Accueil > Amakuru > u Burundi > Tom Malinowski: Ntacerekana na kimwe ko Petero Nkurunziza azoheba (...)
Tom Malinowski: Ntacerekana na kimwe ko Petero Nkurunziza azoheba kwitoza
vendredi 1er Rusama 2015
Mu rugendo icegera c’umunyamabanga wa Reta zunzubumwe z’Amerika Tom Malinowski yagize mu Burundi, yabonanye n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mu mubonano bagiranye, avuga ko atacerekana ko umukuru w’igihugu ashobora guheba ikiringo ca gatatu.

Mu kiganiro Tom Malinowski yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, avuga ko yayaze n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ku bijanye n’ibihe Uburundi burimwo. Avuga ko yamweretse neza ko ivyo Uburundi bwashitseko muri iyi myaka cumi, vyavanye n’amasezerano y’i Arusha, ko ayo masezerano adakwiye gufatwa minenengwe.
Tom Malinowski akavuga ko Reta zunzubumwe z’Amerika aho zihagaze ari hahandi, ko amasezerano y’i Arusha yokwubahirizwa. Avuga ko mu Burundi abantu bamye bahonywa amakungu akirabira hirya, bikavugwa mu majambo gusa, ko ubu rero hageze ko ivyo biva mu majambo. Amenyesha ko Reta zunzubumwe z’Amerika zidashobora kuzorera amaboko, mu gihe abantu boguma baburagizwa, bakabuzwa guserura ikiri ku mutima, bahohoterwa. Ku vyo bayaze n’umukuru w’igihugu, icegera c’umunyamabanga wa Reta zunzubumwe z’Amerika avuga ko atacerekana ko Petero Nkurunziza azoheba kwitoza ikiringo ca gatatu.
Tom Malinowski yashikirije n’impungenge afise inyuma yaho Reta y’Uburundi yugariye iradiyo RPA, ivyo bikanashobora gusubiza inyuma ubwigenge bwo kuja hamwe, kugira ama nama, n’ubwo gushikiriza amakuru. Tukabamenyesha ko igihe Tom Malinowski yahabwa umubonano n’umukuru w’igihugu, abamenyeshamakuru b’ibinyamakuru n’amaradiyo vyigenga bitatumiwe.
Aristide Nizigire
Messages
1er Rusama 2015, 09:39, par Rwamo kraks salomon
Nimba baramwihereranye bakamucomeka amajambo ngo nikwubahiza amasezerano y arusha biboneka ko atansiguro ihagije yahawe.kuki atohereza umubonano abanyamigambwe bose? Cank abatakiranira ivyicaro vy poritike?kuki birukanye abamenyeshamakuru ngo ntibavyumve.uwo nagende tuzovyimenyera.
1er Rusama 2015, 09:48, par Mélchiade
Non,aho Ntabakuriye Inkoni Ku Gishitsi Nibave Mumabarabara Bitam,amatora Ntaco Bahindura Atarivya Vy,ukugumura N,ukwica Bazosanuka Vyababanye Umurengera Bavugako Arimyiyerekano Y,amahoro Abe Yabo Izo Modoka Zaturiwe N,abasoda Barashwe Nabo Bapolisi Bakomerekejwe.None Ivyo Vyose Ni Za MBONERAKURE zabikoze
1er Rusama 2015, 10:15, par safari
NKURUNZIZA ibyo asabwa nabarundi ,amasezerano y arusha ibwirizwa shingiro ndetse namakungu ntabwo abiha agaciro kurusha nibyo asabwa numwami wisi Satani 5000000 zabarundi zigomba gupfa yigumire kungoma
1er Rusama 2015, 11:08, par GORDIEN
NONE KWERI UMUKURU WIGIHUGU AHONYANGAMATEGEKO,ABANTU BAPFE AMAKUNGU ABONA!OYA KWELI
1er Rusama 2015, 12:30, par URUNGANWE
PETER EREGA ARASUMBA BA OSAMA,KADAFI,LAURENT BAGBO.AMERIKA RERO NTACO YOMUGIRA KK NTIYOMUSHOBORA!
1er Rusama 2015, 12:41, par moise
IBISUBIZO BY’ABANYAFRICA NIBO BAGOMBA KUBYISHAKAMO NTAGUTEGEREZA AMAHANGA. BOSE BAREBA INYUNGU ZABO BWITE UBU RIBYE NTIBARI KUYIVOMA NTAWE UBAKOMA,CONGO KINSHASA NTIBENDA KUYIRWANIRAMO, MWEBWE RERO ABARUNDI NIMWICARE MUGANIRE MWEBWE IGIHUGU MURI GUSENYA N’ICYANYU SI ICYABO. kandi mumenye ko umusonga w’undi ntukubuza gusinzira.
1er Rusama 2015, 18:21, par ABUDULI
NIYUMVILAKO PETER NKULUNZIZA ALIHAMWEKO AMAKUNGU YAMUSHIGIKIE NABANYAGIHUGU YO YOKWITOZA.NAHONYENE KANDI BIDASHOBOKA NIBAZAKO NTIVYOTWALAISHAVU KO IGIHUGU GISUBILA MUKAGA
1er Rusama 2015, 23:14, par aggée nsavyimana
natange ntawuhora kungoma uko nikwicafuza no kuvyo yoba yarakoze vyose!
1er Rusama 2015, 23:55, par Twaje
Ibwirizwashigiro ryuburundi tutaryubaha nuruhome rukwiyekwubahwa. Umvandabibutse ukworivuga : Rivuga ngo: UMUKURU WIGIHUGU WUBURUNDI YEMEREWE GUTWARA IBIRINGO BIBIRI (2) ARIKO YITORERWA NABENEGIHUGU BONYENE UBWABO , BONYENE UBWABO REKANDABASUBIRIREMWO AKAKAJAMBO KAVUGANGO; UMUKURU WIGIHUGU WUBURUNDI YEMEREWE GUTWARA IBIRINGO BIBIRI (2) YITORERWA NABENEGIHUGU BONYENE UBWABO, AKOKAJAMBO NTIKAVUGA NGO AZOTORWA NABO ABANYAGIHUGU BATUMYE KAVUGANGO BONYENE UBWABO. Niyompamvu abavugako adakwiye kwitoza badashobora guhangara ubutungane bakemera kujakwihondagura kumabuye nokubiti. Nabaje bavuye mumakungu bagasomerwa uko iryobwirizwa ryanditse barumirwa mbere bakibazako abaritunvanije baribabanyoye za wisiki ngirango zivanze nazakanyanga!
2 Rusama 2015, 17:12, par Dieudonné
je mbona ko nyakubahwa umukuru w,igihugu yokubahiriza amasezerano yi arusha kuko twayarose atugoye.
2 Rusama 2015, 21:16, par Samson
None Ico kiringo Yogihebera Iki Kandi Ariwe Dushaka?Abamwa Nibangare Nuko Bafise Iyo Baja.
2 Rusama 2015, 21:52, par twagiye
nishure uwo wiyita twaje usigura ibwirizwa shingiro mbe ndakubaze mbe abamutoye ubwambere bariki ko usara uvuga atatowe kabiri na abanyagihugu abamutoye bwambere ushaka kuvuga ko bari inkoko impene inka twe tuzi ko bari abarundi niba yaratowe ni intama impene murabivuga uko niho twa tahura neza
3 Rusama 2015, 02:03, par Anonymous
muzovyimenyera? ahubwo mwebwe mushigikiye ukwitoza ubugira 3 kumukuru wigihugu nimwetege ibara! ninde yabahaye uburenganzira bwo guhonyanga ibwirizwa nshingiro na accord ya Arusha? mwananiwe no kurondera uyundi yomusubirira? abantu bose bazogwa muriyi conflitcts bari kugatwe kanyu kandi muzobabazwa! amakungu arabona ivyo muriko murakora vyose!
3 Rusama 2015, 07:17, par Nuwera
Jewe burya harihabantu muntangaza ukamengo hariho urundi rurimi rwokoreshwa kugiramutahure neza ibwirizwa nshingiro ukorivuga! Nonegayemwe mwombarirako irijambongo YITORERWA NABENEGIHUGU BONYENE UBWABO ridatandukanye nokuvugango: ABENEGIHUGU BAZOTUMA ABABATORERA? Shamwabonye kuvanyumayamatora yomuri 2010 mwagumwe muduhonyanga dukora mushakakumena turabihorera none ubunaho mwadukanye kwica nokwicisha abenegihugu kugezayaho muvugako mwaduhagurukiye . Nyabunabashaho rekakwifuza ivyokumena amaraso; kukondababwirako abomuhigira gukoreranabi namwebwenyene ubwanyu twese tuvamaraso, iyuvuzerero ngomwahagurutse kandi ubiziko nabandi bashoboyeguhaguruka tukubonamwo ukutamenya ahotwavuye canke umuntu mukabona yinumiye mukibaza koyapfuye twabahaye umutwe none mugiyekuryana namatwi!!!! Nkomeza muvyorogote basha akataretse kabagasema.
6 Rusama 2015, 11:25, par mkkhh
ok tubyoroshe basi kugira abo ba badede badutahuze neza bajye bavuga ko yatowe n inkoko impene inka 2005 2010 atorwa na abanyagihugu asigaje indi manda basi aho tuvyumve kuko tuzi neza ko 2005 yarahiye 2010 ararahira none ga basha ? batebe abantu babagire ibikoko ari abantu koko burya barya bamutoye 2005 bari iki