Accueil > Amakuru > u Burundi > Tabu Abdallah MANIRAKIZA yahinduriwe amabanga
Tabu Abdallah MANIRAKIZA yahinduriwe amabanga
dimanche 27 Ntwarante 2016, par
Tabu Abdallah MANIRAKIZA yahora ari umushikiranganji w’ikigega ca Reta niwe agiye kuba icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe CEEAC (Communauté Economique des Etats d’Afrique Centrale).
Ico kibanza cahoramwo Clotilde Niragira aheruka kurangiza ikiringo ciwe. Tabu Abdallah MANIRAKIZA azotangura icese ayo mabanga mu kwezi kwa gatanu 2016, ariko izina ry’uwuzomusubira mu kibanza yahoramwo c’umushikiranganji w’ikigega ca Reta y’Uburundi rikaba ritaramenyekana.
- Tabu Abdallah MANIRAKIZA yahora ari umushikiranganji w’ikigega ca Reta
Ishirahamwe CEEAC (Communauté Economique des Etats d’Afrique Centrale) rifise icicaro mu gihugu ca Gabon, mu gisagara ca Libreville, rikaba rigizwe n’ibihugu cumi arivyo Angola, Burundi, Cameroun, RCA, Congo, RDC, Gabon, Guinée équatoriale, Sao Tomé et Principe hamwe na Tchad.
IGIHE
Messages
27 Ntwarante 2016, 11:42, par Emile Sinzumusi
Clotilde Nizigama ntari muri CVR.
27 Ntwarante 2016, 14:46, par Avec
Komeza uhezagirwe nyakwubahwa Abdallah Tabu.
27 Ntwarante 2016, 15:40, par big
genduturoderere amahera mutama komera
29 Ntwarante 2016, 00:41, par GT
Niragira Clothilde agakora iki?
29 Ntwarante 2016, 18:36, par james
ninda yiwe aronderera mugabo agend avavanuye namanyanga yakorera ino nahubundi bazomwirukana nka kumwe bahora bagira abasirikare baja muri mission za onu bagiye basize bakoze amanyanga