IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi bwasavye amatohoza ku bwicanyi bivugwa ko bwakozwe mu (...)

Ububirigi bwasavye amatohoza ku bwicanyi bivugwa ko bwakozwe mu Cibitoke

samedi 14 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Icegera c’umushikiranganji wa mbere, akaba n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu Didier Reynders, yasavye ko amatohoza ataho yegamiye yokorwa mu bivugwa ko abarwanyi bishikanye mu ntambara yabereye mu Cibitoke baca bagandagurwa n’abasirikare, abaporisi hamwe n’Imbonerakure za CNDD FDD.

Nk’uko tubimenyeshwa n’amakuru dukura ku muhora ngurukanabumenyi w’ubushikiranganji bw’Ububirigi bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu (diplomatie.belgium.be), Didier Reynders, amenyesha ko Ububirigi bwakiranye amakenga ivyashikirijwe mu cegeranyo ca Human Rights Watch ko habaye ubwicanyi ndengerabutungane ku barwanyi bagera kuri 47 bari bishikanye mu ngwano yabereye muri komine Murwi na Bukinanyana, mu ntara ya Cibitoke.

JPEG - 10.2 ko
Icegera c’umushikiranganji wa mbere, akaba n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu, Didier Reynders

Icegera c’umushikiranganji wa mbere, akaba n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu Didier Reynders, amenyesha ko mu gihe vyokwemezwa ko n’imbonerakure za CNDD FDD zari zahawe ibirwanisho muri izo ntambara, ko bizoba biteye amakenga, agasaba ko amatohoza yokorwa, abazoba bagirijwe ubwo bwicanyi mu basirikare, abaporisi n’Imbonerakure za CNDD FDD, bashengezwe mu butungane.

Tubibutse ko umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Valentin BAGORIKUNDA yagenye kuri uwu wa gatanu umurwi ujejwe amatohoza kuvyavuzwe ko mu ngwano yabereye mu Cibitoke kuva kw’igenekerezo rya 30 Kigarama 2014 gushika kurya 3 Nzero 2015, ko hoba hari abarwanyi boba barafashwe hanyuma bakicwa, ivyo bita ubwicanyi ndengerabutungane. Uwo murwi w’abashikirizamanza batatu urongowe n’icariho c’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Adolphe Manirakiza, na Hyacinthe NIYONZIMA, umushikirizamanza mukuru akukira sentare isubiramwo imanza mu gisagara ca Bujumbura, hamwe na Jean Marie BIGIRINDAVYI, umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Cibitoke. Bose uko ari batatu bakaba bahawe ikiringo c’ukwezi kugira babe bashikirije icegeranyo c’ivyavuye mu matohoza bakoze.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ariko manaaaaaaaaa urakora kabisa nibutse amarira yabereye mu cibitoki

  • mbega abo ababiligi biciye ngaha muburundi amatohoza azotangura ryari izo mburakimazi zabazungu ziguma zidutobera miziyamirize zive muburundi bwacu pe
    bareke kudutesha umutwe numwanya

  • Ariko mwabanyamahangamwe muzogezaryari kureka kuguma mwumvira abobarundi bimukiye mubihuguvyanyu baranzwinshinga nuko uburundi bwosha bukazimangana ngokubera atacobagikera!
    Ubumuremejeneza ntanuguhoza uburundi bwabuze abasirikare babwo nabanyagihugu barimwo umwana arimusi yimyaka 10 bishwe!? Murakomejekoko icese kutwerekako uwuteye igihugucacu agatsindwa kobibabibabaje! Jewe ibibintu vyigihugu giterwa kikivuna kigacabarico cirirwa kurusambo ndabibonyekuburundi gusa!. Mbehoho nimutwereke iyo video mwafashe yerekana ko abobaribateye bajebamanitse amaboko?

  • Murahumba amaraso arahuma kuvaahomwichiyantu ntimworuhangomugezaho twagirango tugiyekuruhuka komurabahutu mugiye kubutegetse abahutu mwishe muriyimwakachumi mwobaharura mukabashobora motifengo ntimuvugarumwe muzokwicha abomutavugarumwe bose mubaheze. Kwaba ddd muribijuju nabuyoya naboyahejeje mweho nukuvumya mwaravuwe murikwichabenewanyu. Rekaamaraso yabomurikomurcha abahumire muzohunga atawubirukanye niko bibiriyivuga. Umunyakibi ahunga atakimwirukanye muteyisoni ivyomukora vyose imanirabibona kandikintuchose gifisumwanyawacho ntimuryengomuryame ntamahoro kumunyavyaha yirirwayicha bunyamwashwa abantu ataremmye uwaremyabantu ariwemana ntabicha nkuko muriko mwichabantu murorere gusa igihechanyu kirihafi imana ntigiye kwihanganira abantunkamwe irumva amarira abarundi turira tugorewe mumahanga kuberindandende zanyu nubwichanyi bwanyu. Igikogwanichawemana muruyumwaka 2015 niwetwizeye kuzodutabara ukadukurakwayamarira abarundi dufise murikigihe twugarijwe ninzara nubukene twashinzwemwe nabipfuzinyunguzabo twizeye kuzobikora amino

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.