IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Telesphore Bigirimana: "Amazina y’abahohoteye Esdras Ndikumana agiye (...)

Telesphore Bigirimana: "Amazina y’abahohoteye Esdras Ndikumana agiye kumenyekana"

vendredi 14 Myandagaro 2015

Urwego rw’igendereza mu Burundi ruriyamiriza ihohoterwa ryakorewe umumenyeshamakuru w’iradiyo y’abafaransa RFI n’itorokanirizo ry’amakuru AFP Esdras Ndikumana .

Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abafaransa RFI,inyuma y’amasaha make ibiro vy’umukuru w’igihugu bihejeje kwiyamiriza iryo hohoterwa,Telesphore Bigirimana avugira urwego rw’igendereza yavuze ko batera ivyatsi uburyo Esdras Ndikumana yafashwe kandi asanzwe ari umumenyeshamakuru basanzwe bakorana neza kandi ashikiriza amakuru akoze neza.

Telesphore Bigirimana yavuze ko hari ivyamaze gukorwa ku bantu bahohoteye uwo mumenyeshamakuru,kandi ko vuba cane bagiye kumenyesha ibindi bigiye gukorwa burundu.

Ku bijanye no kumenya nimba ababikoze bamaze kumenyekana,umuvugizi w’urwego rw’igendereza yavuze ko bamaze gushiraho umurwi uzofasha kwerekana ababikoze,yemera kandi ko amazina yabo agiye kumenyekana,gutyo bajanwe imbere y’ubutungane.

Ku kibazo co kumenya igituma Esdras yahohotewe kandi hari abategetsi batandukanye mu gihugu ntihagire ico bakora,umuvugizi w’urwego rw’igendereza yavuze ko vyari bigoye kugira ico bakoze kuko muri uwo mwanaya bose bari mu bibazo vy’ibihejeje gushika.

Telesphore Bigirimana yemeza ko ibihano bigiye gufatwa ku bahohoteye Esdras Ndikumana,kuko urwego rw’igendereza rudashigikiye ivyashikiye umumenyeshamakuru wa RFI na AFP mu Burundi.

Telesphore Bigirimana yemeza ko bamaze gutangura amatohoza,kandi bakabikora vyihutirwa,mu mwanya ushoboka nkuko babisabwe n’umukuru w’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • AMAZI EREGA ARAZWI. AHO MWIBAZAKO ABANTU ARI IBIGUGU? ACMUTWAYE BARAZWI. AHUBWO BWIRA ABANTU URYA MUSHINGAMATEKA YARAYE AHONEJE UMURYANGO AKICA UMUGABO N’ UMUGORE. IBINDI VYO ABABIKOZE BARAZWI, HABUZE IKIBAHANA GUSA

  • Dusengere uburundi kuko ibihabera biteye kwibaza vyinshi. Ico mutegerezwa kumenya ni uko ubuyobozi bucrea (creer) milice buba nabwo nyene bwishira mubibazo butazoshobora gukontrola bazobaze abanyarwanda ninterahamwe.Baririrwa babwira abantu ngo bazobamesa iyo ni language y inyamaswa zataye ubumuntu kandi mukirundi bavuga ngo ruriye abandi rutakwibagiye

  • Ni vyizako abo bantu bahanwa kuko igendereza rorashobora kumenya ukuri ritarinze gukoresha uburyo butemewe n’amategeko.
    Ikindi boza barasuzumako atawasinzikarijwe ubuzima mu bihe vyose batarinze kuvyibutswa n’umukuru w’igihugu.
    Ikibazo mfise nibaza ni mbe iyo Esdras aba umunyamakuru adakorera ibihangange nka RFI/AFP vyari kugenda gute canke guhererahe!!!??Imana iruta ingabo

  • nukuri murateyisoni kubeshe izubariva go murateyivyatsi ihohoterwa ryiwe kandi arimwe mwabikoze sha izonda zirikubakoresha ivyibura bwenge kabisa ahubwo nibarabeneza babatware kwarojeti harigihe mwosaga mugwaye mumutwe kubera ivyo muvuga ntibijanye.nne mumaze kuvugako iryodedereza niryomugihugu ikihe muvuga?

  • Abagiye kuba incungu bobo ntibazobura. Hari n’igihe bovuga abatari ku kazi urya munsi. Ariko uko biri kwose, abakozi bari bakwiye kwigenza neza kuko uheza kwerekana ko ushaka kunezereza abakuru, ugize Imana mbi ukabikora ku muntu afise abamuvugira nk’umumenyeshamakuru wa RFI, abo bakuru ntibagira isoni z’ukugutanga ko incungu kandi wagotse. Imbonerahafi nizitonde!

  • Abishe bababikira batatu baba taliano nabo ntibaramenyekana?

  • Aba DD,aho Mwemeye Ivyo Yavuze?Yabikuye Kuberiki Yabanje Kurindira Ibiro Vyumukuru Wigihugu Kobivuga Iyo Ninteguro Bumvikanye Kuko Bavugana Kumwanya Kumwanya.Namwe Nimurindire Ngo Muzomenyeshwa Amazina Yababikoze.Bariko Barondera Umusazi Bavyegekako Ngo Namatohoza.Nzoba Mbona.

  • None ibiro vy’igendereza vyoba bizotanga indishi y’akababaro kuri uwo mumenyeshamakuru yahohotewe? Nagomba gusaba iki kinyamakuru kimbarize ico kibazo abo muri SNR

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.