IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Stromae yatawe muri yompi n’abajejwe umutekano i Khartoum

Stromae yatawe muri yompi n’abajejwe umutekano i Khartoum

dimanche 3 Munyonyo 2013

Imbere y’uko yitegurira gusohora urukurikirane aherutse gukora, ari mu rugendo i Khartoum mu gihugu ca Soudani, aho yitavye inama yo kugarukira indero y’abigeme, umuririmvyi rurangiranwa Stromae yatawe muri yimpi n’abajejwe umutekano i Khartoum aho yari mu rugendo.

Nk’uko rero akunze kubigira iyo ari mu bisagara, Stromae ariko agenda i Kartoum, yaciye yiririmbira indiririmbo yiwe « Formidable » izuba riva hagati mu gisagara. Asa n’umuntu aborewe, aririmba atuka abahita, yifatira mu gahanga abakobwa ko ataco ariko arabasaba. Ati: "Ntimwibaze ko ndiko ndabaresha, eka da, kandi rero ndi umusore".

Wewe yibaza ko yaryoheye abahita cane, ahubwo yaciye atabwa muri yompi n’abajejwe umutekano b’igihugu ca Sudani, aca apfungirwa mw’ibohero, aho yagiriwe n’icaha co kuborerwa ari mu kibanza gicamwo abantu benshi.

Ubu rero, abategetsi bo mu gihugu ca Sudani n’Ububirigi igihugu ciwe bariko bagerageza kwumvikana kw’ihadabu Ububirigi bwotanga kugira Stromae arekurwe.
Umutegetsi w’Ububirigi yabwiye ikinyamakuru « Figaro » ko Stromae ameze neza, ariko ko bibabaje kwumva ko apfunzwe.

Umuririmvyi Stromae azwi cane mu ndirimbo nka Ou t’es, Papaoute


Sherif Nkenshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.