IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi buragabisha ko bushobora guhagarika infashanyo zose ku (...)

Ububirigi buragabisha ko bushobora guhagarika infashanyo zose ku Burundi

vendredi 22 Rusama 2015

Ububirigi bwaburiye igihugu c’Uburundi ko bushobora guhagarika imfashanyo zose bwahora butanga,mu gihe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yoguma ku ngingo yo kwitoza ku kiringo kigira gatatu co kurongora igihugu.

Mu nama y’abashikiranganji yabereye I Bruxelles ku murwa mukuru w’Ububirigi, kuwa kane igenekerezo rya 21 rusama 2015 , umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu,yamenyesheje ko yizeye ko umukuru w’igihugu cUburundi azofata ingingo yo kutitoza gusubira kurongora Uburundi.

Ubwo bushikiranganji bwamenyesheje ko ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kizoba kinyuranye n’amategeko y’u Burundi kandi ko gishobora gutuma imigenderanire no gufashanya kw’Uburundi n’ayandi makungu biba bitagishobotse.

Iyi ngingo yafashwe inyuma yaho umwe mu bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yishwe arashwe kuwa kane igenekerezo rya 21 rusama,mu gisagara ca Bujumbura muri Komine ya Ngagara.

Ububirigi buza mu bihugu vya mbere bitanga imfashanyo ku gihugu c’Uburundi,impande y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya hamwe n’Ubuhorande.Mu ntango z’ukwezi kwa 5,igihugu c’Ububirigi kimenyesheje ko kibaye kirabangira mu gutanga imfashanyo zizokoreshwa mu matora.

Messages

  • None ga yemwe Peter azotwara gute Uburundi amakungu ahagaritse imfashanyo zayo ku Burundi! Konzi hafi igice camahera Leta ikoresha kumwaka kiva hanze!narabe neza ibintu bitazomukomerana usange nabitwa ngo baramushikiye baramuhindutse kuko igihugu nuburyo nuwuri inyuma yiwe niyamara kabiri adahembwa azomuhinduka nkinzoka yomunda.

  • Eheheheeeeeee...!mbega ababirigi? None boba bibaza ko tugikoronizwa nabo ?nibahagarike ivyabo turonke amahoro kuko abarundi twaramenyereye kwibako kuko hako twoja mundyane nibigumirize turye bike turyame kare, mbega bashaka ko dutwarwa mububirigi? Oyaaaaaa...! Tuzokora uko dushoboye kugira twitorere ,mbega ko umenga barafise uwo bashigikiye? mbega ko bashaka ko peter atokwitoza bashaka bagihe inde? Uwo bashaka kuduha ntitumwemera kuko aho yatugejeje turahazi. Murakoze.

  • MURABESHA NIMUTEKEREZE,TWARIKUKIYE NTA GIKOLONIE DUKENEYE.MUSHAKA DUSUBIRE MWIHUMBI?AZOBATWARA MPAKA.

  • aha ivyovyaringngombwa gushika ariko abarndi tugmedufatany munda

  • nibagumye kabisa nimba babaza ko tukirivmubukoni nibateshwe bate uburundi bwarikukiye ako nakagaye kabi sibo bagomba kuduhitiramwo uwitoza nutitoza uwo bipfuza bategekevyitoze iwabo

  • nibagumye kabisa nimba babaza ko tukirivmubukoni nibateshwe bate uburundi bwarikukiye ako nakagaye kabi sibo bagomba kuduhitiramwo uwitoza nutitoza uwo bipfuza bategekevyitoze iwabo

  • nibagumye kabisa nimba babaza ko tukirivmubukoni nibateshwe bate uburundi bwarikukiye ako nakagaye kabi sibo bagomba kuduhitiramwo uwitoza nutitoza uwo bipfuza bategekevyitoze iwabo

  • nonese hatwara uwo amakungu ashaka kyanke nuwo abanyagihugu bashaka??

  • Mbega wamuhimbiri we uriko udahwa ivyo udahwa ubona ko Uburundi bwakwimarira iki batabufashije?? so wawe azatanga angahe mukigega cuburundi? ? you must close your mouth.

  • bose ko bayoborwa n’umwami babaye iki? turaje tubereke ko twikukiye vyukuri ako ni agasuzuguro!

  • @minani evariste
    Ivyo uvuze ni ukuri,nagire ndakwunganire gato,umbabarire iyo ndabavuga sindabubaha,urabona izo mbebwe z’ababiligi abahutu barapfuye ,baratotezwa,ndadaye aricwa babona buzuye i bujumbura ntibigeze batuvugira canke ngo babangurukanye,rero baratudandaje mu makungu,hera kuri maingain ivyo amazemwo iminsi,rero mbwira abantu nti turaziko twankwa nico gikuru umwana yankwa ni we akura tuzigwanako nkuko wavuze,ikindi bashaka kudukandamiza ata na menshi batanga,mbega bo bayakurahe batagiye kwiba muri congo,nawe uwubajanayo ni nde atari urya wo muri nord,ni utuntu ni bulaya twankwa n’abandi kuko ni udutindi mu mitima,ni wabo nuko aba wallons bakandamije aba flammands nk’abatutsi i burundi,rero nta ciza dushobora kubakurako,kuva nkura twumva ngo imfashanyo,ntaco nigeze mbona zitumarira,seulement bashaka kugumiza akarenge mu vyacu pour rien ikibabaje hari abashaka kuguma babaduhomekako kandi hari abandi bashobora kudufasha mieux qu’eux ,bo barazi amanyanga n’imigambi bafitiye notre afrique,rero nibazigumye ntawumenya ikiramutsa inyongori batuveko,nohanura abarundi aho muzoza mubona akabiligi i burundi ntikazobakange,mureke kwikengereza imbere yabwo,mubime akajambo ni imihimbiri ntaco babarushije,kandi bibaza ngo ni uguhana abahutu,si twe tuyarya twenyene nabo nyene ubwabo bayakurikira kuyarira i burundi barya plus ayari ajejwe kudufasha nico gituma mutokangwa tuzimenya,igikuru nuko tuvyumva ,tukamenya igituma dutegerezwa kwibako!

  • Ntibitangaje Kuko Ba Pancras Sinduhije Nabandi Bari Mu Matwi Yabo Bazungu Nabo Ukabuzi Ko Bagomba Gusenyura Intwaro Ya Nkurunziza Cokimwe Na Amerika Iserukiwe Na Samantapewer

  • Nukuri nabandi bose nibahagarike ntagufasha isiha ziyumvira ko bose ari nkazo,exempl:geraze ndabirabe avuga nk’imburabwenge nyene,koko ni intumva pee!!

  • Mbega Evariste,

    Ko umenga iki kibazo uriko ugishiramwo ubwoko? Mbega umu candidat wa dd atabaye peter aca aba umututsi? None umuntu atemeye ko peter ahonyanga ibwirizwashingiro n’amasezerano ya Arusha, aba yanka abahutu? Wosigura cane kugira dutahure? Ndazi ko muri dd hari benshi b’abahutu bodutwara neza gusumba peter nayo ahandi iyaba ariwe wenye mwari kuba mufise mwari kuba mugaragara.
    hamwe peter yotwara uburundi kandi wewe umurinidirye kw’iki giteza imbere igihugu? Ni ikihe gikorwa ciza yatanguye, ataraheza kandi ata wundi yoshobora kukibandanya?
    Mbega USA, UE, belgique, UA, Afrique du sud, suisse, hollande, etc. bapfa iki na peter atari intwaro mbi yiwe n’uko atubahiriza amategeko makurumakuru y’igihugu?
    Ica nyuma nagomba ndakubwire ko uburundi butunzwe ahanini n’amakungu. Mu misi iza n’abandi bafasha uburundi bazogira nk’ababirigi. nawe uzobandanya uronka insiguro zidafashe ko abahutu bankwa n’amakungu.
    Ukaba ushaka kumpinyuza, bandanya amatora mwenyene, amaradiyo adakora ( mwayaturiye yose. Bwabaye ubwa mbere ubutegetsi bugirira ihonyabwoko amaradiyo. Abandi ba dictateur barayugara, ariko ni ubwa mbere tubonye ibi biri i Burundi), gatorika itarimwo, societe civile itarimwo amakungu atabashigikiye, hanze hari impunzi zingana ukuraho, imbonerakure zifise ibigwanisho. Muzompinyuza iyi ntwaro niyamara imyaka ibiri.

    Amahera y’amarundi ndazi muzoyafyatura ariko ntibikwiye. Kiretse ko umunyagihugu ataco azomumarira, urabaza muri BRB muti mbega tudafise imfashanyo uburundi bwobaho? Inyishu jewe ndayizi ni oya.

    reka rero kwikanga ubutunzi kandi turi igihugu ca nyuma kw’isi muvyo ubutunzi.
    Eric, uti abarundi bazofatane mu nda imfashanyo zitaje bivuye kuri peter yitoje ubwa gatatu ku nyungu ziwe a ka kagwi? Nivyashika na mwebwe muzisubiranamwo ( ventre affamé n’a point d’oreilles).
    ngo ababirigi bumvira aba opposants politiques bariyo? none Peter nta ambassadeur agifise Belgique?

  • Mwari mwatevye,none ko atumvira abamufashije, niyagagaza. arabona ko amavoka,amahera ubugande bwishuye uburundi bagatwara, nayandege ko bizoshikana uburundi hehe?nabari mumugambwe wiwe,niba mbunde bahonyore?ntanumwe yovamo yorongora igihugu?

  • Imfashanyo zihagaritswe ntihazoca umwaka abakozi ba reta bataraja mwibarabara

  • @kabwa
    hari ibintu vyinshi mwihendako,peter nta bwirizwa nshingiro yahonyanze amategeko aramwemerera kwitoza,gusa jewe hari ico ntumva,ko cour constitutionnelle yabimwereye,bigenda gute ko abantu muri mu yindi migambwe mutwumvisha ko dutanga uwundi mu candidat mutari aba dd nkuko mubivuga?Ko tudasangiye umugambwe mugashaka kuduha amategeko y’ukuntu dutanga aba candidat,c’est quand meme terrible les tutsis! jewe nguma kandi nibaza ikibazo,mbega none nimba peter atawumwemera,ataco yamariye igihugu n’abanyagihugu,genda mugwanire mu myiyamamazo hanyuma abanyagihugu bamwime amajwi hanyuma mutware muheze muduteze imbere,mbega none ,quand vous vous acharnez sur les candidats du cnddfdd mbe ko mweho atabo mutwereka banyu bari capables kuduteza imbere,ubwo ntimubonako mufise des contradictions zerekana ko inyuma yiyo migumuko hari icinyegeje atari iyo mandat que vous inventez,nimubesherehiyo ububeshi bwanyu twarabuhinyuye murazi kurira amosozi y’ingona imbere y’abazungu maintenant turabazi.Abo ba al chabab birigwa ku ma barrière bakunze ryari democracie n’amatora,ndadaye ko ata mandat mwamwagiriza ko atamaze na kabiri ko mwamutabaguye nk’inyamaswa,turazinanyi nta democracie murondera muriko mushaka uburyo bwose yozimangana reke reka,si non aba manifestants bo kwa gwasa baja gufasha abatutsi bo ku musaga ntimuba mutanguye kubaha ishano mu ndya mubazizako gwasa yatanguye imyiyamamazo,le pauvre yarabonye en 2010 ingene yahenzwe agomba yitaratarize,nubu mushaka musubire kumuhenda?Bon sang fichez lui la paix,buza Uprona kwitoza turabe mwebwe ntimubonako muriko muhenda abahutu bo muri opposition abatutsi bo babandanya kwiyamamaza,mwa bagumutsi bo muri MSD muzovyishura,none ko ubu ari imyiyamamazo y’abashingamateka n’aba conseiller ba communes nabo ntimushakako yoronka na bakeyi,bihuriye he nico kiringo ca Nkurunziza,ku buryo muturira ibikoresho vya ceni?None ntubonako mwiyerekana nta matora mushaka abatutsi ntayo mwigeze mushaka ,ico mushaka turakizi mais ntaco muzogenda muronse kenyera nyabuna mwemere democracie!

  • IYABA VYASOKA NIMFASBNYO ZIPORISI ZOHAGAJE NIGISONDA KUKO NIHO RETA YOYEMEYE OK

  • mbe mwa batutsi mwe buyoya ko yateye kudeta amakungu agafata ibihano kuburundi ko mutabogoje nkuko? imyaka mirongine mwatwaye kunguvu ntimwoshima niyo?none mutama wacu mumushaka kwiki?kandi tuzomwitorera ?

  • ahubw nibahagarik vyos kuk naw nyen ntakunda uburundi.jw ic mbona uburund nibuj mur ambarugo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.