IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubudagi:Imfashanyo yahabwa Uburundi izofashishwa impunzi ziri muri (...)

Ubudagi:Imfashanyo yahabwa Uburundi izofashishwa impunzi ziri muri Tanzaniya

mardi 8 Kigarama 2015

Igihugu c’Ubudagi kimenyesha ko cahagaritse imfashanyo ingana n’amamiriyoni y’amadorare caha Uburundi kugira afashe impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku buserukizi bw’igihugu c’Ubudagi i Dar-es-salaam,Georg Schmidt intumwa y’Ubudagi mu karere ka Afrika iri musi ya Sahara,yavuze ko yavuze ko iyo mfashanyo yahagaritswe mu ntumbero yo gushigikira akigoro ka Reta ya Tanzaniya mu kwakira impunzi z’abarundi zahungiye muri ico gihugu.

Georg Schmidt ariko ntiyashikirije igitigiri nyezina c’amafaranga gufasha mu makambi y’impunzi,menshi ari mu gace ka Kasulu,mu karere ka Kigoma.Yavuze kandi ko ingora ziri mu Burundi zizotorerwa inyishu n’abarundi ubwabo,ariko ko Tanzaniya izobandanya gukurikiranira hafi ko ikibazo gitora inyishu.

Kubwa Georg Schmidt Tanzaniya yamye ifise ikibazo co kwakira impunzi ziva mu bihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko ivyatumye haba amatongo manini yubakwamwo amakambi y’impunzi.

Abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya inyuma y’aho mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza,umukuru w’igihugu amenyesheje ko azosubira kwitoza ngo arongore Uburundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Abadagi barakoze ubuhunhiro ninhotane iyonda narayirayeko.

  • Iyo pibilisite yokurindakuvuga ngo imfashanyo twohaye uburundi ngituratanganje kotuyirungitse kumpunzi zabarundi zahungiye Tanzania ntivyaribikenewe kukomwebwe murigihugu cigenga cu Budagi, mwarikuvuga muti: kubwurukundo dukunda abarundi muti twarungitse imfashanyo Tanzania ,yogufasha abarundi bahungiyeyo. Nayo imvugo mwakoresheje ni pilisite yokwamamaza canke guhamagarira abarundi ngobahunge kugira mubone kubarosa twatundi twitango" ntupfe kandi ntugapfugize icowimarira. Ubuntimwihende ivyomwikozavyose tubatwabibonye iyobija nkejo. Ndashaka kubabwirako murikikinyenja vyasebikunze hategerezwa kwandikwa ikintugishasha kitazibagiranywa canecane cogushirahabona ukuntu arimwebwe muteza ivyago ibindibihugu mwishimikije komufise ubushobozi murivyishi mwiy’Isi.

  • umvako yari infashanyo nyene!! nimwijanire abatanzaniya bibisuma babone ivyo birira, impunzi zizoguma zifungura utugori babaha mudukopo.

  • Namba umuti uzotorwa n’abarundi bonyene reka rero abiyemeje kubukingira butarononekara bahaguruke kuko nabarundi ADC ikibiri, CNARED. Abo bose nabarundi nimureke bakore uko bashoboye rero hama namwe mureke kwitambika muvyuburundi ko wumva ko ibibazo bizotorerwa inyishu n’abarundi

  • Mwakoze Imana ihezagire aho mwakuye. Abilene nagisagara gitoya muri Texas. Ndizera ko mubereye akarorero keza DALLAS ,HOUSTON,SAN ANTONIO eka nabandi baba muyandi ma STATE benshi barabaye impunzi babonereho uwo mutima wurukundo mwerekanye. ABAVUGA NGO MWAFASHIJE ABI RWANDA GUSA NABO NIBABE BARAFASHA TANZANIA BAREKE KUVUGA GUSA.MUGIHE MUHAYE MURARONDERA IVYOGUFASHA ABO UMUTIMA WANYU UBABARIYE.

  • Ni vyiza cane iyo ngingo yari yaratevye, ayo mafaranga nibayafashishe impunzi zireke kwica n’inzara, ingwara..., nakare leta y’uburundi yavuze ko yikukiye kandi ko 80% yayo mafaranga asubira iyo yavuye, nkeka rero ko atakintu kinini bahonvye

  • NIMUBASHIRE KUKO NABAKOZI BANYU NIMWE MWABATUMYE GUTEMBAGAZ UBUTEGETSI BIRABANANIRA MUCA MURABAHUNGISHA NISAWA NIMUBAHEMBE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.