IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubudagi bwiyemeje gushigikira igisata c’indero mu Burundi

Ubudagi bwiyemeje gushigikira igisata c’indero mu Burundi

vendredi 30 Rusama 2014

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu c’Ubudagi igiye kubandanya ikomezwa na cane cane mu gisate c’indero, ivyo bikaba vyashikirijwe na Peter Friedrich aserukira akerere ka Baden Wuerttemberg mu mubonano hamwe n’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yakiriye mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu wa 30 Rusama 2014 abashitsi bakomeka mu gihugu c’Ubudagi, baje baserukira akarere ka Baden Wuerttemberg. Bayaze ibitari bike nko gukomeza imigenderanire hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri na cane cane akarere ka Baden Wuerttemberg baje baserukira.

Abo bashitsi baje bava mu gihugu c’Ubudagi bakaba barashoboye kugendera ishure kaminuza y’i Gitega aho basanze igihugu c’Uburundi carashoboye gutera intambwe mu bijanye n’indero. Bemereye kandi Umukuru w’Igihugu kuvugira Uburundi mu gihugu cabo kugira baze barafashanya muri ico gisata nyene c’indero n’amagara y’abantu nko mu guhanahana abakozi, nkuko vyamenyeshejwe n’umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vyumukuru w’igihugu, Abayeho Gervais.

Barashima cane intambwe igihugu c’Uburundi kigezeko mu bijanye n’amahoro n’umutekano, ku bwabo akaba ari nk’igitangaza kubona igihugu cahora mu ngorane ubu arico basigaye batumako mu kuja gufasha kugarukana amahoro mu bindi bihugu nka somaliya na Centrafrique n’ibindi.

Umukuru w’Igihugu yabashimiye, arabemerera ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Igihugu c’Ubudagi itera ija imbere, aranabambwira kandi ko igihugu cavuye kure kuko caciye mu ngorane nyinshi kandi zikomeye kuva twikukira ari naco gituma ku vyerekeye intwaro rusangi Uburundi bukiri nk’umwana akivuka ariko ko Uburundi bukora uko bushoboye kugira bwitunganye neza.

Tubibutse ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu c’Ubudagi imaze igihe kirekire cane, imyaka irenga mirongo itatu, bakaba kandi baheruka gushira umukono ku masezerano y’ingene ivyo bihugu uko ari bibiri vyoza birafashanya mu bisata bitandukanye, cane mu gisata c’indero n’amagara y’abantu.


Alida Sabiteka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.