IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Buraya bugabisha ko ibindi bihano bishobora gufatwa

Ubumwe bwa Buraya bugabisha ko ibindi bihano bishobora gufatwa

lundi 15 Ruhuhuma 2016, par egide

Abashikiranganji 28 b’imigenderanire n’ayandi makungu b’ibihugu biri mu muryango w’ubumwe bwa Buraya bamenyesha ko biteguriye gufatira Uburundi ibindi bihano mu bijanye n’ubutunzi, inyuma y’aho ibiganiro hagati ya Reta y’Uburundi n’uwo muryango vyankiye.

Inyuma y’inama yabahuje kuri uwu wa mbere mu gisagara ca Bruxelles, abashikiranganji 28 b’imigenderanire n’ayandi makungu b’ibihugu biri mu muryango w’ubumwe bwa Buraya, mw’itangazo basohoye, bamenyesheje kandi ko ibihano bishobora gufatirwa abantu bose vyoboneka ko ibikorwa vyabo vyateye, canke bishobora gutera haba ubugizi bwa nabi canke ihungabana ry’agateka ka zina muntu.
Abo bashikiranganji b’imigenderanire n’ayandi makungu b’ibihugu biri mu muryango w’ubumwe bwa Buraya bamenyesheje kandi ko n’abantu bose babera intambamyi inyishu ya poritike ku bibazo vy’Uburundi, bashobora nabo kuzofatirwa ibihano.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryarafatiye ibihano abategetsi bane b’Uburundi bagirijwe n’uruhara rwabo mu ntureka zibera mu Burundi, ivyo bihano bikaba bigizwe n’uguhagarika amatunga boba bafise mu bihugu bigize uwo muryango, hamwe n’ukubaka uburenganzira bw’ugutembere muri ivyo bihugu.


IGIHE

Messages

  • mbemwebwe murarabna ko muzobishobora garukira uburundi

  • Non Twebwe Abanyagihugu Nyarucari Komuheza Kubifata Hamabika Dukorako Mwumva Arineza Mudushakira?

  • Imana niyo nyishu kuburundi kandi turayizeye izobikora

  • NONE BURYA .MUFATIYUBURUNDI. IBIHANO NTAGATEKA KAZINAMUNTU.MWOBAMUHUNGABANIJE ?

  • Ariko ukwo kuguma mwidodomba kudahera bivakuki! Nimubikore murebe uko musubiranamwo namwe, mbentimubona ko ahomukoraniye mwebwe ubwanyu ko iyohagize uwuvuga ngomufatire ibihano uburundi kohariho abandi bacabashavura? Rabanaho mwicaye uwubaravye mumaso arabona komutarikumwe muvyiyumviro. Jewe ndaziko nubwo atari ababiligibose, iyaba kubwububirigi ubumwe bwa Bulaya bubabwaramaze gufatira ibihano uburundi, ariko kubwigihugu cububiligi carabifashe , ariko iyokivyemeje ibihugu bisangije umuryango wa EU bicavyanka kugendera mukigare cu Bubiligi, nihomubona hacahaguma mengo nururirimbo rudahera rwokuvuga ngwibihano ju Burundi ngwubumwe bwa Bulaya bushaka gufatira uburundi. Ereka ibihugu birenga 20 biragoye kugiravyose bihurize kukugambanira uburundi nkuko ububiligi bwakavaranguje agati kuvakera bugikoroneje uburundi!?.

  • cotwifuza nama horo

  • obo nabo vyabayobeye !!! gusa icibazo barazi aho kiri nuko babirenzako amaso.

  • muga mubikoz sottement! Nn ninzira akarengan babarundi ko muzob muzibirany! Nn k bamaz gutung sitw tuzohasiga akaguru! Eee! Vyig neza sha

  • Ayo matangazo yaburigihe atagira ibikorwa abarundi twarayahaze twebwe dukeneye imvugo ijana ningiro aho mwagahereye muvuga abarundi twarambiwe urwo ruyogoyogo rwanyu hejuru y’imivyimba yabana buburundi ntamusi wijana hadapfuye abantu canke Ngo bakomereke abandi ngobatwarwe gupfungirwa ahantu hatazwi none abobazungu birirwa basohora amatangazo ataco afasha abarundi nagitoya ahubwo biragaragara ko abazungu baryoherwa iyobabona abirabure bariko barapfa mbe ejo bundi ko habaye ibitero mubufarasa kwatanisaha yaheze batarungitse inteko kurwanya ababikoze none iwacuho babizwa Niki naho ivyobavuga vyogufatira ibihano abobicanyi ntaco bimaze batabataye mumvuto Ngo babakure mubanyagihugu kuko kuva babifatiye ntamusi wigeze wijana batanigaguye abanyagihugu nibareke kuguma badukora munkovu nayo matangazo yabo twarushi niba barabuze icobakora Ngo batabare abarundi nibapfume binumire nakare ngutagira inasenge arisenga iyoreta baguma bahendahenda kandibaziko itemewe namategeko kandi babona amahano yirirwa irakorera abarundi nikuberiki twarushe turarambiwe namatangazo atagira ibikorwa icombaye ndabwira abo bazungu bamenyere baza kwiririsha Ngo baje gufasha abantu umubabaro kandi inganda zitikira barorera ntibaze batugerereho

  • oya mugabo non ibihugu vy’ibihangang bibabishaka kugendera mubiriko bizamuka mwiterambere,erega biramenya ko twikukiye ok nukubandanya twisengerimana kuko ntaciyinanira.

  • ivyobihugu.vyaburayibibonamubundikohonyeneharingorane.murisirievyabananiye.mubugandavyatanguye.nibaduhe.ibikoshonubuhingabwokwak,ibigwanisho.ibobayateramubanyagihugu

  • mbega ??abazungu bigize imana bibaza yuko bahagarise imfashanyo zabo twoca twicwa n’inzara ???bibaza murabo bashikiranganji 28 ntabashigikiye uburundi barimwo abarundi ntimwamwe muzerinze abazungu iconzico nukubasubiza inyuma gusa kugira mucano gusa mubijanye namacakubiri kandi imana mukurema ntiyaturemye umuhutu numututsi ago mwohacira ubwenge

  • kotwumva muvuga abogufatiribihano mbega Nkurunziza komurafata imitungo yi we yagiye kunyegeza muzaburayi, nawe ariwe mukuru wa bicanyi bose. cakabiri mbega kubazibira kugenda mubindi bihugu bizobuza kwabandanya kugandagura abo badasangiye ubwoko? birirwa barahenda amakungu yuko atahonyabwoko riri mu Burundi, kandi ngo reta yiwe rwirimwo ubwoko bwose, nukubesha abarimwo na bitusure bahisemwo guhonya abiwabo, nabovugiye abanyagihugu bamwegereye nkurunziza ya bahaye acanyama karimwo jondama yo kutibuka ababo bariko batekerwa ubudumu bwamazi kubihimba vyu mubiri, abandi bacumitwa ishinge, abandi bahimburwa ibihimba vyirondoka, ahubwo bari bakwiye guharirwivomo kwisiyose,bakaba nkagati gahagaze muruzi. barya bose birikumwe bose bagafatwa bagacirirwurubanza rukwiranye namabi bariko barakora.

  • Uburundi sibwo bukeneye EU .tumenye nkuko baje kudukolonisa tutari tubakeneye ariko EU Niyo ishaka uburundi. Kuko yikuye kuburundi baca babura Nickel bose bahanze amaso. 6% vyubutunzi bwa Nickel kwisi nzima buri muburundi. Bashatse gusahura nkuko bagize libiya Siriya ,drc ...liberia ,abarundi bihagararako niyontandaro yisi yose yahagurutse .abatabona ibintu nibindi bakibaza ngo ningorane za politike, mbega ko baduhaye independence politike kubera iki batwima canke badashaka kuduha Independence Economic?

  • Za Mureka Imvugo Ijane Ningro Nayahandi Biragoye Koranira Kuri Kimwe

  • Naho Ivyo Bifatwa Barakwiye Ku Rund Ruhand Kwumvira Impuw Abanyaghugu Batobato Kuko Aha Nini Izo Mfashanyo Zaza Kuneza Y’umunyagihugu.Izomfashanyo Twosaba Ko Zitokurwa Zoguma Zitangwa Arko Bagafatira Canecane Ibhano Abo Banyapolitiki N’abatuma Abahungabanya Umutekano Mukurasa No Gutera Ama Grenade. Wumve U.E!

  • Mbenoneko Ububirigi Ko Buguma Bukora Iterabwoba Ndetse Bukabesha Abarundi Bamwe Ngo Genda Mwicane .Nkajewe Ububirigi Ntabwo Nshigikiye

  • Mbega comments ntabwo byoroshye ariko uburundi buchishe make bwutondere amahanga ntawe uhangana numurushya imbaraga. abaturage nibo bahagorerwa mugihe ubuyobozi bwiza ari bwita kubaturage.

  • Uwishe uburundi ni uwubona uwubupfukamye munda akamureka uyo niwe mwicanyi mukuru.

  • NONE UBUMWE BWA BURAYA NIBWO BUSIGAYE,BUTEGEKWA NAKARWI KATEMERA IVYAVUYE MUMATORA,KAGIZWE NA SINDUHIJE,KAGAME ,MBONIMPA,PACIFIQE,NABANDI?MUTAMA NKURUNZIZA,KOMERA KUMUHETO,ABARUNDI ISINZI TURINYUMAYAWE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.