IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Scaling Up Nutrition (SUN) : Umugambi ufasha kurwanya inzara

Scaling Up Nutrition (SUN) : Umugambi ufasha kurwanya inzara

vendredi 19 Mukakaro 2013

Gufungura nabi biri mu bibangamiye gushika kw’iterambere rirama mu Bururundi na cane cane gushika kw’ihangiro ry’ikimpumbi ca mbere kugira ubukene n’inzara bituzwe. Kubw’ivyo, Uburundi bwarinjiye mu mugambi ujanye no gufungura neza bise « Scaling Up nutrition (SUN) » mu ntumbero yo gukwiragiza ibifungurwa bikwiye mu gihugu cose.

Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza uwo mugambi mu Burundi, mu gihe hari hatunganijwe inama yabereye mu ntara ya Ngozi, ejo ku munsi wa kane, igenekerezo rya 18 Mukakaro 2013, aho hari hakoraniye abashingamateka, abakenguzamateka, abashikiranganji, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, n’abandi betegetsi batandukanye, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ikibazo kijanye no gufungura nabi kikiri mu bibazo biraje ishinga Leta y’Uburundi n’abayifasha. Ni nayo mpamvu Uburundi bwahisemwo kuja muri uwo mugambi kugira bagabanye ubukene n’inzara mu Burundi.

Mu vyigwa vyakozwe n’amashirahamwe mpuzamakungu asanzwe akora mu bisata bijanye no gufungura, vyaragaragaye ko Uburundi buri mu bihugu vyo muri Afrika no kw’isi yose bifungura nabi cane. Ibitigiri bivyemeza bikaba bimaze kugaragara : nko ku bana bari munsi y’imyaka itanu, igitigiri c’abafungura nabi kiri ku bice 58 kw’ijana ku rugero rwa 40 kw’ijana cane cane muri Afrika.

Abana bakura nabi bari ku bice 57,7 kw’ijana ku rugero rwa 20 kw’ijana.
Kutarondoka biri ku bice 28,8 kw’ijana ku rugero rwa10 kw’ijana. Ivyo bafungura navyo, ku munsi, umuntu aronka amakarori 1600 ku rugero rw’2100

Kubura amaraso ku bakenyezi bageze kwibaruka biharurwa ku bice 19 kw’ijana.
Ibice 19 kw’ijana vy’abana bari hagati y’amezi 6 na 23 ni bo baronka bonyene imfungurwa zitandukanye.
Ivyo bitigiri bikerekana ko n’aho Leta y’Uburundi yagerageje gukemura ikibazo kijanye no gufungura nabi mu Burundi ibifashijemwo n’ayandi mashirahamwe asanzwe abufasha, igihugu c’Uburundi kiracabangamiye no kubura ibifungurwa hamwe no gufungura nabi ku bana bari munsi y’imyaka itanu. Ivyo bikaba biva ahanini ku bukene bufatiye ku mwimbu, kukutamenya ukungene bafungurira abana, ingorane y’isuku rike rituma abantu barwara, ntibanafungure neza hamwe n’igwirirana ry’abantu.

Kugira ico kibazo kiraje inshinga igihugu cose gitorerwe inyishu, Leta y’Uburundi yafashe ingingo yo kugabanya igitigiri c’abana bazingamikwa n’inzara. Iyo ngingo yinjira mu mugambi wo kurwanya kubura ibifungurwa hamwe no gufungura nabi, yashizwe mu migambi nyamukuru yo muri « Vision 2025 » no mw’ihangiro ryo kurwanya ubukenye, igice ca kabiri (CSLP 2).

Ku rwego rw’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, ari nabwo buraba ivyimburwa, uwo mugambi washizwe muri PNIA 2012-2017, umugambi ujejwe kurwiza umwimbu urama no kuronsa ibifungurwa bikwiye abatabifise na cane cane abasinzikaye cane kurusha abandi.

Leta y’Uburundi irizera ko ikibazo kijanye no gufungura nabi kigiye gukemuka, kubw’uwo mugambi utanguye mu Burundi, bakaba bawise« Scaling Up Nutrition (SUN) ».


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.