IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuhorande bwahagaritse infashanyo bwahora buha Uburundi

Ubuhorande bwahagaritse infashanyo bwahora buha Uburundi

jeudi 17 Nyakanga 2015

Ingoma y’Ubuholande imenyesha ko ihagaritse imfashanyo zose yahora iha igihugu c’Uburundi,kandi ko atayandi masezerano yo gufashanya n’Uburundi mu bijanye n’ubutunzi izosubira gushirako umukono.

Nkuko biri mu rwandiko rwateweko umukono kuwa 14 Nyakanga 2015 n’ubuserukizi bw’Ubuholande mu Burundi,ingoma y’Ubuholande imenyesha ko ihagaritse guterera mu bijanye no kugura umwavu w’ikizungu,kandi ihagaritse gufashanya n’ubutegetsi bw’Uburundi kurongora imirwi ifasha mu burimyi.

Muri urwo rwandiko,Ingoma y’Ubuholande imenyesha ko igiye kugabanya kwitaba amanama atunganywa na Reta y’Uburundi,ariko ko ibikorwa bijanye n’intwaro ibereye bizobandanya,harimwo inyigisho mu bijanye n’agateka ka zina muntu,ibiturire hamwe n’amategeko mu kazi.

Turetse mu gisirikare n’igipolisi ingoma y’Ubuholande yemeye kugumizaho abakozi bamwe bamwe mu ntumbero yo kubandanya ibiganiro no gusubira kunagura ibikorwa mu gihe ibintu vyogenda neza, mu bindi bisata ingoma y’Ubuholande imenyesha ko imfashanyo zonyene zishikira ku banyagihugu arizo zizobandanya gutangwa.

Mu kurangiza,ingoma y’Ubuholande imenyesha ko izokora ibishoboka vyose kugira Reta y’Uburundi ishobora kugarukana amahoro mu gihugu,yake ibirwanisho urwaruka ruva mu migambwe itandukanye kandi ishireho icuka ciza cotuma abahunze igihugu bahunguka.


Van Naris Mugisha

Messages

  • nizomfanyo muduha twebwe abanyagihugu nimuzigumye ntawukunda umwana akanka nyina kandi turabiyamirije murabe ivyiwanyu muturekere ivyachu tuzovyimenyera u Burundi ntibubayeho kubwizo mfashanyo zanyu mutahure ko se barundi Peter nkurunziza atachananiwe izomfashanyo nimuzishire abatutsi benewanyu murwanda

  • None tubaye abande?mana dutabare

  • isiyacuiramera.nimugunyetuzorima.ukomyene.mugadutwarwenuwotwitoreye

  • Jewe nzikohaheze igihebabivuze kobazihagaritse mbese bakababitaguriye kubishuramungiro mukutwima amahera baribaratwemereye yogukora amatora!? Ndaziko ivyobashaka kobiba mugihe amatora atarikuba nivyobakomeje gushakisha icoruma biba, ariko turaje tubabize intugita bazosugarebibazango’ mbega u Burundi!!!??? Ibifise impamvundabivugiye.

  • Nkurunziza; ifate mu jisho ukure meza ibintu bitarayangara.

  • Nabado just wait your will see nabandi barimunyuma

  • nimujane izonfashanyo zanyu ariko muduhe amahoro,nakare iwanyu ibibazo vy’impunzi ziva muri siriya no muri libye vyababanye umurengera.izonfashanyo abandi bazaziduza inshuro10.

  • Wow! CNARED NTIYICAYE BENE BURUNDI MWESE MUKUNDA DEMOKRASI BE N’AMASEZERANO YA ARUSHA IBI BIREREKANA NEZA YUKO AKAMO NYANGOMA NABO BASANGIYE KURONGORA CNARED BAHERUTSE GUTERA AMAKUNGU KITABWE! HAMA BAMWE BAHENDWA NGO NKURUMBI YATEGUYE AMATORA MUTANGARE! PETER AZOKWIYOMORA MBERE MBERE YUKO CNARED ITANGURA KUMURASA! EGA MURIBUKE NEZA YUKO UBURUNDI DUSANZWE DUTUNZWE NINFASHANYO IVA HANZE! MURUMVA NEZA YUKO PETER BIDATEVYE BUCA ATANGA IMIHOHO! CNARED OYEEE BANDANYA MUKORA MPAKA TUMUTITIMURE PETER!

  • Aha! karabaye rero! Mbega ko ibihugu vyose vyahora bidufasha bituvuyeko,tugiy kuba hehe? Mana fash-uburundi! None Pierre Nkurunzaza,azoshobora guhemba abakozi ba Reta bose? Biragoye!

  • Ivyo vyose ni ingaruka za 3ème manda illégal, maudit, teroriste,...

  • Aba DD Ntibumva Bamenyereye Guhekenya Imwumbati No Kurya Amababi Yayo None Raba Ivyo Badukwegeyemwo. CNARED Tuyisavye Gukora Ijoro Numurango Kugirango Idukureko Nkurunziza Kandi Ntazokurwaho Nibiganiro Azokurwaho Numuheto Kuko Nigitimbayi Gikuru.

  • ayo batanze muri manifestations yabateje agahombo ntangere,andi barya ba organisateur babonye vyanse baca barayikorako burira indege niyo barigufunguramo iyobari za buraya.

  • Aba DD Ntibumva Bamenyereye Guhekenya Imwumbati No Kurya Amababi Yayo None Raba Ivyo Badukwegeyemwo. CNARED Tuyisavye Gukora Ijoro Numurango Kugirango Idukureko Nkurunziza Kandi Ntazokurwaho Nibiganiro Azokurwaho Numuheto Kuko Nigitimbayi Gikuru.

  • SIMWEBWE BASHA NI ABARUNDI TWABAYE NABI.NTAHO TWARI BWIGEZE.NTAKUNDI NTAWUHOMERA IYIYONKA.

  • None Ntibareke Karehoho Vyadushikira Kimwe Gusa Peter Ntarota Arekura Mbere Ubu Natwe Tugiye Kwihora

  • Reka abarundi tugume mubibazo nimw mwabidushizemw mbega mutaraza abarundi ntitwabana nkabonse rimw?muj mugatandukany abant ngo abakene nabahutu nabatwa ngababazanira amata ngo nabatutsi ahubwo nimwihan mudusab ikigongw nahubund Imana igiy kubibabaza vyose nimw mwabiteye

  • aba barishajije mu Rwanda ngo bataye mumvuto Ingabire victoire avuye iwabo bamutekereye amagera yo gusenya reta y’urwanda, Kagame arabihoza none basigaye bamuha inkunga atazibasavye. mubihoze gato muzaba mureba ivyabo. gusa leta nirondererere umutekano abanyagihugu, ibindi bizikora.

  • aba barishajije mu Rwanda ngo bataye mumvuto Ingabire victoire avuye iwabo bamutekereye amahera yo gusenya reta y’urwanda, Kagame arabihoza none basigaye bamuha inkunga atazibasavye. mubihoze gato muzaba mureba ivyabo. gusa leta nirondererere umutekano abanyagihugu, ibindi bizikora.

  • MWARACEREW,GUHAGARIKA,EREGA NAKAR,AKIMUHANA,KAZA,IMVURA IHISE!NTAMUCERI UVAMUBUWORAND,NTABIHARAG BIVAYO NIBINDI VYINSHI BIFITIYAKAMAR,ABANYAGIHUGU NAKAR,NIMWEMWATEJ,IZIMRYAN MWISHIMIKIJ IMFASHANYO MURANANIW NAMASANSU MUSHIZ MUFASHANYO??? IMANA ISUMBA AMAJAMBO!!!

  • NABANZE ABONE AYO GUHEMBA IMBONERAKURE NINTERAHAMWE CYAGWA BAMUMESE . NTACYINDI BAPFANA NI CASH . KO AYO BALI GUHEBWA YOSE UBU AFITWE NU MURYANGO WA NSHIMILIMANA A . UKENDA UGARAMYE WUBAMYE URAGOWE. NUKUGULISHA IMVOKA ZINGOZI NTAKUNDI

  • @nduwayo
    Mbega ivyo uguma udusubiriramwo tutazi ni ibihe,u burundi dtunzwe nimfashanyo,pffff,turabizi,cnared izoturasa haheze igihe mubitubwira ,kura induru ingo turasane

  • jewe kuruhande rwanje nrya ndirondereye ivyagusa bitera ubwenge buke rero ubuhorande buribaza nibo baturemye imana iriho none ntabakene babayeho gusa twironkere amahoro tuzironderera ibidutunga ububirigi barabahenda cnared

  • @ndababonye
    weho iyo myumbati nta niyo uzoronka mu minsi iza,ariko wotangura kurya gitaminsi ça te ferai un régime,ivyo bida abatutsi mwagiye mugasugumisha mu vyo mwatwivye vyoheba bigapunguka

  • Je ndatangazwa nabantu bavuga ngo ntibatunzwe nimfashanyo.mbega bibaza ko habuze imishahara izobura kuri bamwe gusa.NKU.P ayo yivye ntazobaha namba.

  • nimuzigumye mureke guteranya abarundi twebwe tuzokorana nabandi kuko uburundi dufise ubutare bwinshi muduhe amahoro tubuhe abo dushaka mureke kuduteranya mushaka ubutare bwacu mushaka kutugira nkuko mwagize havyarimana kugira muze muri kongo gusahurayo ubutare akaba arico iuma kagame yigira ivyashaka mukamushigikira nimuduhamahoro tuzokorana nabandi mureke gushigikira abagumutsi kugira ngo mugere kuvyo mwifuza twarabahinyuye

  • ntimba vyobakundira boheba vyose aho kuducanishamwo

  • nohamagarira abanyagihugu kuraba utuntu dutoduto bakora ariko twimbuka ningoga, irengarenga, itomati, umuceri, amashu, .......... ntibate umwanya kwivyo bita ngo nibiterwa njabukamazi kuko ntaco bivuna umunyagihu, abanyagihugu bijukire imwuga mitomito hamwe nokwiga kuziganya mudusandugu bakoresheje umutahemuto, bakore nuducooperatives nacane cane hagwizwe ico bita entrepreneuriat uzorabeko ayo makungu atamaramara nkuko vyakozwe kumatora abarundi tugume tugira umutima wogufashanya no guhana ivyiyumviro hama abize ntibakengere akazi uzorabeko ivyobihano amakungu yitwaza bidasendwa, izomfashanyo baturatira nico bita cadeau empoisonné mu gifaransa nizokuducura bufuni nabuhoro gusa. vive le travail et entraide sociale.

  • Jewe Mbona Yuko Ibiganiro Ko Vyotangura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.