IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UA yasavye ONU kwemeza umugambi wo kurungika abasirikare mu (...)

UA yasavye ONU kwemeza umugambi wo kurungika abasirikare mu Burundi

samedi 19 Kigarama 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryasavye inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kwemeza umugambi wo kurungika abasirikare 5000 zo gukingira amahoro mu Burundi naho Reta y’Uburundi itabishaka.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rivuga ko rifise ubwoba bw’ihonyabwoko rishobora kwaduka inyuma y’imyaka irenga 20 ihonyabwoko ribaye mu gihugu c’Urwanda.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze ko Uburundi buri mu vyago bishobora gutuma busubira mu ntambara bigashika no ku karere kose.

Hagati aho, umuvugizi wa akaba n’umunyamabanga wa Reta y’Uburundi Filipo Nzobonariba yamenyesheje ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika burungitse abasirikare ata burenganzira bwa Reta bizofatwa nk’intambara.

Bibaye ku ncuro ya mbere aho ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rikoresha itegeko ryo kurungika abasirikare mu gihugu kitabishaka.


Van Naris Mugisha

Messages

  • UMURIYONI WABANYAGIHUGU WITOREYE ABO USHAKA UZOGWANYA ABO BASIRIKARE.
    TWARAMENYERE KWICWA KUVA 1969 ATAWUTUVUGIRA .REKA DUHERERE MURUGAMBA. NIBO BAZOKORA IHONYABWOKO BARIRIMBA
    NTITWIGEZE TUBA ABA EXTREMIST NKABANYARWANDA
    BAKUMBURE BAVYITONDERE

  • Uwo nzobona riba ntakundi yovuga ari mubahenze ubwonko nka shebuja k’uburundi arakibare kabo,nibanyaruk batabare bikiri hafi,abo ba dd,bigira abagwanyi gusumba abandi,bihe bashipote kurizo baberek uko intama yambagwa!

  • None Leta y’Uburundi ishaka kurwana n’amahanga yose! Agasozi k’intahanurwa kahiye abagabo babona! Aho bagahanuriye ntibumve hazogira igihe bipfuze ibiganiro bitagishoboka. Iki nico gihe cokwiyumvira ivy’amahoro, mukareka kwiyumvira ivy’intambara! None burya koko abarundi mwoba muzi kurwana kurusha abandi bose? Kubera iki mukunda agapfa?

    Uwuhanurwa kenshi akagamika izosi azovunagurwa giturumbuka hatagira gitabara!

  • Ahubwo UN Nibohereze Bidatinze, Kuko Biragaragara Ko Ari Genocide Goverment Y’Uburundi Yateguye Nubwo Ikorwa Urusorongo Nibihutire Kuboherezayo Wenda Barokora Bake Basigaye Naho Ubundi Tuzikanga Uburundi Busigaye Butuwe Ningirwa Bwoko.

  • Nibanyarukebaribatevye iyoretanayoyanka izi ico igombagukoramukumarabantu kobabivuzenibabanguke kandi onu ntiyankekuvyemezanimba ikundabarundi ok

  • NIBARIBO BATWARIGIHUGU CUBURUNDI NIBATEGEKE IZONGABO ZIZE ATARUKO NAHO TUZOBAKORERAKO TWIBW INTAGOHEKA BAGUMYABANGA NIMUREME DUTANDUKANYE TUZONESHWA DUFATANYE MUNDA TUZONSHA KANDI INKONA NTIYARUZWA

  • Nibazebatabar Ntamutekano Uriho Retanayo Niyavyanka Baraza Nkurunziza Azoce Arekura Zambonerakunya Ziwe Zibaras Amakungunayo Azoce Anyaruka Kudukurako Kinogisuma Turonke Amahoro

  • bemera bareka tuzoza dukuramwo kamwekamwe nuko reta yatugiriye nabi ikatwaka imbunda zacu twaridufise kurugamba

  • EMWE UBURUNDI BUGEZAH UMWAS ASHAK AHO BUSIGAYE BUFATWA NKUMWANA WUMWAK UMWE!UBU NTIBOREK ABARUNDI BAKITUNGANIRIZ IVYAB ATAWUBAHAGAZ KUGAKANU?AHUBWO JENUMV ABATEGURA BAKANABISHIRA MUNGIR KONON UBURUNDI NKA BASINDUHIJE NABANDI BAMENYEKANYE NIBABAFAT AMAHOR AZOC ABONEKA!

  • Nonemuburundi koatantambara,ihari abobageserabazobabajekugirante??Cangebazobabazananyenabanyagwanda Guterauburundi.Turabiyamirije Mwizinarya<<< Yesu>>>

  • nibanyaruke vuba bwango twahonye badutabare igipolisi n,imbonerakure baraturembeje

  • nibanyaruke vuba bwango twahonye badutabare igipolisi n,imbonerakure baraturembeje

  • None abo barungika abasoda mu burundi bazoba baje kukora iki? ko ata ntambara iriko iraba mu burundi ewe abamenyereye gutwara batatowe muragowe, akaryu kareguwe pee

  • Mana yanje!!!!!!!! Ngobarungike abasirikare Burundi!? Kuberiki ivyo uburundi bwababwiye ko urwanda rutejingorane atanakimwe mwabivuzeko? Nababwirako mutumaramaje nkabany’Africa nimbarukwo mubaye turabakombora canke Africa icikemwo ibice murababaje nukuri!.

  • firipo we uranjyohera cyane nta muntu unjyohera nkawe uri serieu

  • Ivyo Nibabireke Kuko Ntakunu Uburundi Bwoba Bitumwako Mumakungu Kandinubu Intekozubundi Ziri Kugarukana Amahomubindibihugu Igisirikare Cubundi Kirakwiye Ntabodukeneyebazakudufasha

  • ko mutamenyesha ko ONU yavyamirije! iyivyemera ubu mubamumaze kubimenyesha hoshi!! ngende bashaa

  • Baraje,
    Kandi abaturage ntibazongera kwicwa nimbonerakure hamwe ninterahamwe kuriya.

  • Umuntu yanditse akoresheje izina ryanje ryitwa" None? Yaritegereje asanga niryo rifise akamaro gakomeye muyandiyose acabariryo akoresha mukwandika asa nuwunegura nyakwubahwa nyenicubahiro nubaha uburyobwose bushoboka akaba arinumuvugizi wa reta nkundacane yu Burundi Phillip Nobonariba!?. Ikintangaje nukonsanze uwakoresheje iryzinaryanje arumuntu wumukunzi pfampfe wa Kagame wu Rwanda nawa Michael Luois wumu !!!.

  • @ndonda,
    Urihenda, shyira hano urubuga wakuyeho ayo makuru! Ntabwo barasubiza kandi nahobabyanga twebwe east africans tuzishakamo I
    ibisubizo!

  • Ahubwo izonteko zizogende kuwugarukana kwakagome zimwihanize kuguma adusotora ataruko zirya nkotanyi ziwe turamutse tuje nta1 tuzomusigariza zose ni kubuhomba ntadukinishe ndazi aratwunva ntaratubona twambaye za rugwe

  • Reka kubesha igihe murahengamye kandi uwariwe wese azakosorwa kuko uburundi si congo ibuka amateka y’uburundi n’urwanda ba kabyara mwe! hama yaba Kagame ntasumbya ubuhizi Mitimigamba!

  • Ehe mw ba Nyafirika ndababrire murunva ariko Ntimubona mbere n’ukunva Ntimwunva iyaba mwunva ishirahamwe rya Afrika ryari gushigikira bimwe bikomeye iciyunviro c’umuhisi MUHAMARI KADAFI aho yabagir’ati ngo Tugire urunani rwo kugira ubumwe bwunze ubumwe Bwa Afrika bwo kwikurako Agacinyizo k’ABAZUNGU ntimwamwunvirije abo Bazungu baciye bifashisha Bamwe babanya LIBIYA baramugandagira bunyamaswa bisamburirako nk’impene None nivyo miriko murakora mugushaka gusambura U BURUNDi Mubandanye mufasha abo Bazungu kwisamburirako nk’impene mwibukeko Umuganwa atar’umugani yabujije abobazungu kuturira ubwishaza butoto amagi amata n’ibindi n’ibimoko bakubita ba Sogokuru babambitse Ubusa baciye bamwica bifashishije bamwe bo mu Muryango wiwe ubwo bumwe bwisamburirako ni Nyabaki Abarundi dukunda IGIHUGU tuzohaguruka turwanye izo nteko zanyu Z’abacangero abatazoronka inkoho lmwampi yubumara iracariho

  • Ehe mw ba Nyafirika ndababrire murunva ariko Ntimubona mbere n’ukunva Ntimwunva iyaba mwunva ishirahamwe rya Afrika ryari gushigikira bimwe bikomeye iciyunviro c’umuhisi MUHAMARI KADAFI aho yabagir’ati ngo Tugire urunani rwo kugira ubumwe bwunze ubumwe Bwa Afrika bwo kwikurako Agacinyizo k’ABAZUNGU ntimwamwunvirije abo Bazungu baciye bifashisha Bamwe babanya LIBIYA baramugandagira bunyamaswa bisamburirako nk’impene None nivyo miriko murakora mugushaka gusambura U BURUNDi Mubandanye mufasha abo Bazungu kwisamburirako nk’impene mwibukeko Umuganwa atar’umugani yabujije abobazungu kuturira ubwishaza butoto amagi amata n’ibindi n’ibimoko bakubita ba Sogokuru babambitse Ubusa baciye bamwica bifashishije bamwe bo mu Muryango wiwe ubwo bumwe bwisamburirako ni Nyabaki Abarundi dukunda IGIHUGU tuzohaguruka turwanye izo nteko zanyu Z’abacangero abatazoronka inkoho lmwampi yubumara iracariho

  • Ivyabaye i RWANDA yabaye Abafaransa ariho bari aho hakurya hahozari zayire vyirirwa birayanga monisiko ariho iri ntakindi bazoba baje gukora atari ukutwononera abigeme mbe? RWAGASORE yazize ik? RUMUMBA wewe yazize iki? KADAFI we yazize iki? mbwira ibibi bari bakoreye ibihugu vyabo atari uko bariko bakura amata mukanwa kabo Bazungu

  • ewe petero urafise ingorane,stop killing innocent people,kubera ko umunsi wawe urahari kandi ntuzorusimba,umenye ko agapfa kaburiwe ari impongo!!!!
    niba usena Imana nya Mana,nukuri uyisabe ikigongwe kuvyo ukorera ibiremwa vyayo

  • umuvugizi Wareta Sinzicoyikanze. Nibabareke Nabo Bahagere Birarabire Ukobimeze. Kukontamahoro Dufise Nabbo Muntara hagati Dufisubwoba Kuko Ndabona Katamutekano Dufise.

  • yohani uko wifuza kurasa abandi niko nawew e bazo kurasa.

  • Jewe Ndabishima Kuko Ibora Riraguye Muburundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.