Sylvestre NTIBANTUNGANYA yerekanye ico ubwicanyi bw’indongozi bugamije

Yanditswe na IGIHE
Kuya 26 avril 2016 saa 12:24
Yasomwe : 141516
0 0

Mu gihe kingana n’amezi abiri gusa mu Burundi, hamaze kwicwa abasirikare n’abaporisi bakuru barenga icumi, abasesenguzi muvya poritike hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu bagasanga ubwo bwicanyi butoranya, akaba aribwo bubangamiye Uburundi, igihugu cakwije kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2016 umwaka kiri mu ndyane za poritike.
Iyicwa ry’abasirikare n’abaporisi bakuru ryiyongera ku banysgihugu b’inzirakarengane bagera ku 400 bamaze kwicwa, nayo abagera ku bihumbi 400 (...)

Mu gihe kingana n’amezi abiri gusa mu Burundi, hamaze kwicwa abasirikare n’abaporisi bakuru barenga icumi, abasesenguzi muvya poritike hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu bagasanga ubwo bwicanyi butoranya, akaba aribwo bubangamiye Uburundi, igihugu cakwije kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2016 umwaka kiri mu ndyane za poritike.

Iyicwa ry’abasirikare n’abaporisi bakuru ryiyongera ku banysgihugu b’inzirakarengane bagera ku 400 bamaze kwicwa, nayo abagera ku bihumbi 400 bahungira mu Rwanda, Uganda, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, hamwe na Tanzaniya.

Mu kiganiro yagiranye na Radio Isango Star ikorera mu gihugu c’Urwanda, Sylvestre Ntibantunganya yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, yasiguye ico ubwo bwicanyi bukorerwa abaporisi n’abasirikare bakuru bwoba bugamije.

JPEG - 102.1 ko
Sylvestre Ntibantunganya yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi

Sylvestre Ntibantunganya asanga ubwo bwicanyi bushingiye ku kwihorana kw’impande zihanganye mu Burundi, kuko nk’uko yabishikirije, iyo hishwe uwushigikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, hakurikira uwahoze mu gisirikare ca kera.

Ntibantunganya Sylvestre asigura ko kwica abasirikare n’abaporisi bakuru ari ikimenyetso c’uko Uburundi buriko bwinjira mu bihe bigoye, kandi hatabonetse abagabo borondera vuba umuti w’ibibazo bihari, bizobandanya kwiyongera.
Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu agasaba indongozi za gisirikare hamwe n’indongozi z’igihugu, ko bokora ibishoboka vyose ubwo bwicanyi buhagarare, kuko bushobora gutuma igisirikare cose gisubiranamwo.

Sylvestre Ntibantunganya abandanya avuga ko umuti urama w’ibibazo bihari ari ibiganiro bitegekanijwe kuri uwu wa 2 Rusama 2016, hagati ya Reta y’Uburundi n’abatavuga rumwe nayo.


Kumenyekanisha

1
KORODE 2-05-2016 à 18:52

EWE !!PETERO.NKURUMBI.SHA.UBUNYENE.WUMIRE.KUBURUNDI.NKUKO.MENGO.NUBWASO.NANYOKO.VAKO

2
Kingi 30-04-2016 à 22:18

Ewe Mana Tabara Ajenje Umutekano Ntibasubiranemwo Nahubundi Igihugu Kigeze Ahetemba

3
Al 29-04-2016 à 20:53

Yewe Nahima

4
Muswati 29-04-2016 à 16:02

NTIBa baramukorofye mu mutywe..!! Mbe aja yibagiwe ko yatewe amavyi kandi ko bari bamwisi "iboro" , ukuvuga akanymwaswa bagomba gukerera. Uribagiye ko abo bariko baragandagura abakuru mu gisikare n’igipolisi ari nabo bakwirukanye ku butegetsi nk’imbwa y’insuma àdéfaut yo kukungandagura.

5
DAVID NIYONGABO 29-04-2016 à 07:34

banyita david jewe mbona ko harimwo abagomba guta mukanga igihug cac arik yehova arabiz kand arashobe kubihindura vyos

6
BIZIMANA CLAUD 28-04-2016 à 14:43

HAMWE NKURUNZA ATOKWITABA IGANIRO YOBA ASHAKA GUKWEGERA ABARUNDI NABARUNDIKAZI ?

7
cakira 27-04-2016 à 20:05

sokwe,sokwe barundi !soma Umutware yariye amavy ?ndaguhaye NTIBA

8
cakira 27-04-2016 à 19:56

sokwe,sokwe barundi !soma Umutware yariye amavy ?ndaguhaye NTIBA

9
Sherif 27-04-2016 à 17:30

Mbe Ntiba, wewe ubukwiriye kwibera senateur àvie utakokeza, urabe ba Bagaza, Buyoya bari numiye ntajambo ubuvako kiretse wewe n’abandi basa na wewe !!! stupide !!! umenye yuko atakibaza co kuba president ufise.

10
juma 27-04-2016 à 12:30

oya iyo ngendo yo kwitwara nk’udusimbirahamwe turayisuzuguye gose.abantu b’abagabo kwama mwashihanye burya ntibibatera isoni ?igihugu n’iciwacu,twese turi bamwe.oya ni mugezaho abapfuye baramaze.burya ngo ingwano y’ibihori inezereza ibisiga.mugumye mumarana kandi muri bamwe,abansi bobo baguma bihera iryinyo.ganire nk’abantu bakunda igihugu,bakunda amahoro n’ubumwe bw’abarundi.

11
roger 27-04-2016 à 10:04

Umuntu yatewe amazira ntoke ntajambo afise avuga mugihugu kirimwo abagabo.Igihe coguterwa amazira ntoke ntikizogaruka nimba yaramuryoheye.

12
Kibwa ndarushe 27-04-2016 à 07:08

ubwo bwicanyi uwobuhagarika ni reta y’uburundi kuko niyo izi abica abandi naho yitez’utunyoni

13
annociate 27-04-2016 à 06:50

karashize ingani abarundi tumure nk’ubukara buhigwa na bwo bugahigana ?

14
Marc nziko 26-04-2016 à 23:29

None GA yemwe nkuwo yatwaye u Burundi mubona yoduhanura iki .uravye n igihugu yahungiyemwo ico kiri kugufasha muraraba neza nawe nyene ari kurondera aho yoba kabiri bavuga NGO ntawuhungira imvura mumuvo nkatwe abanyagihugu nyacizere nagito twoba tukimufitiye nivyiza ntaniciyunviro cuwo yigeze gutwara zuburundi tukimufitiye murakoze.

15
... 26-04-2016 à 23:18

MBEGA UMUGABO !! ARASA NEZA NEZA NKA BA MY FRIEND BO MUKINIGI

16
[email protected] 26-04-2016 à 22:39

arik muze mutumenyesh nibind.

17
jean Bo 26-04-2016 à 22:04

Ntibantunganya we warashaje umenye neza irwanda urimwo kwatari nku gwa HAVYARIMANA igihe waruhungiramwo 72 biratandukanye cane kandi umenye neza n,uburundi ko butameze nkomuri cagihe bagutera amazira ntoki uvyibagire cane wewe bagutembagaje uri hagati mugihugu uruhukira muri ambasade uwundi barihemanga bagomba ngo bagomba gutembagaza ubutegetsi bwitorewe n,abenegihugu arihanze y,igihugu muravyina nawewe ntiba urimwo munwa amachampagne .musanga amase yakera ntagihoma urutaro baraguhenze nuko uyerera ushaje muga umenye kowabaye president udatowe kuko ntajwi narimwe woronka wewe nuwoshiraho ibuye ryitirigwa CNDD FDD ryogusumvya amajwi ikubite agashi uve ibuzimu uje ibuntu .

18
NYISHU Orginal 26-04-2016 à 21:55

Kura amatama ngaho umengo nay’igikere,uwo munwa wabaye iki ko uvyimvye ?

19
NYISHU Orginal 26-04-2016 à 21:54

Kura amatama ngaho umengo nay’igikere,uwo munwa wabaye iki ko uvyivye ?

20
NYISHU Orginal 26-04-2016 à 21:48

Kura AMATAMA ngaho umengo nay’IGIKERE,muza murica ABATWARE ngo murabe ko hotinda hakaba IBIGANIRO ?Mugifise ako gatima k’ubwicanyi nta vy’ibiganiro,ahubwo tahuka wubake IGIHUGU cawe utaricwa n’iyo ndwara ikuvyimbisha ayo manwa,canke n’urudyo rubi rwo mu buhungiro bwo kwa KAGAME ?Hoooooo !!!wagiye mutama !ni wihangane peeee !!!

1 | 2 | 3
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha