U Bufaransa bwahaye u Burundi imipira y’amaguru 3000

Yanditswe na Mugisha Van Naris
Kuya 17 décembre 2012 saa 01:29
Yasomwe : 738
0 0

Ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 14 kigarama 2012 mu ntara ya Muramvya, Jean Lamy aserukira igihugu c’u Bufaransa mu Burundi yarashikirije ku mugaragaro imipira 2900 y’urukino rw’umupira w’amaguru umushikiranganji w’inkino n’imico kama Jean Jacques Nyenimigabo, imipira 100 isigaye ikaba izotangwa mu mwaka wa 2013.
Iyo mipira yatanzwe n’uwuserukira igihugu c’u Bufaransa yaiye ironswa ba buramatari n’aba musitanteri b’amakomine bakaba nabo bazoyishikiriza abakuru b’imitumba aho umutumba umwe wose (...)

Ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 14 kigarama 2012 mu ntara ya Muramvya, Jean Lamy aserukira igihugu c’u Bufaransa mu Burundi yarashikirije ku mugaragaro imipira 2900 y’urukino rw’umupira w’amaguru umushikiranganji w’inkino n’imico kama Jean Jacques Nyenimigabo, imipira 100 isigaye ikaba izotangwa mu mwaka wa 2013.

Iyo mipira yatanzwe n’uwuserukira igihugu c’u Bufaransa yaiye ironswa ba buramatari n’aba musitanteri b’amakomine bakaba nabo bazoyishikiriza abakuru b’imitumba aho umutumba umwe wose uzoronswa umupira. Iryo tangwa ry’iyo mipira ryabaye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ariho ari, ikomine yose ikaba yaronkejwe imipira cenda, buramatari nawe aronswa imipira itanu.

Kubw’uwo awuserukira u Bufaransa Jean Lamy, iyo mipira yatanzwe mu ntumbero yo guteza imbere inkino mu mirwi yo mu Burundi muri rusangi eka mbere no mu gihugu c’u Burundi cose. Yaramenyesheje kandi ko u Bufaransa bukorera cane mu gisata c’urwaruka n’inkino kandi ko bumaze gushigikira u Burundi mu migambi itari mike y’inkino harimwo gusanura ubwogero bwo muri kaminuza y’i Kiriri, gutunganya ihiganwa ry’umupira w’amaguru rihuza amakomine, gushigikira urukino rwa Tenis, Handball, Rugby hamwe n’ivyo kunonora imitsi.

Ku ruhande rwiwe,umushikiranganji Nyenimigabo yatanguye gushimira Reta y’u Bufaransa ku kungene ishigikira imigambi ya Reta y’u Burundi harimwo gukoresha inkino nka kimwe mu bikoresho vyo gutsimbataza amahoro. Umushikiranganji akaba yaboneyeho akaryo ko gusaba uwuserukira u Bufaransa ngo azofashe mw’itunganwa ry’ihiganwa rizohuza amakomine n’imitumba ku rwego rw’igihugu rigiye gutangura.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha