Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Tanzaniya: Diamond asomana na Zari mw’izinga ZANZIBAR ku munsi (...)
Tanzaniya: Diamond asomana na Zari mw’izinga ZANZIBAR ku munsi w’abakundana
vendredi 20 Ruhuhuma 2015
Diamond abandanya yerekana ko urukundo bafitaniye na Zari ruriko rushinga imizi inyuma yo kuvana na Wema Sepetu. Ku munsi wa "Saint Valentin" Diamond na Zari bari mu birori amwereka ubwiza bw’izinga rya Zanzibar.

Inyuma y’iminsi mikeyi Diamond asezeranye mu rukundo n’umukinyi w’amareresi Wema Sepetu kubera vyavugwa ko uwo muririmvyi yoba asigaye akunda n’Umugandakazi Zarinah Ntale hanyuma urukukuru rukaba inkuru, abo babiri(Diamond na Zari)bari mu rukundo rushushe. Ku munsi wa "Saint Valentin" bariko batembera mw’izinga rya Zanzibar.
Diamond ati:" Ntiyari bwigere abona ubwiza bwa Zanzibar ari naco gituma namutwaye kugira avyibonere". Baboneka ku mafoto baryohewe, basomana, bagendera mu miduga itanga umuyaga,eka umunezero ari wose.
Inyuma yo kumutembereza i Zanzibar, hari amakuru atangwa n’ikinyamakuru Kibonajoro.com avugako Diamond yaraye amuguriye imigufu bambara ku maboko no ku ntoki (Chainette et gourmettes) vy’inzahabu.
- Ifoto yavuye kuri: Kibonajoro .com
Mwomenyako mu magenekerezo ya 12 Rhuhuma, Zarinah Ntale yariko aronderwa n’igipolisi co muri Uganda yagirizwa kuba yashize ahabona amasanamu(Videos)y’ubusambanyi(pornography) maze akazikwiragiza ku mihora ya Facebook na whatsapp.





Cherif Nkeshimana
Messages
20 Ruhuhuma 2015, 11:36, par #########
Jewe nama ndaba ivyo uyu mu menyesha makuru yandika bikansiga. Mumbabarire munyishure, aha arahembwa mubandi ko nama mbona yandika ibintu bitagira umutwe n’amaguru gusa. Est-ce que kutubwira ko umuntu n’uwundi basomanye, iyi ni inkuru? Kuva tuvuka tubona abantu basomana kandi tumaze kubona benshi, munzira aho duca hose turabona abasomana, none iyo nkuru yawe qu’est-ce qu’elle a comme nouvel? Jewe ntwara igihe.bi uyumuntu nomurungika muhira kuko ntagira ico akora. Jewe imisi yose mbonye ivyo yanditse mbona umenga ni surcharge ya site canke ngira ni aka nouveate k’urwanda? Twebwe mu Burundi iyi si inkuru kandi ivyo yandika vyose ntakamaro na gatoyaaaaaaaaa bifise.
20 Ruhuhuma 2015, 12:17, par burundibwacu
ww wa muntu wiyita ## iyo udatahura ibintu bureka gutukana, mbega kubigya kandi wabisomye?abo babisoma ubita ibijuju?mbega amakuru ni poltiqu gusa?iyo rero udakunze ikintu bureka gutyozanya kuko ivyo ukund sivyo bose bakunda
21 Ruhuhuma 2015, 04:33, par Nuwera
None uyumwanditsi iyoyagenda mwi sengero, mumusigiti, akadufatira ifoto yumushehe, padiri, pasitoro, bafashe za bibiriya, nazakorowani, maze akadushiriraho nicamake yijambo ry’Imana bigishije ntivyarikuba akarusho?.
21 Ruhuhuma 2015, 08:17, par world
Nonega yemwe, ibi navyo ngo nibiki??? Jewe ubutumwa mushatse kuduha mur’iyi nkuru ntabwo ndamenya; ngira ngo iyi yari introduction hanyuma inkuru muzoyishirako ejo. Muratanguye kutwereka ko murushe namwe. Muratubwirira abo banyarwanda bati abarundi bakunda inkuru z’igihugu cabo n’izabarundi iyo bari hose, bati izo zaba Diamond nazo bazishire kuri page yabo.
21 Ruhuhuma 2015, 08:28, par kabk
Jewe vraiment ndabona uyu mwanditsi si umumenyesha makuru. Jewe ndamukuye kuko ndamuhaye -50/100. Azogaruka gushikiriza amakuru arose n’imiburi buri 75/100. Aratoba amakuru.
23 Ruhuhuma 2015, 15:48
birumvikanako mukunda igihugu n’ Imana reka bibe birtyo bene data mukund Uhoraho Nawe Azoshitsa Ivyiza Abashakira"amen
4 Ntwarante 2016, 21:56, par Nkurunziza Shariff
None Ayomashusho Nubu Ariho Vyoba Arivyukuri?
4 Ntwarante 2016, 22:00, par Nkurunziza Shariff
None Ayomashusho Nubu Ariho Vyoba Arivyukuri?
3 Rusama 2016, 09:10, par Siriak
Diamond.Yoba.Afise.Abagore.Bangahe.?
12 Myandagaro 2016, 22:28, par FABIEN MINANI,
REKABAPFUBAHAMBABABOBAPFUYE.NIMUREKEKUMURIMISAYAKUKO DIAMOND ARASHOBOYE.
13 Nyakanga 2016, 14:24, par Jules Platinumz
Nibirambire Kweli
3 Munyonyo 2016, 17:42, par Niyonkuru
Twara Bahinyuye Muraduhenda Canke Nibagirebirabaraba
8 Nzero 2017, 20:06, par NZOKIRA
nukuri diamond ararengeje kurya ikirori nukuri biraryoshe
15 Nzero 2018, 22:01, par ndayishimiye Rodrigue
Andika hano.Sha vraimet baragow?