RWASA Agathon arasigura igituma yemeye kuja muri Reta

Yanditswe na IGIHE
Kuya 12 octobre 2015 saa 02:51
Yasomwe : 175860
0 0

Rwasa Agathon, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yemeza ko akiri mubatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza. Amenyesha ko yagiye mu nzego kugira aronke aho avugira.
Ku ncuro ya mbere kuva yinjiye mu nzego, Agathon Rwasa yavugiye ku nsamirizi y’abafaransa RFI, nk’umutumire wa Afrika. Ku kibazo c’imigenderanire y’Uburundi n’Ububirigi hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya isa n’iyiriko iratituka, Agathon Rwasa avuga ko ubutegetsi bwari bukwiye kwiyumvira kabiri, (...)

Rwasa Agathon, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yemeza ko akiri mubatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza. Amenyesha ko yagiye mu nzego kugira aronke aho avugira.

Ku ncuro ya mbere kuva yinjiye mu nzego, Agathon Rwasa yavugiye ku nsamirizi y’abafaransa RFI, nk’umutumire wa Afrika. Ku kibazo c’imigenderanire y’Uburundi n’Ububirigi hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya isa n’iyiriko iratituka, Agathon Rwasa avuga ko ubutegetsi bwari bukwiye kwiyumvira kabiri, imbere y’ugufata ingingo.

Nk’uko yabishikirije, imigenderanire hagati y’Uburundi, ishirahamwe ry’ubumwe bwa biraya hamwe n’ibindi bihugu, ni ikintu gikwiye gukomezwa, agahanura ko iyo bishitse ubutegetsi bukaba bufise ico butumvikanako na kimwe mu bihugu bufitaniye imigenderanire, ubwo butegetsi butegerezwa kwirinda gufata ingingo gihutihuti mu bishobisho, akavuga ko ivyo badahurizako bategerezwa kwumvikanako mu buryo bwubahiriza imigenderanire.

JPEG - 83.2 ko
Rwasa Agathon, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

Ku bijanye n’ingene yahamagariye abanywanyi biwe kutitaba amatora, akongera ntiyemere ivyayavuyemwo, ariko mu nyuma akaja muri Reta mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, Rwasa Agathon asigura ko mu gihe umugambwe CNDD FDD wari wanse ivyo wahanuwe vyose, amakungu agahamagarira abo vyega bose mu biganiro, yategerezwa kugira aho abarizwa, kugira ari kumwe n’abanywanyi biwe bari mu nzego bazogire uruhara muri ivyo biganiro.
Rwasa Agathon asigura ko mu gihe amatora yari aheze, abigenga batari gusubira kuronka aho bavugira, ari naco gituma bafashe iyo ngingo y’uguserukirwa mu nzego.
Yemeza ko akiri mubatavuga rumwe na CNDD FDD, akavuga ko abandanya gusaba ko hoba ibiganiro bihuza bose.

Ku kibazo c’ukumenya namba ukwo kwinjira kwiwe mu nzego kwaragize akamaro ku mutekano w’abanywanyi biwe, Rwasa Agathon avuga ko avyemeje kwoba ari ukwihenda kuko hakiri utunenge tutari duke mu bijanye n’umutekano mu Burundi, ariko akavuga ko hariho agahengwe gato kabonetse ku mutekano w’abanywanyi biwe, kuko aho afatiye ingingo y’ukwinjira mu nzego.


Kumenyekanisha

1
Ndihokubwayo Jpaul 20-05-2017 à 07:06

Yiyumviriye Neza Kuba Hamwe Nabandi Kandi Abarundi Bose Duhamagarirwa Gusenga Cane Kuko Satani Aranka Iterabere Ryuburundi Raba Amabarabara Amavuriro Amashuri Na Presidance Birikobirubakwa Niterambere

2
Mussa Ibrahim 28-04-2017 à 10:01

Gwasa Kubayaraje Muri Leta Vyabayevyiza Kubotwaritumwizeye Biduhicizereko Muri 2020 Tuzotsindamatora Akaba Umukuruwigihugu Abanyagihugubarinzebamutora Atiyamamaje Iyo Yiyamamazaho Ubona Atarikugitwara Vyerekanyeko Abanyagihugutumwizera Kandi Tumwemera Murakoze

3
Nsengiyumva Thacien 26-09-2016 à 20:38

Kuba Yaragiye Muri Leta Nivyo Arisivyizako Yoza Arabuz’abanyanyi Kumutora Kuk’ububandanyabiyongera !

4
Bikorimana 2-07-2016 à 21:05

amakuru

5
Jibril 2-07-2016 à 11:58

Twarababajwenawekukiyabujijeabanywanyintibajemumatora,hamanaweakacajamunzegozaboatemera.Umvaatabashutseabanywanyibiwe ?Kumbe,umunyepolitikemwizanuwuhimirizaabanywanyibiwekutisukamumatati.

6
Jibril 2-07-2016 à 11:55

Twarababajwenawekukiyabujijeabanywanyintibajemumatora,hamanaweakacajamunzegozaboatemera.Umvaatabashutseabanywanyibiwe ?Kumbe,umunyepolitikemwizanuwuhimirizaabanywanyibiwekutisukamumatati.

7
Metre 21-12-2015 à 21:54

Nivyiza Kubona Bagiyehamwe Imana Nishimwe !!

8
Clement Marot 7-11-2015 à 13:34

Gusubiza Hamw Kwa Mutama Rwasa Na CDD FDD Twarabishimy,komra Abari Hanz Yigihugu Turagushigikiy !

9
Innocent 5-11-2015 à 08:23

RWASA nimumurike harimpamvu yatumye ahaja.iconzi nuko muvyo twasezeraniwe atamu FNL azigera asenga dagoni kirazira kandi nanumwe azigera arya ikizira.dufise isezerano mwavyanka mwemera.

10
Many 27-10-2015 à 06:54

rwasa aciy ubweng cane

11
Nishimwe Nathan 24-10-2015 à 11:21

Erega Gwasa Ntahahuriye Na CNDD-FDD Nivyiyumviro Ntibisa.

12
Sinzi 15-10-2015 à 22:58

Nagira mpanure uvuga ko RWASA kwinjra muri Leta bwar’ubukene ; uko n’ukumurtyoza. Biragaragara k’ari bamwe yasanze bagomba kumugira ikiraro ; agac’abava inyuma. Kuja muri leta n’abarundi twahamushize.

13
Sinzi 15-10-2015 à 22:56

Nagira mpanure uvuga ko RWASA kwinjra muri Leta bwar’ubukene ; uko n’ukumurtyoza. Biragaragara k’ari bamwe yasanze bagomba kumugira ikiraro ; agac’abava inyuma. Kuja muri leta n’abarundi twahamushize.

14
Kaga 15-10-2015 à 20:55

Rwasa kubona yaragiye muri reta nisawa nagerageze kuza arahanura abo basangiye reta ya NKUrunziza agire ico yohindura muri reta yiwe kugira ntate icizero cabarundi

15
didace 14-10-2015 à 20:35

Harihagezek twoyubak ibibazo twahuyenavyo tukavyibagir nihobavuzek uwaruche ntaruhuk ntukice nibibi icosico waremew ntugate ubuntu bichitse nkakugirir nabi ntunyake ubuzim imana yampay ejonaw uzoba ukeney ubufacha bwanja nicotwaremew kuba umugichakubandi amaraso arahum murabaz gahini

16
tinyabantu jean de Dieu 14-10-2015 à 16:04

zishahurwa zirira ntiturekura mwatera bomb mwareka aha twsragifash abo bahutu nabo bahendwa bazabibona ayo namayeri yanyu .kubera iki umuhutu aje ngagara cibitoke mutakura jabe nyakabiga musaga aca yicwa mugihe avuy ahandi ariko abatutsi bidegemvya muma quartier yabahutu/

17
Gakozi Emmanuel i Pretoria 14-10-2015 à 13:29

Ingingo yo kwinjira muri reta umushingamateka Rwasa ni nziza kuko ihumuriza Abarundi. Bizofasha no gutegura neza imishikirano yimirije. Ni mbanza guseruka. kandi igihu kiri muri ambargo nti mwogita mwese ngo muje hanze. Harakenewe abaza barahanura kubitagenda neza.

18
Umurundi Wiyemera Aharanira Demokarasi. 14-10-2015 à 11:10

MUTAMA RWASA NTAKABI KAWE WEWE KUKO NAWE UBUKENE BWARI BUKUGEZE KURE WATEGEREZWA KWIGIRA MURI LETA KUGIRA UFATE KUGAFARANGA MUGA URI UMUSHINGANTAHE KUKO UBANDANYA WEREKANA AMABI AKORWA NABO BA DD NTANUMWE YAGAYE INGINGO YANYU YUKUJA MURI LETA NAKARE WABAYE MWISHAMBIMYAKA MYINSHI HARI HAGEZE YUKO NAWE URUHUKA UGASAZIRA MUGIHUGU CAWE WARWANIYE IMYAKA MYINSHI.

19
didace 14-10-2015 à 07:29

Ibigiye inama bigira imana umutiwaburundi uri mubarundinyin ntamuzu ngu ntamunyegwand azoguh amahor niwew kigiticaw ukwiy kumenya icogukor cotunganiriz bos

20
Kazoza 14-10-2015 à 06:34

Naze twubake igihugu twese hamwe.

1 | 2 | 3
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha