IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Tanzaniya yerekanye ko ishigikiye irungikwa ry’abasirikare ba MAPROBU mu (...)

Tanzaniya yerekanye ko ishigikiye irungikwa ry’abasirikare ba MAPROBU mu Burundi

lundi 11 Nzero 2016

Umushikiranganji w’imigenderanire ya Tanzaniye n’ayandi makungu Augustine Mahiga yavuze ko ashigikiye iciyumviro c’inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,co kurungika abasirikare 5000 mu Burundi.

Mu gihe Augustine Mahiga yabonanye na Nkosazana Dlamini Zuma arongoye ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, ikinyamakuru Daily Nation camenyesheje ko abo barongozi babiri bavuze ko icokorwa kugira ibibazo biri mu Burundi bihere,ari uko Reta y’Uburundi n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bokwumvikane kugira harungikwe abasirikare bofasha kugarukana amahoro.

Uko ari babiri, bose bavuze ko ibibazo vya Politike biri mu Burundi kuva bimenyekanye ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azokwitoza kurongora igihugu ku kiringo ca gatatu ,bishobora kugira ingaruka zikomeye mu karere.

Reta ya Tanzaniya ibaye igihugu ca mbere kiri mw’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EAC kimenyesheje ku mugaragaro ko gishigikiye ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rirungika abasirikare mu Burundi bo mu rwego rwa MAPROBU.


IGIHE

Messages

  • Mwari mwaratevye gushikiriza ahomuhagaze kukibazo cokuzana abobasirikare, ni bindi bihugu nibifatire kukarorero ka Tanzania nibind bihugu bimaze kwerekana ahobihagaze. nibakoruko bashoboye bagondoze Nkurunziza nakarwi kiwe bomere iyo ngingo ya fashwe ni ryo shiramwe rya Afrika, banse bafatirwibihano bikomeye.

  • oya komwumva murabagabo nabagore muzoze muzananye nazo niho muzomenyako rutitaha. karibu turabarindiriye kandi munyaruke, 5000 nibake kuko ntituzokwirwa nimubongereko nimiburibi nka 20000.......

  • abatanzaniya bamye ari abashingantahe. ibindi bihugu sinzi ico birindiriye! kandi bitegure kuza kunguvu batabare abanyagihugu leta itarabamara kuko, umugaba iyo ariko araktbita umugore n, abana yiiyugaranye, ababanyi bararekuriwe kumena urugi bagatabara. ntamuntu rero arekuriwe kuniga umugore canke abana ngo ni rwiwe.

  • Nibanyaruk gutabara.kuko bamaz abantu.menga nimpen bajana kumacuniro.uwubatuma ntamutima wubuntu yifitiye!

  • Nkuru mbaya apigwe tuuuuuuu!!!!!!

  • kwisi ibijuju biragwira bwabundi kwiga sikokumeny ubwenge.mbega nawewe urumuntu wumugabo urakorera kumohe yumugore?twebw abenegihugu turabarindiriye muzobarungike tubasye ahubwo mwenuwomukecuru abarimwebwe muzobajimbere tuzobahirumuti mwese murikumwe

  • NUKURI TANZANIYA TUBAYE TURAYISHIMIRA CAAANE KANDI KIKWETE ATOKWAKIRIYE IGITURIRE CA PETER NAMATORA YARI KUBA MEZA NTITUBA TUMAZE KUBURA ABANTU BANGANUKU KWOSE!! NUMUKUNZI WANJE ADOLPHE AKAJAMWO!!!

  • Tanzania oyeee m23 apigwe Congo hata burundi Congo burundi Tanzania peace garden

  • JEWE MURAMBABAZA CANE KUBUGUGU MUFISE NKUYU NGO MUZOMUZO NUYU YIYITA IRIGATISHENYO MWEGE MWAVUGA MWAREKA TURAHA TUZORAB ICOMUSHIKAKO NABOBANYAMAHANGA BANYU INKONA NTIYARUZWA TURABARINDIRIYE TUBAKUBITIRE HAMWE KANDI MUBE MWISONERA NKURUNZIZ ARABASUMBA IKINDI NACO NTANAKIMWE MUZOSHIKAKO NDABARAHIYE

  • aba ba dd bigira abazi kurasa gusumba abandi.bazihend basohor narumw barubarish.mbega uwo nkuru yasumba kadfi?nimumuduher ya quinine mwaha kadafi.niho nabambarira biw bobona kovyos bishoboka.

  • Ndabumviriza nkumva ndababonye komwaburaniwe! None iyohagize igihugu gitanga iciyumviro komengo bamunoho nabasindumuja bacaberekwa babashikirije igihugu batarinzeguca mumatora? Ndababwizukuri abibasirikare ntibazoza , baramutseje kugumvu nobabwirako ibara zizobariguye kuko nambabazibomiye mujeri ububica umuntu umwumwe kumusi , bariyabasirikare mvamakungu baje hazopfa abantu benshi birenze urugero ariko ntibakaze igihugu kirafise beneco .

  • muzogeza ryari kwifuriza igihugu cacu ikibi? urucira mu kaso rugatwara nyoko.ayo makuru mwahinduy’uko mwishakira muziko tutaz’uko yavuze. it is better to correct yourself, you rwandais!

  • NYOMBA AUGUSTINE NA DRAMINI BAKENEYE ABO BASODA NIBABATWARE BACUNGERE IMPANGO ZABO NAYO KUBAZANA MU BURUNDI VAKO TUZOBAMENA IMITWE.NONEHO UWUSHAKA URUPFU ASOMA INGWE NIBAZE!

  • Ivyo ntawufise umutima abona abapfa nk’impene kumacuniro yovuga ko inteko zidakenewe uretse uwubica. Kuvuga ko vyotera ikibazo c’ubutegetsi buhari burwanywa twibaza ahubwo ko ariho boronka uruvugiro kuko biraboneka ko impande zose atawurekura. Hakenewe rero uwubanguranya kugira ibibazo vyirwe atamaraso ariko araseseka

  • NDABAZA KUVA 72 -93 NTABARUNDI BAPFA?ZA?HARABUZE NARIMWE ISHIRAHAMWE RY’UBTMWE BWA AFRICA CANKE ONI BIBONA ABAPFA? VYAKOZE IKI?KANDI MURIYOMYAKA HAPFA INZIRA KARENGANE BABAHORA MAZURU,IYO MUVA ABAPFA MUBURUNDI MURAHARERE UBURYO BAPFMWO ABENSHI NABIYAHURA UMAZE GUHABWA GRENADE CANKE INKOHO NTUZI NINGENE BIKORESHWA UKEMERA KUBA IKIRARA CABANYE POLITIKE NTAKWIYAHURA KURUTA UKWO.

  • Jewentaconovuga.Kuko.Umenganukuduhendagiza.Nzogiriconvuzenbonyebaje

  • NIBAZE BAMUTOZE INTOKE

  • Jewe Ndiyuko Izo Nteko Bozirungika Vyihuta Umutekano Ukagaruka Mugihugu Cuburundi

  • MWEBWE MWESE MUGANGABUKA KO MUZOGWANYA INTEKO MVAMAKUNGU MUMBABARIRE NDABASUZUGUYE KKO MURIBITAZI EKA MURAROTA RIVA MBE MUTERUBWOBA BANDE?? TANGE AKARORERO KWISI NZIMA IGIHUGU CABAGWANIJE KIKEREGWA!!!! MWEBWE NAGAHUGU KANYU GAKENE MUBIGWANISHO MUMAFARANGA NIBINDI, MWOKWIHANGA TANZANIA NIBIGWANISHO BAFISE NAHO MWOGURISHA UBURUNDI BWOSE NTAVYO MWORONKA TUBE TURAREKA AMAKUNGU!!!! IKIMONYO MUGUPFA KIRAGURUKA KWERI!!! UWIBAZA KO AZOGWANA AGATSINDA ARUSHWUBWENGE N’UMUSAZI!!!

  • L’envoi de troupes au Burundi ne va rien résoudre, je préférerais que les Burundais se mettent autour d’une table et résoudre leur différents. Souvenez vous que malgré la présence de la MINUAR, près de 1000000 de personnes ont été tuées au Rwanda, malgré la présence de la MONUSCO en RDC composé de 20000 hommes, au moins 6000000 de Congolais ont été massacrés sans intervention aucune.
    Burundais, la sécurité de votre pays est entre vos mains et non entre celles des Nations unies, moins encore entre les mains de l’union Africaine. Si vous ne le savez pas, demandez les Congolais ou a Beni les gens sont entrain d’être massacrés comme des mouches malgré la présence de 20000 casques bleues des Nations Unie (MONUSCO). Ces troupes seront la entrain de circuler dans des belles Jeeps, coucher avec vos filles et femmes, observer les massacres des paisibles citoyens Burundais sans interventions aucune. demandez les Congolais, ils vous donneront beaucoup plus d’explications. Barundi, mwibuke ko bacumugani ngo Ico dupfana, kirut, ico dupfa. Nimwicare muganire, nah’amakungu ntaco aza kubamarira. Harakabaho Louis Rwagasore waharaniy’Abahutu n’Abatutsi, harakabaho Republika y’Uburundi.

  • Hahahhh, ona hii rofa inajita Hitimana Mathias, ba rwandais ndo bariandika hii habari? Acha burofa we

  • Abanyarwanda muratwenza, ivyomurose vyose muca mushira kuri internet? N’ubu ntimurikangura? Muracarota muhangabanya uburundi lol

  • Ntangazwa n’abarundi mbona baba bandika ngo bazorwanya inteko z’africa. nAshaka ndababwire ko ntabushobozi dufise, nta gihugu na kimwe co mu karere turusha inguvu za gisirikare muvyemere canke muvyanke niko bimeze!! ahubwo tutitonze bazotumesa aribo!!!!!!!

  • nkuriya wiyita ngo hitimana azi urwanda ko rugereranywa nabo??? cyangwa ntaruzi??niba utazi no kubona ntunamenya kumva namateka?? mwebwe ntanubwo twarwana namwe usibye ko wenda twakohereza DASSO ubanza ariyo mwanganya, cyangwa se tukaboherereza wenda DEMOBS ariko nabo bafata umujyi wanyu mumasaha make.so, mubanze mushinge mbere yuko mubyina

  • mbega’cndd,konzibahokerabazikubonakurentibarabonakobamazekwisamburirako?poorenisanadd.mwafash,ibicocoromurirukana,ibindimucishakubuhomba(hh)nintangontacomurabona.kuberindazanyu.manadufashe.

  • MBE MWARIMUZI KO IZINDYANE ZOSE ZIHAYE ZIVA KUCAHA COKUTAGONDWA!?JW MBONA MWOZA TUGAHINDUKA!ATARUKO NAKO MWITEGE GUHEZA NKA GAHINI!!

  • Ariko none icotuma batorungikwa coba ar’ igiki. Ko baja kuma radio ngo beretswe ariko Imana bayihinduy’ inyabinyoma? abantu Ko bbagiyeguhera mbega uwuzotwara azotwa imiryango yabo yonyene? Ibisagara ar’ imisaka imisozi itagira ikiyibako mbega intwaro z’ iminsi yanyuma ntizigitinya n’ Imana. IMANA irahana kandi IRICA abimitima ikomeye nka Sauli na farao kandi bible iravuga iti abantu ruburakigongwe se wabo ni Farao. Ubutware budahera nubw’ I mana abantu nukubisikanya kuko umusomyi sumwe mugihugu. Kurogota kutuntu canke ku mana canke kiri Yesu biroroshe Ariko MPWEMU YERA ukabeshara spirt mpweyera ko bi babaje. Ahubwo uwukora areke kuvuga ivy I mana kuko hamwe yururutse amarira azoba ari menshi. Weretswe mukuri canke muzindimana niho ukuri kwabanyakuri nabanyakibi biroca biboneka

  • aho rero yagiye muri africa yepfo barahejeje gusambana nuwo mukecuru aciye aza asarira kubarundi. nasarire muri zanzibar kungorane ziriyo twebwe abarundi atureke.

  • tanzaniya irabahenda irashaka kuza gufyeta babandi bose batavuga rumwe na leta nkakurya bagenje M23. iriko irarondera iciraka cabasoda bayo. babandi bari za uvira bose kwaheri mambo kwisha niba MAPROBU igeze bujumbura.

  • uyo birazwi ko yahawe amafaranga, mbe ni kuki yari yavyanse mbere ubu akaza kuvyemera nyuma yumubonano wabariya tutavuze izina aaahhhaaaaa! NTAWINJERA MUBURUNDI NEVER

  • Nimubajane Muri American Niho Bikomeye Aho Obama Vyamutaye Kuwamazi Kwaka Ibigwanisho Ababitunze Batabifitiye Uruhusha!Twebwe Ingabozacu Zirashoboye

  • tanzaniya nibiyambere koko ninay yambere mubihugu vyakarere mukubirimwumutekano nigihugu rero cabashingantahe atariki cacu bita ngo kirimwabagabo.nibindi nibiterintabwe tuve mwiyintambara.

  • mbega mur 93 igihe abari kubutegetsi bica abanyagihugu baheza bakaza barahamba abantu 60 mukinogo kimwe oni ;ue barihe? ubu aba terroristes bateye igihugu niho babonye ko bakwiye guhaguruka?

  • Ivyubu biratangaje nyobewe kwarumukino wabana canke... Bamqe banka mandat ya3 nabobageze kuya5
    Bamwe igihugu cabo gicumbitse utugwi dutera uburundi kumugaragaro ariko kaba akamizwe ningoma.tuvahe tukajahe?

  • namba tanzania ishigikiye ico ciyumvi ko itahagurutse mbere bigishuha ubu niho ikibona ko vyoba vyiza?mbe abo bavugako bagomba kurungika abo basirikar kumanda yagatat niho bakibona rero uburund bujamubibazo kuva kuri babuyoya twumva abantu bapfa bazi ibintu bidasobanutse barihehe ubu niho babona ko bakeneye kuzana amahoro muburund nibatureke imana yamye iturinda ntahiraja izokwama iturinda

  • abo biyita ngo ninteko ahogutekera igihugu cabo barazaneza tuzo bakorerako ntagisivya

  • GUSA BIRAGOYE KWUMVA INGENE AMAKUNGU ARAZWA ISHINGA NUKUZANA ABASODA MVAMAKUNGU MBE 61 ,65,72,88,93 KO BATABAZANYE NTABARUNDI BAPFUYE NGWIHONYABWOKO MBE KUBERAKO HAPFA UMUTUTSI NIHO BASHAVURA UMUHUTU APFUYE NTANGORANE UZI ABAHUTU BISHWE 88 NTIHAGIRE INTEKO ZIZA ARIKO UBU ZIRAKENEWE MBE UMUNTU ATEYE IKAMBI BAKAMWIVUNA ACA AVUGA KO HABAYE IHONYABWOKO?

  • Abavuga ko bazorwanya izonteko ndabita abasazi kuko uburundi bwoba buhejeje kuba nka somaliya biragaragaye ko dutwagwa nabihevyi atamahoro bashakira abarundi boba batandukaniye he na al-shababu atakibi wiyagiriza ntiwokwanka izo nteko nabuyoya bagiriza ubwicanyi nigandagurwa rya ndadaye yaremeye ko miobe iza muburundi gusa nosabako mutodukwegera ivyago nkibiriko bishikira abasomalie

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.