IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Tanzanie : Abarundi bari bamaze imyaka mu buhungiro bahawe ubwenegihugu

Tanzanie : Abarundi bari bamaze imyaka mu buhungiro bahawe ubwenegihugu

mercredi 15 Gitugutu 2014

Abarundi baharurwa mu bihumbi 162 bari bamaze imyaka 42 mu buhungiro mu gihugu ca Tanzaniya mu birwati vya Katumba, Mishamo na Ulyankulu bahawe ubwenegihugu bwa Tanzaniya. Reta y’Uburundi imenyesha ko yakiranye umunezero iyo ngingo, kuko yerekana ugushigikirana kwamye kuranga Tanzaniya n’Uburundi.

Mu nama y’abagize urwego nshingwabikorwa mw’ishirahamwe ryitaho impunzi HCR yaheruka kubera i Genève ku genekerezo rya 29 Nyakanga gushika kurya 3 Gitugutu 2014, abari baserukiye igihugu ca Tanzaniya muri iyo nama barashikirije itangazo ry’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, Jakaya Mrisho Kikwete, ryavuga integuro y’uguha ubwenegihugu abahora ari impunzi z’abarundi baharurwa mu bihumbi bibiri, bamaze imyaka igera kuri 42 muri Tanzaniya, ubu bakaba bari mu birwati vya Katumba, Mishamo na Ulyankulu.

Iyo nteguro yabaye ingiro kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 14 Gitugutu 2014, abahora ari impunzi z’abarundi bagera ku bihumbi 162 akaba aribo bahawe ubwenegihugu bwa Tanzaniya bubaha uburenganzira bwose bufise umunyagihugu wa Tanzaniya.

Mw’itangazo ryasohowe na Reta y’Uburundi, Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi amenyesha bashimishijwe n’iyo ngingo y’igihugu ca Tanzaniya y’uguha ubwenegihugu abahora ari impunzi z’abarundi, bari basanzwe bakiba mu makambi y’impunzi. Muri Reta y’Uburundi bakibutsa ko Tanzaniya ari kimwe mu bihugu bibanyi vyakiriye impunzi nyinshi z’abarundi kuva amagume atanguye mu Burundi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.