Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ubuhinga bwo kuri kurima igiterwa c’ibiharage mu Burundi
Ubuhinga bwo kuri kurima igiterwa c’ibiharage mu Burundi
mardi 29 Ndamukiza 2014
Igiterwa c’ibiharage kirimwa mu ntara kama zose zo mu Burundi. Kiza ubugira gatatu inyuma y’ibitoki n’ibiterwa vyamira mu kuzimu, ku vyerekeye umwimbu.
Kuba gifise muri ico, ivyunyunyu ndemamubiri, ntanganguvu na nsanganyangaburo, bibaka bigituma kiba imfungurwa mbumbarugo mu kurwanya inzara mu miryango. Naho igiterwa c’ibiharage kirimwa cane hano mu Burundi, n’igiterwa gihura ahanini n’ingorane zifatiye ku ngwara hamwe n’itituka ry’isi ndimwa. Vyongeye, igwirirana ry’abantu n’ihindagurika ry’ibihe biratuma umwimbu wavyo ugabanuka.

Ikigo c’ubushakashatsi mu burimyi n’ubworozi mu Burundi, ISABU (Institut des Sciences Agronomiques du Burundi) kikamenyesha yuko naho igiterwa c’igiharage gifise akamaro ntangere, izo ngorane zose zituma kidatanga umusesekara wo gushora bikenure, zirikumwe n’amikoro make y’abarimyi. Muri rusangi, igiterwa c’ibiharage kiri mu mirwi itandukanye umuntu afatiye ku kungene bikura n’aho birimwa. Dufatiye ku kungene bikura, hari ibiharage bigufi, ibiharage vy’imitwe bitaremberwa hamwe n’ibiremberwa.
Abagize ubushakashatsi ku giterwa c’ibiharage mu Burundi, bavuga igiterwa c’ibiharage kidakunda isi ihanamye canke mw’isi ijana amazi. Iyo rero birimwe ahantu bidakunda, ntibiheza ngo vyimbuke neza.
Nk’uko bibandanya bivurwa n’abagize ivyirwa ku giterwa c’ibiharage mu Burundi, mu kurima, abarimyi bakwiye gushinga isuka kw’isemo iri hagati ya sentimetero 20 na 25. Bahejeje bagakangaza, kugira imizi y’igiterwa izokworoherwe, mu kubagara kugira hashingwe ibirembezo.
Ku bijanye n’imbuto zavyo naho, zitegerezwa kuba zifise umumero ungana n’imibiriburi ku bice 80 kw’ijana, zumye neza, zitavanze, zifise intete zinganya ubunini, zisukuye, zitagiramwo amabuye, ibinonko, ivu, zitononekaye, zitamanyaguritse, zitaguye ifira, zitabunzwe canke zaboze. Mu guteragira naho, bigirwa ku murongo, bigaterwa ku gatasi, imvura yashikanye hasi.
Igiterwa c’ibiharage kurya cimbuka cane, niko gishobora no kutimbuka mu gihe kitatewe mu buryo categerezwa guterwamwo.
Mariella Bukuru