Ishirahamwe SOS TORTURE rimenyesha ko mu kiringo c’indwi imwe gusa, abantu bagera kuri batandatu aribo bishwe, abandi nabo baharurwa mw’icumi bakaba bahagaritswe mu buryo butubahirije amategeko.
Mu cegeranyo ca SOS TORTURE co kuva kw’igenekerezo rya 21 gushika kurya 28 Rusama 2016, iryo shirahamwe rivuga ko muri abo bishwe harimwo intwazangabo y’umukukuruke mu gisirikare c’Uburundi yahoze mu gisirikare ca kera (FAB), Colonel RUFYIRI Lucien yagandaguwe imbere y’urugo rwiwe mu gatondo ko kw’igenekerezo rya 25 Rusama 2016, muri zone ya Ngagara.
Nk’uko iryo shirahamwe ribishikiriza, abadi bantu cumi bahagaritswe amategeko atubahirijwe muri komine ya Mugamba intara ya Bururi, hamwe no mu gisagara ca Bujumbura. Abandi bantu bagizwe n’abari mu nzego z’umutekano baraburiwe irengero, ishirahamwe SOS TORTURE rigatanga akarorero k’abasirikare batatu baburiwe irengero, hamwe n’intwazangabo iheruka kunyuruzwa muri zone ya Kamenge.
Colonel NDIKURIYO Jérôme, intwazangabo mu giporisi c’Uburundi yanyurujwe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, abo bantu bakaba bamutegereye ariko arataha, ageze muri zone Kamenge, hafi y’aho bita kuri Gare du Nord.
@igiceri tari.