IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Tom Perriello: Abakoze amabi mu Burundi bategerezwa kubibazwa

Tom Perriello: Abakoze amabi mu Burundi bategerezwa kubibazwa

mercredi 27 Nzero 2016

Intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini Tom Perriello amenyesha ko Reta y’Uburundi yerekanye amakenga ku bijanye nuko ibiganiro vyobandanya ,ariko avuga ko amakenga amwe yumvikana ayandi atumvikana neza.

Mu kiganiro yahaye Iradiyo y’abafaransa RFI imbere y’uko agira urugendo rumushikana mu Burundi, Tom Perriello yavuze ko Reta y’Uburundi yemera ko ibiganiro bibereye hanze bikenewe kandi ko, bamaze kubarira igihugu c’Ubuganda n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko,ko ibiganiro mu Burundi vyihutirwa.

Ku bijanye no kumenya nimba amafaranga afasha mu rwego rwa AMISOM mu basirikare b’abarundi adashobora gukorehswa mu guhohotera abanyagihugu Tom Perriello amenyesha ko mu bisanzwe ishirahamwe ridashobora gusubira gufasha Uburundi,ariko ko ari ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika na Buraya bakwiye kumenya ico bakora kuko AMISOM ifasha cane.

Ku bijanye no kumenya ko bishoboka ko haba amatohoza yigenga ku bijanye n’ibinogo bihambwemwo abantu benshi n’amabi akorwa,Tom Perriello avuga ko bibaza ko amatohoza akenewe kandi bikajana nuko uwo vyokwagira ku ruhande urwarirwo rwose yobibazwa.

Tom Perriello amenyesha ko biboneka neza ko amabi yakozwe n’uruhande rwa Reta hamwe n’uruhande rw’abatavuga rumwe nayo kandi ivyo bidategerezwa gukurikiranwa. Avuga kandi ko ikibazo c’amaradiyo yugaye giteye impungenge.

Intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini amenyesha ko amatohoza,ikurikiranwa mu butungane z’impande zose mu Burundi hamwe n’iyugururwa ry’amaradiyo ari ikintu cihutirwa.


IGIHE

Messages

  • Bose Ngo Bafise Uruhara!!! Nareke Kubesha Kko Ruburana2 Rugatsinda 1

  • ivy’iburundi namayobera! bane ama association y ’ indege zo ni bapompere munzara kuko baracaronka akakiriya.kubona twarabuze Rwagasore; Ndadaye ! twarabuze! nayabandi bo ugupfa kwabantu ni profit! avantage; nayo abobazungu je mbona bibereye muma mission gusa!! ntibatomora aho ikibi kiri; bavuma bashima! mbabazwa naguma bapfa abo bazungu baguma baza bizokwamuko gushka ryari?

  • Mugabo mujye mureka kubogama. Ibyo yavuze nibyinshi none ko mutavuga ibyo yavuze ko urwanda rutoza ba sindumuja kandi ko yiboneye muri kongo abafashwe bavuga ko bitoreje mu Rda. Harimo na les enfants soldats.

  • Sha Rindira Baje Mu Biganiro P Nkurunziza Azoca Asaba Iminite Kandi Kugira Ibiganiro Bigende Neza Ico Gitegerezw Gucamwo Ariko Abacangero N’abashumba Be Bazoyabona Kanatsinda "Abagabo Bararya Imbwa Zikishura"

  • mbega mwe komuvuga mutabishitsa

  • Jwe Mbona Bikenew Yuk Ivyo Biganiro Inclusif Vyokwihuta.Kuko Ivyo Twumv Ngo Ni Dialogue Inter-burundi,namanyanpa

  • IVYO BINOGO NIBIMWE VYAVUGWA MUKARUSI NUMUGAMBI WABA MUJA ARIKO BARIHENDA NTAGWENGE RUZOBASHIKANA KUBUTEGETSI TUTABITOREYE

  • wanka kuvuga ukuri abandi bakakukuvugana. NKURUNZIZA N Umugabo. Aratsinze abamenja izuba ryaka.

  • Urahumba wamuzunguwe! Genda mukore ayomatohoza yanyu ariko ntimuze mwihende ngo pacific, sinduhije,nyangoma,niyombare,general gaciyubwenge,mbonimpa..... Murayo matohoza yanyu abobantu ntimuzobasiginyuma kuko nibo bashatse guhirika ubutegetsi twitoreye izuba ryaka ataruko abafpa baracapfa kuko uwuzoza kwisuka kurisongoye agomba kuzanakandi hima tutsi tuzomwerekako Inkona itaruzwa hadutaki kurudi nyuma sisi tunasonga mbere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.