Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi bwasavye Uburundi ko bwokora amatohoza ku rupfu rwa Jacques (...)
Ububirigi bwasavye Uburundi ko bwokora amatohoza ku rupfu rwa Jacques Bihozagara
samedi 2 Ndamukiza 2016, par
Umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu, Didier Reynders, yavuze ko ababajwe n’urupfu rwa Jacques Bihozagara aheruka gupfira mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura, agasaba ko Uburundi bwokora amatohoza kuri urwo rupfu.
Mu nyandiko yashize ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Didier Reynders yamenyesheje ati : “Duhamagariye Uburundi gukora iperereza ryigenga ku bikorwa n’imibereho y’abapfungwa mu Burundi, ndetse n’ugufungura abanyororo bose ba poritike.”
- Didier Reynders, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu
Ububirigi buje bwiyongera ku gihugu ca Reta Zunze ubumwe za Amerika casavye ko hakorwa amatohoza yihuta ku mibereho mibi mu mabohero mu Burundi.
Amerika yamenyesheje ko yababajwe n’ukubona Uburundi bwapfunze Jacques Bihozagara, akamara igihe ataburanishijwe.
Jacques Bihozagara yigeze kuba umushikiranganji mu Rwanda ajejwe gutahukana impunzi, aba n’uwuserukira Urwanda mu Bubirigi hamwe no mu Bufaransa. Yapfiriye mu Burundi aho yari apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva mu kwezi kwa Kigarama 2015.
Jacques Bihozagara yafashwe kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2015, yagirizwa ko ari mu Burundi nk’umusumyi w’urusaku, kandi ko yoba ariko akorera igendereza ry’Urwanda.
IGIHE
Messages
2 Ndamukiza 2016, 12:24, par Falcon
Ababiligi nimuhore murimbwa twebwe twemera abafaransa nibo ari abagabo,wiyumvira ko iyaba uburundi twakoronijwe n’ubufaransa ubwicanyi mu burundi ntibuba bwarageze aho bungana uku,ikibazo kiba carakemutse kumwe bagira LAURENT BAGBO,nayo ababiligi nimuhore ayo majambo yanyu twarayahaze ntarukundo mudufitiye.
2 Ndamukiza 2016, 12:25, par Falcon
Ababiligi nimuhore murimbwa twebwe twemera abafaransa nibo ari abagabo,wiyumvira ko iyaba uburundi twakoronijwe n’ubufaransa ubwicanyi mu burundi ntibuba bwarageze aho bungana uku,ikibazo kiba carakemutse kumwe bagira LAURENT BAGBO,nayo ababiligi nimuhore ayo majambo yanyu twarayahaze ntarukundo mudufitiye.
2 Ndamukiza 2016, 12:42, par nzoza
Koyali impunzi se ubu biligi bubijemo bute ko wenda HCR aliyo yali kuvuga !!!
Yishwe na za Bacteria yakuy mu ngurube yororaga nagahinda ko guhunga igihugu yaruhiye
2 Ndamukiza 2016, 14:49, par kazekurya
Je nanjo novuga nti , ababirigi ko ariibigwarudubi, kuva ahobakiniye politic umengo nibigugu , ntawukina politic ngo aheze yerekane uruhande ahengamiyemwo. Noneho bo, twarabahinyuye ko bakorana nurwanda, na america mugushaka kuducanishamwo ivya moko. Iburundi nigihugu cikukiye, nibatembagare bagenda ababirigi nabanyamerika , nibigwarudubi. Nayo aba police ba oni nibabarungika , bazomenye ko tuzobamesa, bambara ama anti bare , natwe ntazo twambara, ariko tuzobereka ubuhinga bwacu , ivyobijuju. Ntiboja muri somalia nahandi!
2 Ndamukiza 2016, 15:15, par Vivi
Jaqe Bihozagara Agasisitme Yakorewe Nakokwereka Abanyamahanga Ko Uburundi Budake Neye Urwanda
2 Ndamukiza 2016, 15:30, par Sherif
Urupfu rwa Bihozagara haguma hari igifungu none yaza mu Burundi azi neza ko Uburundi n’urwanda bitagifitaniye imigenderanire mwiza none yaraje gukora iki? mwokimwe arinda kuba yarahunze FPR kandi yarayikoreye imyaka mwinshi. Urwanda ntirwamwitayeho igihe yari mwibohero, Gouvernement y’irwanda itaguye guduza ijwi ubu yapfuye, hari ikintu c’ihishije inyuma.
Ububiligi nabwo nibuve ngaho ntarukundo rufitiye Abanyafrika nukurondera amatungo y’Afrika gusa.
2 Ndamukiza 2016, 15:39, par None?
Ububiligi ntanisoni bagira iyobavuga ngwamatohoza kumuhisi nyakwigendera? Komwamukunda igihe Kagame amuturaturije kwatagitutu mwokeje Kagame ntiyaruhiye kwangara?
Uburero ababiligi baragiye bagirinama Kagame ngo murabonako dusevye kubera uburundi bukomeje kudushira ahabona ngogenda ukorane na Rajabu yabaye mwibohero rya Mpimba murondere ukwomwica Bihozagara ngomaze bicevyitwako reta yuburundi yadutse mukwica abanyarwanda bafungiwe Burundi ngwivyobizotuma abantubacutwaritwararungitse gukora amabi muburundi bafashwe turonka uburyo bwokubavuganira. Ndababwira rero komwihenda cane.
REKANIBARIZE ABABIRIGI; MBEGA KOMUTAVUZENKUKWO KWIYICWA RYA RWAGASORE NUMURYANGOWIWE NABOBAKORANA NABANDIBARUNDI ISINZI? IKINDI KOMUTAVUZEGURTYO KWIYICWA RYA NDADAYE NABOBAKORA NABARUNDI ISINZI? KOMUTAVUZEGURTYO MWIYICWA RYA NTARYAMIRA NA HAVYARIMANA NISINZI RYABANYARWANDA BATIKIYE?
2 Ndamukiza 2016, 15:53, par rwasa eric
ndarizwa nukuntu ababirigi bisuka muvyo batajejwe mbega akogatama karikaje muburundi gukoriki?hari ordre de mission karigafise?kagome reka gushuhura ubuyabu muntare Barundi tube maso:ngubu kagome agirara arungike abamaraya beza 150babadoriya kubategetsi ntibakorako,ntibishoboka
2 Ndamukiza 2016, 15:53, par mudagi
Mwebwe mwenye ntamutekano mufite iwanyu aho mwo contolora ivyanyu mureke kwivanga muvyacu. ntawuhisha inzu irikusha iwanyu birasha none mugomba kuzimya aho zidasha.muzi kubiba amacakubiri muragahona nkuko mwahonyeje abene burundi kuva 1962,1972 gushika 1993 mwabaye nja mwe puuu......
2 Ndamukiza 2016, 16:53, par Morodikayi Jon
Yemwe ntamatohoza kubarundi twiteze kurupfu rwuwo mushingantahe! amatohoza ya bo turayazi uko basazwe batohoza, na botohoza ubu basigaye bakorera kugitsure ca Nkurunziza. uwohirahira agashikiriza ukuri kuvyo yatohoje ni wo musi yorara asezeye isi,ahombabwijukuri ni vyomwibonera uko ya koreye abari basomambike biwe, baramubwijukuru kukibazo cu Burundi uburyo cotungana unomusi bageze mubuhungiro, kandi baribasazwe basangiye umugabwe CDD FDD, kubwukuri kwabo ya rabatujije.
2 Ndamukiza 2016, 21:10, par Venuste Nsenimana
Amatohoza Nakogwe Muga Mumenye Kwashobora Kuba Yishwe Nuburozi Yaririye Murwanda Hama Bakamurungika MuburuNdi Kugira Apfire Muburundi Kandi Amatohoza Akore Nomugwanda.
3 Ndamukiza 2016, 08:34, par sindayigaya theophile
imana imwakire mubayo kdi harebwe ukoyapfuye
3 Ndamukiza 2016, 11:31, par JEAN NDAYISENGA
turabavandimwe twese turibene umugabo umwe ,ukurushimbaraga agukubita yicaye,tureke kugendara kubitekerezo byabadushuka
3 Ndamukiza 2016, 13:12, par Ngendakuriyo
Imana ishimwe ko hari Abashingantahe ni Bihugu vyitayeho ingorane ziriko ziraba mu Burundi!! Erega Abarundi twarumiwe kubona bubahuka no kwica Jacques Bihozagara Intwari mu ntwari zu Rwanda. Nimurabe ingene ataco bakigera umutwe, hanyuma aho babereye ibikoko ngo ntibatanga Ikiziga ciwe kugira gishinguranwe iteka abatwara Uburundi bamwambuye. nukuri birababaje kandi ivyo bakoze babikoreye Igihugu cu Rwanda cose. Bamugize nkuko bahejeje Ibibondo na Bavyeyi bafungiwe mu Mabohero atandukanye mu Burundi. Erega noneho ntanukurondeza vyinshi baravyerekanye ko aribo bamugandaguye! Umuntu arakora ikibi agateba agashika kwisimbo ryi Numa!!!!!
3 Ndamukiza 2016, 17:27, par Kegis
ABABIRIGI BACE BATUBWIRA IVYA RWAGASORE INGENE BAMWISHE, BONGERE BATUBWIRE IGITUMA BATUBIVYEMWO AMACAKUBIRI.
3 Ndamukiza 2016, 17:56, par tari
Ariko jewe abazungu nanje rimenarimwe murantangaza Ngo leta nikore amatohoza mwabonyehehe umuntu yimena igihute reta niyo yamwishe kandi imwica yabiteguye sikubwisanganya kandi siwe wambere siwewanyuma mubonye yishwe nivyo bimwenyi namwe Ngo amatohoza jewe mbona umengo mubamwabuze ivyomuvuga nibavyarabananiye gutabara abarundi nizindi nzirakarengane zirirwa ziragadagurwa na nkurunziza nakarwi bamupfuma mwinumira ico nzico ntamisi isigaye inzirakarene zitarose igisoda cazo bwite cokwitabara kandi mukabona turatanguye ntihagire uwuzotuja imbere
3 Ndamukiza 2016, 19:50, par N damiani
Muramubwire nawe ati bohorora abapfugwa bose bapfungiwe itarabwoba
4 Ndamukiza 2016, 05:12, par Peace
Hanyuma nyamatohoza ngwashike kuki ga mubirigi?Canke icvy,Iburundi ntavyuzi?rindira bazoyakora.urantwengeje!!!
4 Ndamukiza 2016, 09:15, par che
Iyo usomye ivyandikwa hano niho ubona uburyo abarundi n’uburundi bagowe kubera kudakanura ngo babone, ubwabo bisamburirako nk’impene bikababuza kumva no kubona uburyo bahemukira uburundi. Ehe nawe bamwe ngo Rwagasore, abandi ngo Ntaryamira abandi ngo...., dukwiye kumenya ko turi igihugu gikenye mu bindi vyose bikenye, ntaho turigeza ndetse nta n’ijambo rinini turagira mu makungu, twokagomvye kwirinda kwitesha agateka gake twari dusigaranye. Kwica ntaho bizotugeza uretse kutwica ubwacu!!!!
5 Rusama 2016, 19:28, par Adroneis
Nonekobagumabicwa,bibazaknbatazopfanabo?Rekaguhohotera,ikiremwacimana
3 Kigarama 2016, 00:42, par nduwimana pierreclaver
Urwanda rwari rukwiye gusaba vyihuta ubutungane mpuzamakungu kuza gutohoza ivyurufu RWA jacques bihozagara. Kandi bakabishiramwo ingoga kuko leta yuburundi ari leta yuburundi ititaho ivyugutunganiriza bene umuntu.