Accueil > Amakuru > u Burundi > UA izofatira ibihano abazoba intambamyi ku biganiro vyo kuwa 6 Nzero 2016 i (...)
UA izofatira ibihano abazoba intambamyi ku biganiro vyo kuwa 6 Nzero 2016 i Arusha
mercredi 30 Kigarama 2015
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ryiteguye gufatira ibihano uruhande rwose ruzoba intambanyi kw’ibandanya ry’ibiganiro bihuza abarundi bitegekanijwe kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniye kw’igenekerezo rya 6 Nzero 2016.
Mw’itangazo ryagiye ahabona kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Kigarama 2015,umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika nKosazana Dlamini Zuma amenyesha ko abo bose igikorwa cabo cotuma ibiganiro bitabandanya harimwo n’ibitero vy’abitwaje ibirwanisho bazofatirwa ibihano.
Muri iryo tangazo,umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ntiyamenyesheje ariko ivyo bihano ivyari vyo,naho inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika nnayo yamaze gushikiriza ko izobifata kw’igenekerezo rya 17 Kigarama 2015.
Umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ahamagarira impande zose gukorana n’umuhuza mu ntumbero yo guhagarika amabi akorwa mu Burundi.
Ivyo biri ukwo,mu gihe intumwa za Reta y’Uburundi mu biganiro vyabereye i Entebbe mu Buganda kuwa mbere igenekerezo rya 28 Kigarama 2015,zamenyesheje ko itariki ya 6 Nzero 2016,izobandanirizako ibiganiro batayemera kandi batazovyitaba kuko batayumvikanyeko.
IGIHE
Messages
30 Kigarama 2015, 12:18, par BUSHOMBE
TUZOBEMERA NIBASIBA UMUTI WABO TURIKO TUWUTEKA TUZOWUBAVUGUTIRA
30 Kigarama 2015, 13:32, par Rusakumba
Mbe mw’Abarundi mwamenyereye amagaburanyama mwibaza y’uko ubwo bumwe bwa afrika bumariye iki Uburundi bwacu, agakomye mutabaza amakungu. Mbe iyo UA yanyu ugirango izotsinda Abarundi intsinzi barenga 75% bashigikiye Leta ya Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA! Twebwe tumushigikiye ntituzopfa twemeye ayo magaburanyama mwamenyereye, ntituzokwemera ko mutuvuguruza ijambo. Uwuzohirahira ngo bamugaburiye ubushikiranganji twebwe ntituzomwemerera ngo atwinjirane mubiro, azosanga iminsi yose twumwugarije k’umuryango hanyuma tuzoraba uwuzoza kuhadukura. Mbe mw’abantu mwamenyereye ivyagusa muramenya ko amakungu iminsi yose afasha uwufise inguvu. Kandi ngo nyen’imbugita uwuyifashe ikirindi. Kandi birya bibondo vyabandi mwataye kurisongoye abiwanyu bibereye mumashure iburayi, reka tuzokwihurira.
30 Kigarama 2015, 14:11, par nzoza
ivyo mukora vyose leta niyo ifise igigugu a 100% nivyanga muzomaramara ayo mahera yababiligi ntayo muzoba mukibonye ngo muduze amazu iwanyu afrique du sud.
30 Kigarama 2015, 14:23, par mwene burundi
ibikomeye ntibidutera ubwoba iyarinze daniyeri izoturinda izontumva nukuzimesa
30 Kigarama 2015, 14:24, par mwene burundi
ibikomeye ntibidutera ubwoba iyarinze daniyeri izoturinda izontumva nukuzimesa
30 Kigarama 2015, 14:48, par DURHAM
abazorukarisha ruzobamwa nkukovyagenze nokubandi bose.zuma nawe ntawutaziko afatanije na belgique mukurwanya reta twishiriyeho biciye mumatora.
30 Kigarama 2015, 14:52, par MAURICE.
uwatura(uwuvuga) intambara izomubako kandi izomuhitana.uwatura amahoro azomubako ahaja hose,mubiwe no muvyiwe.
30 Kigarama 2015, 15:05, par Falcon
Muzokwitaba mwanka mwemera mwase naho nuruyoya ruzofata mitrayezi gushika kumusoda wanyuma.
30 Kigarama 2015, 15:39, par Mahoro
Wew Bushombe Vangah Ntamuti?Barawubavugutiye Nyabuna Aho Mwateramakambi.Ubu Ntagakaciraaaa!
30 Kigarama 2015, 16:31, par A
Vyihoze
30 Kigarama 2015, 18:08, par amaraso mu burundi
mwebwe numunwa gusa ntaguvu mufise nimureka yice atogore kuko numwana w imana?ntiyababwiy uwuzohirahira agakandagiza utwodukubuzo twanyo kubutaka bwi burundi niho muzomumenya kwaryakaravye
31 Kigarama 2015, 08:47, par Mpozamarira Erias
Bakananirana nukubafatira ibihano kuko kananira bagabo nti yimye.
31 Kigarama 2015, 09:23, par Joseph
Mbe FDD-CNDD yagiye mubiganiro by’iki? gukora iki muri Uganda/Entebbe niba ntabwoba bafise? kandi amahoro mu burundi muvuga ko ari 98%, 2% zisigaye nizo zabajanye entebbe? ibiganiro niba mwarabihisemwo muzitabire tariki ya 06/01/2016 na cane cane ko itike atarimwe muyishura, mwibuke no gutumira Pasteur habimana nawe mu mwumve, ataruko naho, intambara murayikomeza, indyane zikomeze, ibihano no kubura imfashanyo bikomeze, Niba Peter Nkurunziza akunda uburundi niyoye gukokeza ko batazitabira ibiganiro, ariko kuko wewe arinzwe neza, arya neza, abana biga neza ntagitangaza ko atovyitako, ariko Imana avuga izomukoreremwo ahitemwo neza, canke ahitemwo nabi ivyo kurya vyagahimano mubirye, narirya ubukene nubusanzwe bwari bugeze kubuce abarundi, bazomwiyicira ubwabo.
1er Nzero 2016, 00:23, par DAGI RAMSON
ayo makungu yasaze canke?nibafatire ibihano igihugu c’urwanda kuko barabizi ko aribo bigisha imisore y’uburundi yahungiyeyo ibya gisirikale kugira baze gutera uburundi.mbe uburundi nibwo babona ko bofatira ibihano?ko ivyo bihano batabifatira ba buyoya,sinduhije ,luis michel,charles michel,kagame n’abandi biri kumwe kumwe?ndangije ndabipfuriza umwaka mushasha mwiza w’2016. some yesaye:60:21
2 Nzero 2016, 14:40, par Nkunzimana
None Kobavuga Ko Bazorungika Inteko Muburundi Ntabodukeneye Ubundi Burikwije Ntamufasha Bukeneye Nibihangane
3 Nzero 2016, 00:14, par adam
dusavye imana ibenamwe mukurondera omahoro