Accueil > Amakuru > u Burundi > Tharcisse Nkezabahizi yagenywe kuba umuhanuzi mu biro vy’icegera ca kabiri (...)
Tharcisse Nkezabahizi yagenywe kuba umuhanuzi mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu
jeudi 24 Nyakanga 2015
Tharcisse Nkezabahizi yahora ari umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru yagenywe kuba umuhanuzi mukuru mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu,ajejwe ibibazo vy’amategeko n’intwaro.
Tharcisse Nkezabahizi yagenywe n’itegeko inomero 300/100 ryo kuwa 23 Nyakanga 2015.Ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu hamwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Yozefu Butore.
Tharcisse Nkezabahizi ava mu mugambwe UPRONA akaba aheruka gusubirirwa na Nestor Bankumukizi mu kurongora ubushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru.

Van Naris Mugisha
Messages
24 Nyakanga 2015, 13:34, par mutama
uyu mutama turamukeje niyirambire. tumwifurije akazi keza,akomeze afashe igihugu nkuko yamye abigira akiri no mubijanye n’indero.
24 Nyakanga 2015, 15:37, par None?
Ndagukeje icese kumabanga mushinzwe, niwirambiri mugihugu cawe camacukiro.
25 Nyakanga 2015, 10:23, par Yayo
Yarabahenze ngo ni umu Uprona:: AHhhhhh. Yaba umu Uprona akagenwa kwa BUTORE!!!! Reka reka reka. Mwe ntimumuzi na mba. Yaragurishije umutima wiwe muri DD.
Amaze Kubona ko Gaston amutanze kirya kibanza, yaciye yemerera PITA Ko yicaye Kwa Butore, azobaha imitwe y’ingene boguma ku butegetsi. Ntimuje narwo rero, muragenda mwiyubara
25 Nyakanga 2015, 11:32, par Oui
Ndagukeje Muzee.