyo bishigikira! Murikikinyagihumbi bizobagora kandi nukaramuka mwijuye kuri Afrika isabzwe irwiruyemwo abakenebeshi vyoroshe nokubahendesha udufranga nabobagatangura kubabansi kuko mwarimubasanganywe muyandi ma continues muzoshaka kubijagarika bitagukunda.

  • Pore sana RWASA umusi bakwambitse akadumu k’amazi k’umavya yawe niho uzoshima tena.

  • Uwo Mushikiranganji w’akazi n’abakozi twomusaba gukura munzira ikibazo c’abigisha nkuko umukuru w’igihugu yarivumereye kugira abanyeshure boye kujabaragwa mumporero.

  • JEW KUBWANJE MUTAMA YAGZE ICIYUMVIRO CIZA KUJA MURI LETA KND KUBA YASHIMYE ABO BASHIKIRANGANJI NABO NYENE KUKO YAR KURONKA ABASUMBA ABO IYO ATATUBUZA KUJA MUMATORA ICO NOMUHANURA YORABA ABAHANUZI BIWE KATARIBO BABI

  • Komera mutama mufashnye kurongora neza igihugu.erega umwana wubwenge agaya arya nibindi bizoza.arko muduhe amahoro twebw’abanyagihugu batobato.Mana hezagira uburundi.

  • Muta.Ntuzosubirekumvabaguhenda. Bababagombabahaje.Nditije Gendankukowagiye

  • Nivyiza cane gushira ahintahe ishize,

  • NDUMURUNDI MBAHANZE KU BURUNDI ARIKO UKOMBONA IMYITWARIRE YABAMWE MUBARUNDI BAGENZIBANJE TUBANYE MWABINOBIHUGU UMUNYE POLITIKE AZOTWISHINGA AZORWAKURE KUKOKUGERUBU BAMWE MURITWEBWE BIGEZEYAHO UWUBA UMUGENZIWACU ARUMUNTU YUBAHUKA AGATUKA YIVUYINYUMA RETA MBERE MUKUMWEREKA KOYAGIZEVYIZA MUKUMUSHIGIKIRA TUCADUTANGA NKIGIHUMBI CANKE BITANU CANKE AYARENGA MUMAFARANGA YABURAYA CANKE AMERICA NGONAYO DUTEREREYE KURUGAMBA RWOGUHANGANA RETA UMUNYEPOLITIKE RERO AMAZE KUBONA UMUNWANYI AREKURA AMAHERAMESHIMESHI WEWE UYATANGA USIGARA UMUKONTORORA UKOWISHAKIYE, NGIVYO IBIRIKO BIRAKORAKO ABANYE POLITIKE AHO RWASA YAHUMIRIJE KANDI BIMUVIRIYEMWO KUBA UMUGABO WIJAMBO.

  • Ndi umurundi,ndashima kubona Rwasa yinjiye muri Leta ariko ntaco azohindura kuko Leta nshasha ntaco ize gufasha abenegihugu narirya aba CNDD-FDD basubiranyemwo bakican,nabandi barinyuma na Rwasa adasigaye inyuma kuko batanguye kumumara kwabiwe!!!!!

  • Ego Ntaco Nyamba Rwasa Bamuhaye Abashngamateka Batanu Ntaco Nashme Nabo Muga Rwasa Yibuke Ko Hariho Abarund Twari Tumuhanz Amaso Acaraduhemukira?Niyimererw Neza Hamw Nankunziza!

  • Nne Mutama Agathon Kuki Utosaba Abanywanyi Ba F.N.L Yawe Bapfungiwe Mumabohero Atandukanye Ari Mugihugu Yuko Nyakubahwa Umukuru W’igihugu Ngo Abarekure ?

  • Rwasa We! Nagomba Ndakubwire Ko Hariho Abarundi N’abarundirundi,rero Wewe Mbona Ko Uri Umurundirundi Kuko Umugabo Yihindukiza Mukirago Ntiyihindukiza Mw’ijambo.Ahubwo Ntabwenge Ufise Kuko Inkuru Atari Nziza Kuri Jewe Sinkuru Kuko Umutwe Utagira Ubwenge Uruhisha Amaguru. Uri Ikigugu Pe!!!

  • Uwomusaza Naburire Mugenziwe Amanike Amaboko Yegure

  • Arakabon’agiye Muri Leta Abanywanyi Biwe Imbonerakure Zari Ziturembeje.

  • rwasa yaciye akenge yapize ikorosi nkiryo bamucenze 2o1o.nabo nibabwerabwere.NYANGOMA numushenzi nicitso cabatutsi twaramubonye,niyihende arabe ko hari umututsi asigara kwivu ryuburundi duca tubafyeka.

  • Mutama Agathon Mwirambire.Hama Nimushire Hamwe Mutware Igihugu Bose Bikika Inyuma Twarigihugu.

  • Nimurabe Muduhe Amahor Mutama Agatho Ntuzusubire Kureka Kwitoza Ubu Uba uricegera Cambere C’umukuruwigihugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.