IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Thomas Periello asaba ko ibiganiro vyobandanya

Thomas Periello asaba ko ibiganiro vyobandanya

mardi 28 Mukakaro 2015, par Jean De Dieu

Intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini Thomas Periello ari mu Burundi.Yaje kubonana n’abegwa bose n’ikibazo ca politike kiri mu Burundi.

Thomas Periello yavuze ko yaje mu Burundi kubonana na Reta,abatavuga rumwe n’ayo n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike kugira bavugane ingene bosubira mu biganiro,vyotuma hadasubira kuba ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu.

Thomas Periello yavuze ko amasezerano ya Arusha ategerezwa kuguma yubahirijwe kuko aho igihugu kigeze ubu,umushinge ari amasezera ya Arusha.

Ku kibazo co kumenya nimba Reta Zunze Ubumwe za Amerika zoba zemeye ivyavuye mu matora,Thomas Periello yavuze ko,ataco yobivugako kuko umukuru w’igihugu Barack Obama na John Kerry bamaze kubivugako vyinshi.

Mwomenya ko Thomas Periello aje mu Burundi, inyuma y’iminsi ibiri gusa,umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika amenyesheje ko amatora yabaye mu Burundi atabaye mu muco.


IGIHE

Messages

  • Ohooo! Ahabwo Mwari Mwaratevye ,kuko Izo Ntabarigwa Za Dd Nintumva Gerageraza Murabe Ico Mwohindura Nimwe Twiteko ubufasha Bwanyuma.Ngaho Intare Irakankamye Peter

  • NAGERAGEZE ARIKO ABA DD NTIBASHOBOKA KUKO BAFISE AGA SUZUGURO KADASANZWE.

  • Twabahoneza ,twabahonabi, habamumahoro canke muntambara amatora abarundi baraye bayarangije hazosubira amatora mumwaka 2020 ntawubabujije gutora utunenge kubatita iriye amatora twaraye tumaze ariko mubemudutora mwishiramwo Ko tuzokosorerwa mumatora 2020

  • Wewe Wiyita Ntibumva Namwe Mugiye Kumvirayo Kuko Mwarase Kwemera Ndagusabe Ntuze Usubire Kuvuga Imvugo Aba DD Vuga cndd fdd

  • AMATORA AREMEWE INGORANE NUKO MURI POLITIQUE HARI AKARENGANYO KADASANZWE.JEWE ND’UMU KAZE-FDD WO MUNTARA YA NGOZI.NATOYE COPA KUKO KAZE IRI MURUNANI COPA.

  • Twebwe nyene abarundi nitwe dufite urufunguzo rwibiganiro none kobokwicarira ibibazo. Muburundi Akaba atakibazo gihari none bazokwicarira iki?

  • Abarundi bumutima dutegerezwa kwikura iyi ntwaro kuko naho twomureka Nkurumbi kugeza 2020 ntiyovako kuko arazi ko azoca acirwa uwo guherayo,L’UNION FAIT LA FORCE.

  • NIVYUKURI HABAYE UKUTUBAHIRIZANYA NTAMAHORO ESE KURICOBAVUGA KWUBAHA IBWIRIZW RY’ARUSHA MUBONANKURUNZIZA YOVAHO KOBENSÃŽ BAMAZE GUPFA KUBERA KUVUGA KURI,PITA UWADAPFUYE ARAHUNGA NKURUNZIZA AZORARA ABAYE NKAKADAF

  • hahahhh aba DD nyene nintumva zizoshima bazirasheko

  • @KAZE-FDD NGOZI
    "JEWE ND’UMU KAZE-FDD WO MUNTARA YA NGOZI.NATOYE COPA KUKO KAZE IRI MURUNANI COPA."
    Eka wewe warazimiye karabaye! Uramutse uja gutora watora uwo ubona hari ico ashobora gushikako! Mu kirundi bavuga ngo uriye amav.... worya manini!!!
    Urumva ko wari gupfuma utora Rwasa bigahera biheze!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.