Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubufaransa bwahagaritse imigenderanire ya gisirikare n’Uburundi
Ubufaransa bwahagaritse imigenderanire ya gisirikare n’Uburundi
samedi 30 Nzero 2016, par
Igihugu c’Ubufaransa cafashwe ingingo y’uguhagarika imigenderanire ya gisirikare n’Uburundi, iyo ngingo ikaba yamenyeshejwe inyuma y’ihagarikwa n’ipfungwa ry’abamenyeshamakuru babiri b’abanyamahanga bahavuye barekurwa mu mugoroba wo kuri uwu wa gatanu.

Kuva igihugu c’Ubufaransa kimenye iryo pfungwa ry’abo bamenyeshamakuru, Laurent Fabius, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu yari yasavye ko abo bamenyeshamakuru borekurwa.
N’aho bahavuye barekurwa ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu, ibikoresho vyabo vy’akazi hamwe na terefone ngendanwa zabo bikaba vyarafashwe. N’ikigo kijejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi kikaba cafashe ingingo y’ukwaka abo bamenyeshamakuru uburenganzira bw’ukurangurira akazi kabo ku butaka bw’Uburundi.
Moore Philip Edward wo mu gihugu c’Ubwongereza hamwe na Jean Philippe Rémy umufaransa akorera Ikinyamakuru Le Monde, bari baraye ijoro ryabo rya mbere mu gasho k’igendereza i Bujumbura, inyuma y’aho bafatiwe n’igiporisi muri karitiye ya Nyakabiga. Amakuru yari yatanzwe n’igiporisi c’Uburundi yavuga ko abaporisi bariko bakora ibikorwa vyabo ba minsi yose, mu gihe bahabwa amakuru ko aho mu Nyakabiga hariko habera inama y’abantu bitwaje ibirwanisho.
OPP2 Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko uwo murwi w’abitwaje ibirwanisho wari kumwe n’abo bamenyeshamakuru babiri, Moore Philip Edward na Jean Philippe Rémy.
Igiporisi c’Uburundi cabagirije ko bari kumwe n’abantu 15 bagirizwa ko ari abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho.
IGIHE
Messages
30 Nzero 2016, 13:39, par habumugisha
nibagende nubundi iwabo birigwa baricwa nkubunyegeri dukeneye abarusiya na bashinwa gusa.
30 Nzero 2016, 14:22, par MULIGANDE
FRANCE nihagarike imigenderanire na FDLR tuzahita tumenyako bavavanuye n’inkozi z’ibibi zose c’est à dire BURUNDI FDLR
30 Nzero 2016, 14:23, par INTAGOHEKA
ABAZUNGU NABONYENE BARANTANGANZA KUBER UBUSHOMERI BAFISE NGOBAHAGARITSE INFASHANYO BATANGA MUGISIRIKARE KUBERA CAKOZ AKAZI KIJEJWE MBEG IWABU IYOHAGIZ UWOBIKEKA NTIBAMUHAGARIKA KUGIRA BAKORAMATOHOZA?NIMUREKE. NAKARE MUPENDE AGUPENDAE ASIOGUPENDA MUTIMUWE
30 Nzero 2016, 14:26, par Japhet
Mbona Abo Bamenyesha Makuru Bariko Bararenganywa
30 Nzero 2016, 18:27, par Nwari
Mbega ufise umwana akagirira amakosha ababanyi ahokumukebura ukamuhana ukaca usimbira kuri bababanyi bawe akaba aribo wiyamiriza ubabwira ngo sinzosubira nokugenderanira nawe abobana bawe harico wobubamariye? Ubufransa buranyumije!
30 Nzero 2016, 19:05, par Donatien
None Bipfuza Iki
30 Nzero 2016, 19:07, par Donatien
None Bipfuza Iki
30 Nzero 2016, 23:05, par Mpozamarira Erias
Iyo ngingo yafashwe Nubufaransa bayi fashe hageze nakare ubumenyi babigisha, bariko babukoresha mukwica abenigihugu. Abo bamenyesha makuru kuba bafashwe si gitangaza, turazi reta ya Nkurunziza ntiyerekwa abamenyesha makuru, kugutinya kwamabi bariko barakora yo menyekana. Ariko baribesha umusumwe ibisaka vyi yo ntiriwe ndavuga bizosha, bacumugani mukirundi ngo akataretse kaba gasema. kuba babikozuko ndabishima ,kuko umurozi amenyekana cane iyo bamufashe ariko araroga.Naborero barerekanye yuko umwuga wo kumenyesha makuru kwatawo bakeneye Muburundi. jewe nkivyo ndavyita ubujuju burengeje urugero, muzorabe namwe umugabo wi kigugu iyariko arakubita umugore wiwe ngo haze abantu bajekura ibiriko biraba, acatangura kubirukako namahiri, canke namabuye. kuko abayanka kwivyiwe bimenyekana, nabo ndabagereranya nkuyo muntu!!!!!!! karababanyeeee.
31 Nzero 2016, 01:05, par sancho
We Nkurumbi igihe kizogera ukuri kuje ahabona,nabo abo ba Franca turizi neza kwaribo barinyuma ya genocide mwateguye kuva kera ,ariko ndakubgire ntabo uzomera bitebe bitebuke uzobiriha,ico gihe uzokwicuza utakigira abaruka inyuma yawe bagukomera amashi,ahubgo uzoba urikivume.

31 Nzero 2016, 01:06, par sancho
We Nkurumbi igihe kizogera ukuri kuje ahabona,nabo abo ba Franca turizi neza kwaribo barinyuma ya genocide mwateguye kuva kera ,ariko ndakubgire ntabo uzomera bitebe bitebuke uzobiriha,ico gihe uzokwicuza utakigira abaruka inyuma yawe bagukomera amashi,ahubgo uzoba urikivume.
31 Nzero 2016, 10:41, par amahoro
babonye vyabinyoma vyabo banyuza kuma television mpuza makungu bitagishobotse none barivumbuye nibajane ivyabo batange amahoro, ubu ejo france 24 yakwirirwa inyuzako amarementanya yabo bmenyesha makuru ngo MAPROBU zihute kuza none umugambi wabo wanse bahomvye amahera bashoye muri iyo projet yogukura ubutegetsi bwa CNDD. nibaronderere ahandi nko kuma satrite naho ivyinteko mvamakungu vyo vyanse. abanyaburaya n’america bazokura ikimwaro mu burundi muzoba muraba muzotangara cane.
31 Nzero 2016, 18:43, par Ngendakuriyo
Imana ishimwe!! ahubwo bosi nibahagarike imfashanyo kuko nizo kumara Ibibondo na Bavyeyi. ariko mu Burundi tuzopfa twimaramaje Ingenzi muzironderako iki? uwo biburiye ntabura abo atembana. ukuri kuzoteba kuja ahabona imisi yu mubeshi iraharuwe!!!
1er Ruhuhuma 2016, 06:49, par congera
Ewe France urikijuju mbega ko twifitiye nikele tukagira nayandi mabuye yagaciro tuzoburiki? Ivyo wahora uduha tuzobikura muri chine,luciey,irani,sud africe,angola,tanzanie .... Mwunva tutipanze abobose baradukeneye ko twiyunga nakare wewe atarukuryanisha abantu ntakamaro kawe
1er Ruhuhuma 2016, 19:05, par ikasi
hu mihame hamwe Nkurunziza abayobore mureke ubujuju. ahubwe mwiha kumurwanya barabashuka
1er Ruhuhuma 2016, 22:32, par carinie Niyonizigiye
Iyo ni ico bite ruse, nta France yabivuyemwo nuguhuma amaso amakungu kugira ntibamenye ivyabo
2 Ruhuhuma 2016, 23:36, par RASHID KIGARA
HAAA EMWENDUMIW NONE NABAFARASA BASIGAY ARIBIJUJU NIBAGEND KUKO TWABAHINYUY AKAZIKABONUKUBESHAGUSA TWEBWEABARUNDI TURASHOBOY AGAKACIY TURACAKIRA BARABAZA ABASHAMBAMBU.
5 Ruhuhuma 2016, 07:33, par IZOMUKIZA
jw ndabona mws umeng mur ibijuju!ukwokwizitira nyene namakungu niyonkwezi yamarushwa mumenye!Ihanga rizotera irindi hanga n!ubwami nuko...mukiz kudasoma nukwinjir murusngero kumv umunyanga gusa!kwegaa!