IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Buraya bugiye kurwiza imfashanyo ku Burundi

Ubumwe bwa Buraya bugiye kurwiza imfashanyo ku Burundi

mardi 3 Kigarama 2013

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, ubu riramutswa Patrick Spirlet, ndetse akaba yarahawe umubonano n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure, aho yari amuzaniye amakete amugena muri ayo mabanga mashasha mu gihugu c’Uburundi, imbere y’ukwo azoca yakirwa n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Spirlet na Kavakure, bakaba bayaze kubijanye n’imigenderanire myiza isanzwe iri hagati y’Uburundi n’ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu vya Buraya, ndetse baranavugana n’ibijanye n’ugufashanya. Kavakure akaba yakeje cane uyo aje guserukira umuryango w’Ubumwe bwa Buraya i Bujumbura, ndetse anamwemerera ko ubushikiranganji arongoye buzokorana neza nawe eka n’umuryango wose muri rusangi.

Partick Spirlet akaba yamenyesheje ahiwe ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya aharyo rishimishwa n’imigenderanire myiza isanwe iri hagati y’Uburundi n’ishirahamwe aje guserukira, ndetse akaba avuga ko umuryango w’Ubumwe bwa Buraya, ugiye no kurwiza na kabiri imfashanyo wari usanzwe uha igihugu c’Uburundi. Abandanya amenyesha ko imfashanyo zizoduzwa mu gihe Uburundi buriko burava mu gitigiri c’ibihugu bikiva mu ntambara, kikitwa igihugu nk’ibindi vyatsimbatayemwo amahoro n’umutekano.

Aheraheza avuga ko aje gukorera mu Burundi mu gihe, igihugu cegereje amatora yo mu mwaka w’2015, hakaba hasigaye amezi make ashika kuri 18 kugira ico gihe kigere. Avuga ko yizeye ko azokorana neza n’abandi bose berwa n’ibibazo vy’Uburundi na cane cane mu bisata vyo guteza imbere igihugu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.