Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi burashobora guhagarika gufasha igiporisi c’Uburundi
Ububirigi burashobora guhagarika gufasha igiporisi c’Uburundi
samedi 2 Rusama 2015, par
Intumwa idasanzwe y’Ububirigi mu biyaga binini imenyesha ko igihugu c’Ububirigi gishobora guhagarika imfashanyo y’umugambi wo guha inyigisho igiporisi hamwe vyoba ngombwa. Franck de Conick asaba kandi iyugururwa ry’amaradiyo yugawe.

Igihugu c’Ububirigi kirarajwe ishinga n’ibiriko biraba hano mu Burundi, mu rugendo yaramaze mwo iminsi itatu hano mu Burundi, Franck De conick yarashoboye kubonana n’impande zitandukanye yaba abategetsi ba kino gihugu ,abanyamigambwe hamwe n’abo mu amshirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike. Iyo ntumwa idasanzwe yo mu karere k’ibiyaga binini isaba abarundi kwubahiriza ibwirizwa shingiro, mu gihe naho, habaye ikitabasobanukiye bakishimikiza amasezerano y’i Arusha ari nayo mushinge w’amahoro n’intwaro rusangi hano mu Burundi.
Muri iryo tangazo ryasohowe n’ubuserukizi bw’Ububirigi mu Burundi, bamenyesha ko yasavye abarundi kwiyubara cane gukora ibikorwa vyo guhohotera abandi, hamwe n’iterabwoba, yibukije kandi ko buri muntu wese azobazwa ku ruhara rwiwe yagize mu biriko biba.
Ikindi yibukije mu gihe yariko abonana n’izo mpande zose n’uko igihugu c’Ububirigi gisanzwe gitanga uburyo bwo guha inyigisho ku giporisi , mu gihe rero vyogaragara ko bariko bakora amakosa ,mu guhonyanga amategeko mu guhohotera agateka ka zina muntu ,canke ibindi bikorwa bibi ,ntakabuza ingingo zizofatwa ntibasubire gufasha.
Igihugu c’Ububirigi kirarajwe ishinga n’ingingo yafashwe na Reta yo kwugara amaradiyo amwe amwe , ari naco gituma asaba iyugurugwa y’ayo maradiyo yose yugawe, kugira uburenganzira bwo gusohora iciyumviro no kumenyeshamakuru bwubahirizwe.
Iyo ntumwa yibukije abarundi uruhara rw’ ibiganiro mu ntumbero yo gushika ku matora meza, atekanye arimwo bose kandi ari mu muco ashobora kuzana Uburundi ku nzira y’iterambere .
Floxella Karire
Messages
2 Rusama 2015, 13:51, par Melch
Ko Usiz,ubabwiye Ngira Ntibazosubira Kuja Gutururira Imiduga Y,abene Gihugu Aho Nyene Munyereke Aho Yabahamagariye Kugumuka Kwica No Guturira Yarangite Avugati Muje Mu Matoratekanye Mfasha Gusoma Abaciye Ku Ntebe Y,ishule Murabe Ko Nihenze
2 Rusama 2015, 14:05, par mutesi
abo ntibabakange amahera yabo nibashaka bayajyane ariko mugarure umutekano mugihugu cyanyu, kuki bo uwo biketse bahita bamurasa ariko twe bakaduha amabwiriza tugenderako. igihugu n’icyanyu barundi si icy’ababirigi ni mutamenya ubwenge bwo kukirinda ni mwe n’abana banyu bizagiraho ingaruka.
2 Rusama 2015, 14:47, par Alice Irumva
Hahaha,ngufashe gusoma Melch ,handitse ngo: Uruha rw,ibiganiro muntumbero yo gushika ku matora meza ,atunganye arimwo bose ...." none ikosa riri he?
2 Rusama 2015, 14:52, par muraturambiye
nibaje hiyo abo nibo batwononeye igihugu.ababiligi batanze 70million kubariko bariyamiriza ikiringo cagatatu.Societe civik bayihaye 40millions hama imigambwe bayiha 30million.turamaze kubimenya sha kumusaga mubaha 15000fbu umwe umwe kumusi mubaja mwibarabara.nibo babitwibwirira nyene.ahubwo iyo ambassade yofuma iphunga ikagenda ahandi
2 Rusama 2015, 15:04, par gisiga
aho niho sawa ahubwo jewe icombona gisigaye nuko amakungu yodufasha kuko ububutegetsi hamwe bubandanije butwara igihugu kazoba kabaye amakungu nadufashe abarundi turagowe kandi turarushe benewacu shiramwo inguvu mukumwiyamiriza ntibabatere ubwoba imana irababona ikindi naco mumenyeko ikintu iyo gitanguye kiba gifise iherezo
2 Rusama 2015, 20:40, par Mahoro
Iyo ngingo iratomoye neza cane kuko ntarya imininwa ngo asabe baje mu biganiro nkuko bimaze imisi vyibonekeza mu mvugo za bamwe na bamwe babuze ayo bacira n’ayo bamira ku maraso ariko aratemba mu Burundi. Abavuga nk’uwo mushingantahe nibo twipfuza, kuko ntiwosanga abantu bashamiranye ngo ubure uwo utabaramwo, ntibishoboka! Kwitwara uko ni ukwikunda mu vyukuri. Nibavuge rero ko soit, bashigikiye Nkurunziza na mandat yiwe igira 3, hanyuma bahagarike iyo ngwano, canke baje ku ruhande rw’abaharanira ko Ibwirizwa shingiro ryubahirizwa mu Burundi, hanyuma iyo ntambara ihagarare. Mu rumva ko aho Communaute internationale yoshira hose, intambara yohagarara, ariko ibandanije kwigira sindabibazwa, Uburundi buguma mu magume... Nibatoremwo rero ico bipfuza muri bibiri ariko hagaruke amahoro mu Burundi bwacu, ibintu ni clairs !
3 Rusama 2015, 00:54, par vuganeza
Ababiligi n’imbwa,abahutu ntimukwiye kubumviriza no kugira ico mubasaba,nabo i wabo nuko,aba wallons n’aba flammands ni induru gusa abo ntaco bashobora gufasha i wacu,n’abanyamerica muribuka ko babita les chiwawa des français,ni ubuntu bufise un petit esprit,nohanura abahutu gukora ivyabo bibaraje ishinga sans trop compter sur ces connards de belge bamye bashigikiye les genocidaires tutsis,niko tumeze twaranse kuva mu karere kacu ahubwo uwotangura kuza arabwicira mu burundi bukabona que leur présence est dérangeant iyo mihimbiri!!!!!Nibareke kudufasha abazi gu forma police si ababiligi gusa,tuzimenya !!!
4 Rusama 2015, 21:18, par BIGIRIMANA ANTHERE
MBE ABO BANTU NTIBOVA MWIBARABA ABANTU BARAHEZE KUBERA INYUNGU ZABO