Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ububirigi buratanga umuco w’ivyo bwasavye Ababirigi bari mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi buratanga umuco w’ivyo bwasavye Ababirigi bari mu Burundi

Ububirigi buratanga umuco w’ivyo bwasavye Ababirigi bari mu Burundi

vendredi 20 Munyonyo 2015, par egide

Ubuserukizi bw’igihugu c’Ububirigi mu Burundi buratomora ko butigeze buhamagarira abanyagihugu babwo kuva mu Burundi, ariko babasavye kureka ingendo zidakenewe.

Mw’itangazo ubwo buserukizi bwasohoye kuri uwu wa gatatu, bamenyesheje ko baravye itituka ry’umutekano ryibonekeza i Bujumbura, Ububirigi bwasavye ko abanyagihugu babwo ko boreka ingendo zidakenewe (séjours nonessentiels), Ababirigi bari mu Burundi nabo bagume bavugana n’ubuserukizi bwabo.

Ububirigi bwibukije ko bugishigikiye ko hoba ibiganiro vyozana umuti ku bibazo biri mu Burundi.

Muri ubwo buserukizi basohoye iryo tangazo inyuma y’aho umugambwe CNDD - FDD uvugiye ko ingingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu ivuga ko Ababirigi bari mu Burundi botaha ari ingendo igayitse yo kubahungisha kugira ntibitabe ibiganiro vyaraye bitanguye, kugira amabi bakoreye Uburundi n’Abarundi ntavugirwe hejuru. Uwo mugambwe ukaba muri iryo tangazo wasohoye kuri uwu wa kane wasavye ko Ababirigi bose bari mu Burundi bosubira iwabo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.