Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tabu Abdallah Manirakiza:Ntituzosubiramwo amafaranga Reta izokoresha muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Tabu Abdallah Manirakiza:Ntituzosubiramwo amafaranga Reta izokoresha muri (...)

Tabu Abdallah Manirakiza:Ntituzosubiramwo amafaranga Reta izokoresha muri 2015

vendredi 31 Mukakaro 2015

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Tabu Abdallah Mnairakiza amenyesha ko isubirwamwo ry’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2015 ritazoba nkuko vyahora bigenda.

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Tabu Abdallah Manirakiza amenyesha ko gusubiramwo amafaranga Reta izokoresha bitazoba kubera amatora yatunganijwe na Reta y’Uburundi,kandi bizohura n’isubirwamwo ry’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2016.

Tabu Abdallah Manirakiza amenyesha kandi ko mu gihe hoba ikibazo mu bijanye n’amafaranga Reta ikoresha,amategeko atanga uburenganzira ku mukuru w’igihugu n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta gutora bwo gutorera inyishu ico kibazo.

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta arangiza ahumuriza abakozi ba Reta bose ko imishahara yabo izoguma iboneka uko ukwezi guheza.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.