Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi buratanga umuco w’ivyo bwasavye Ababirigi bari mu Burundi
Ububirigi buratanga umuco w’ivyo bwasavye Ababirigi bari mu Burundi
vendredi 20 Munyonyo 2015, par
Ubuserukizi bw’igihugu c’Ububirigi mu Burundi buratomora ko butigeze buhamagarira abanyagihugu babwo kuva mu Burundi, ariko babasavye kureka ingendo zidakenewe.
Mw’itangazo ubwo buserukizi bwasohoye kuri uwu wa gatatu, bamenyesheje ko baravye itituka ry’umutekano ryibonekeza i Bujumbura, Ububirigi bwasavye ko abanyagihugu babwo ko boreka ingendo zidakenewe (séjours nonessentiels), Ababirigi bari mu Burundi nabo bagume bavugana n’ubuserukizi bwabo.
Ububirigi bwibukije ko bugishigikiye ko hoba ibiganiro vyozana umuti ku bibazo biri mu Burundi.
Muri ubwo buserukizi basohoye iryo tangazo inyuma y’aho umugambwe CNDD - FDD uvugiye ko ingingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu ivuga ko Ababirigi bari mu Burundi botaha ari ingendo igayitse yo kubahungisha kugira ntibitabe ibiganiro vyaraye bitanguye, kugira amabi bakoreye Uburundi n’Abarundi ntavugirwe hejuru. Uwo mugambwe ukaba muri iryo tangazo wasohoye kuri uwu wa kane wasavye ko Ababirigi bose bari mu Burundi bosubira iwabo.
IGIHE
Messages
20 Munyonyo 2015, 19:28, par jean
Twemere ivya nde? Duhakane ivya nde? ko mwebwe IGIHE mwabaye aba mbere mu gushikiriza iyo nkuru y’uko Ababiligi basabwe gukura meza?
20 Munyonyo 2015, 19:45, par didier
none iyomikino nyabaki hagati yuburundi nababirigi
20 Munyonyo 2015, 20:39, par AIMABLE
AHUBWA IYI RETA VYAYINANIYE GUTWARA IBINTU VYOSE IBIGIRA AKAJAGARI
20 Munyonyo 2015, 20:57, par Ryangombe
None isi ko arinto barabeshya nde. Hamo mububiligi amatelevisions yose na Radio. Abategetsi basabye ababiligi bose kuva muburundi bagataha ngo kubera hatari umutekano. Ibyo bari kwisigura ni ukubeshya ahubwo bafite ubwoba ko n’ahandi bazirukanwa maze Diamant na Zahabu ziva kongo zizabura.
20 Munyonyo 2015, 20:59, par Mathias
Ababiligi Mubisanzwe Bagumanye Agashavu Kuva Aho Batsindiwe Burya Ntibifuza Kotwotera Imbere Natwe Nitwikangure Burakeye
20 Munyonyo 2015, 21:00, par Mathias
Ababiligi Mubisanzwe Bagumanye Agashavu Kuva Aho Batsindiwe Burya Ntibifuza Kotwotera Imbere Natwe Nitwikangure Burakeye
20 Munyonyo 2015, 21:01, par Mathias
Ababiligi Mubisanzwe Bagumanye Agashavu Kuva Aho Batsindiwe Burya Ntibifuza Kotwotera Imbere Natwe Nitwikangure Burakeye
20 Munyonyo 2015, 21:02, par Mathias
Ababiligi Mubisanzwe Bagumanye Agashavu Kuva Aho Batsindiwe Burya Ntibifuza Kotwotera Imbere Natwe Nitwikangure Burakeye
20 Munyonyo 2015, 22:14, par Bukuru
Sha banmakur murabesh mukavyerekana muraga puuuuuu simwe mwavyantse ngo basabwe kugenda iwabo sweeeeeet
21 Munyonyo 2015, 09:59, par Joseph Nzinahora
Cela démontre encore une fois que gouvernement burundais aligne dans les affaires de gestion de l’Etat des gens médiocres. Ne Faudrait-il pas privilégier la préséance protocolaire et diplomatique au lieu de s’exprimer avec un language inadéquat et maladroit.
21 Munyonyo 2015, 11:51, par Muheto
Agashinge CNDD FDD yateye ubu birigi kariko karinjira ahubwo nibikebuke mbega ko bigira intungane ko aribo badu coronije botubwira ico bakoze kuva aho abarundi baicaniye uhereye 1961 gushitsa nuno musi niba ataruhara babifisemwe