IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igihugu ca Somaliya kirakenguruka ibikorwa n’abasirikare b’Uburundi

Igihugu ca Somaliya kirakenguruka ibikorwa n’abasirikare b’Uburundi

jeudi 16 Gitugutu 2014

Ibikorwa biriko birarangurwa n’abasirikare b’abarundi bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya, birashimwa yaba n’amakungu eka ndetse n’abanyasomaliya.

Ivyo vyavuzwe n’umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, igihe yahabwa umubonano n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Abdiweli Sheikh Ahmed Mohamed umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, akavuga ko intagondwa z’abarwanyi ba al shabab ubu batakigira inguvu z’ukubuza ibikorwa muri ico gihugu. Avuga ko bariko bariyumvira gutegura amatora mu mwaka w’2016.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza rero akaba yiyemeje kuguma aterera mu gufasha kugarukana amahoro muri ico gihugu ca Somaliya. Ivyo akabivuga mu gihe n’Uburundi bwafashijwe n’ibihugu bibanyi kugira buronke amahoro ,inyuma y’indyane zari zimaze imyaka mu gihugu, abantu bicana ijoron’umutaga.


Aristide Nizigire

Messages

  • Arabura kutemera kuja kugarukana amahoro ahandi niwiwe hagikenewe abamufasha nigihugu ciwe cuburundi kiramunaniye ntamahoro ahari abantu barara ntibuca none akaja ngaho akiyemeza ngo azogarukana amahoro muri Somalia !!! Ahubwo barya basirikare bajanwe harira nibabazane bagarukane amahoro ngaha iwacu kubera gusa amahera abiba kumishara yabo nicogituma avuguko iminsi yiwe yamujanye nakumbure aryutwanyuma

  • Ndabaramukije amahoro.Ikikibazo caramaze kuba ica politike yuguhenda abantu none abasoda bari muri Somalie n,abarundi gusa,baguye gutera bagenda bonyene.....mwarumvise ko ata n,ibirwanisho bafise hama mugume muduhenda.vuge muti Somalie irashima ibikorwa bikorwa n,abasirikare bari kugarukana amahoro harimwo n,abarundi.

  • NTAMUNTU YITWA MVUZO YOVUG UKURI UDASHIMA IVY IGIHUGU CAKWIBARUTSE NIVYO MUNZU IWAWE NTUZOBISHIMA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.