Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Ububirigi bwiteguriye gufasha mu gukingira Abanyagihugu b’Abarundi
Yanditswe taliki ya 5-02-2016 - isaha 10:20' na IGIHE

Mu gihe ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ritorungika inteko mvamakungu mu Burundi gukingira abanyagihugu, igihugu c’Ububirigi kimenyesha ko kizobandanya gushigikira ico ciyumviro, babicishije muri ONU canke ku kindi gihugu, ariko Ububirigi bukavuga bushigikiye kandi bushira imbere ibiganiro.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu, Didier Reynders, yamenyesheje ko Ububirigi buzobandanya gusaba ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ko ryofata ingingo y’ukurungika inteko mvamakungu, mu gihe Reta y’Uburundi itokwemera kuja mu biganiro n’abatavuga rumwe nayo.

JPEG - 555.2 ko
Didier Reynders, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu

Didier Reynders yamenyesheje ko bibaye ngonbwa bazofasha mu Burundi uko bazobisabwa kwose, nk’uko bariko barabikora muri Mali babisabwe n’Ubufaransa, bakaba bazofasha no mu bijanye n’uburyo kugira ibiganiro n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bibandanye.

Reta y’Uburundi yagiriza igihugu c’Ububirigi ko gishigikiye abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Ivyiyumviro vyanyu

MBDGA ABISHE LUWI GWAGASORE NA PEREZIDA NDADAYE MARIKIYORO MUBONA IBIBI BABAGIRIJE MUBONA VYANGANYE GUTE VYATUMYE BABICA ? ABABIRIGI ONI AMERIKA UBURAYI ...KUCOBOFASHA UBURUNDI.

30.10.2016 à 21:38
EMMNUEL

MBDGA ABISHE LUWI GWAGASORE NA PEREZIDA NDADAYE MARIKIYORO MUBONA IBIBI BABAGIRIJE MUBONA VYANGANYE GUTE VYATUMYE BABICA ? ABABIRIGI ONI AMERIKA UBURAYI ...KUCOBOFASHA UBURUNDI.

30.10.2016 à 21:34
EMMNUEL

MBEGA UBUBIRIGI UBURAYI AMERIKA ONI . KO KUVAKERA KOBATARIGERA BAVUGA KUBISHE GWAGASORE NABISHE PEREZIDA NDADAYE MARIKIYORO MBEGA KOTUBEMERA KOBAZI UBWENGE NTAKUNTU BOBA BARAMENYE ABABISHE...?

30.10.2016 à 21:15
EMMNUL

MBEGA UBUBIRI KUVAKERA KOBUGUMA BWIVANGA MUKIBZO C’UBURUNDI BIVAKUKI MBEGA IZONTEKO BASABA KO ZOZA MUBURUNDI ZOZA KUBANGURANYA NDENANDE KO MUBURUNDI ARAMAHORO .

16.10.2016 à 20:16
NYABENDA MANWERI

MBEGA UBUBIRIGI AHO BWORAWE ISHINGA NOKWUBAKA UBURUNDI BURAZWA ISHINGA NOKUBUSAMBURA UMUGABO NYAMUGABO ABUZE ICO AFASHISHA UWUNDI ARAMUREKA AKIGWANAKO AHO KUMUT0BANGIRA. NONEHO HUMURA IMANA IRAKUNDA UBURUNDI N’ABARUNDI ...

16.10.2016 à 19:58
NYABENDA MANWERI

Vyanka Vyakunda Izonteko Nizije Vuba

3.04.2016 à 19:37
Kibutura

Abo nabasazi Mbe Imana Ya Bahutu Bagirango Haraho Yagiy Nibahere Iyo Mububirig Iwabo

16.02.2016 à 07:26
Irumva

Mana Dufashe !! Nayo Ababirigi Bo N’ukuduteranya, Bavandimwe Kundane Bamaramare%

10.02.2016 à 22:10
Manirakiza Eslon

UWO MUBIRIGI AGOMBA KUZANA NKIVYABAYE MURWANDA NASHINGE AMATEGEKO IWABO.

10.02.2016 à 12:37
NDABONA

IBIVAMUBUBIRIGI TURABIMENYEREY UBUTWARAKANUYE NIBATESHWEBATE.

9.02.2016 à 22:10
VICTOR OPJ

ABABIRIGI BARAMENYEREYE UBURUNDI.NIBATESHWE BATE BURYA NABONYENE HARABABABIYEKO,UBUTWARIKUKIY NTIBIBAZE NGO NIYA KARYENDA YACU BASHAKA GUTWARA BIKABATA KUWAMAZI !!! NIRYO SHAVU BAGIFISE(ABABIRIGI).MURABAZANA TUBAMESE TECHNIQUES ZOSE TURAZIZI TUZOBAHINYANYURA.MUTAMA WACU IMANA YARAMUTWEMEREYE NTIMUKORAKO,AHUBWO IMANA IMWÔGERE IYINDI MANDA AKOMEZE ATUGEZE KW’ITERAMBERE.IMANA IKOMEZE IMURINDE.ABO BAGOME NIBABADUHE BATURIHE AMA RADIOS YACU BATURIYE N’IBINDI [ 190000000FBU ?] !!!.

8.02.2016 à 18:48
OSCAR NDAY

Uwankayuko Nyumbakumi Amuzira Murugo Areka Kugwana N’umugore Nabana Iwe Ntihavuge Induru Ariko Iyo Hagumye Induru Ategerezwa Kuza Kuraba Igitumye Induru Ivuga Vyanse Guhera Ababanyi Barateba Bagashavura Arumugore Canke Umugabo Hakagira Uwuhanwa Igihe Ariwe Aterinduru

7.02.2016 à 22:20
KADUGA

ububirigi nibufashe ariko atari muvyo gusambura ivyubatse kubera ubu dukeneye kwubaka igihugu

6.02.2016 à 21:56
NDAY CHAR

Ntibitangaje.inyungu.yanyu.yaratakaye.kukomwahinyutse.twara.iyomwatwaye.iramaze.kuva1962.gushitsa.205.Nabakozi.banyu.mujane.ariko.mwihangane

6.02.2016 à 19:26
gihosha

Ivyanyu turabizi Habyarimana na Ntaryamira mwabakoroye i Kanombe nivyo mushaka gukora hano iwacu tuzobugururira ko inzuki muribuka 1962 mu Kirundo nizo zadutabaye uwariko araturasa i Busoni

5.02.2016 à 23:31
Louis barihenda

Ahubwo Nimurabe Mugerageze Mukigire Benegihugu Yahandiho Turahona Nkabana Binyoni ,mudusabire Nzonteko Nzikigire Bene Gihugu Barikobarashira Emwe Reta Yuburundi Yumvise Uwumvugira Benegihugu Bamwita Umwicanyi Ariko Muratuvura

5.02.2016 à 23:13
Humura Burundi

u used ethnic lyrics to perplex us whereas we were quiet , do u see how is thy politic ? is it time for regreating and deploring ? look out because u will be fustigated by GOD !

5.02.2016 à 18:32
moon

Ngogukingira Abanyagihugu ?Bande ?Babagumutsi Batinya Amatora ?Twebwe Abarundi Turakingiwe Nabasoda Bacu Isuma Abagumutsi Nibapfugwe

5.02.2016 à 18:10
Mahoro

Komera mzeee twese turinyuma yawe

5.02.2016 à 17:42
Burundian

Nubwo ndumukenyezi akuze hajemu Burundi ababiligi nanje sinobura numwe nokwomagura inkoni nkuko babikoreye abarundi bahohambere.

5.02.2016 à 16:53
Karuhe Catherine
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.