IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Utundi duhanga 38 tw’abantu twatowe kuwari yafatanywe utwa mbere

Utundi duhanga 38 tw’abantu twatowe kuwari yafatanywe utwa mbere

mercredi 6 Munyonyo 2013

Ubuhanga 38 bundi bwarafashwe n’igiporisi ku rugo rw’awa mutariyano aheruka kwagirizwa kurungika uduhanga tubiri, eka n’uwundi muzigo w’agahanga kamwe wagarukiye mu gihugu c’Ubushinwa ,hakaba hamaze kumenyekana umukongomani yitwa Mutoka ko ariwe yoba ari mubo bakorana n’uwo mutariyano muri urwo rudandazwa.

Mu gihe ku kibuga c’indege haheruka gufatwa uduhanga tubiri aho basanze twari twarungitswe n’umutariyano Giuseppe Favaro, mu giporisi kijejwe amatohoza bamenyesha ko batoye ubundi buhanga 38 ku rugo rwiwe aho yarasanzwe akorera mu kajaga.

Telesphore Bigirimana, umuvugizi w’ibiro bikuru vy’igendereza amenyesha ko kuva afatwa baciye bakomeza amatohoza kugira bamenye vyinshi kuri uwo mutariyano Giuseppe Favaro. Ariko rero, ubwa mbere ntiyemera urwo rudandazwa, ariko ubu aratanguye kubivuga. Umunyecongo azwi kw’izina rya Mutoka niwe bamaze kumenya ko bakorana urwo rudandazwa. Baracatohoza ico yoba akoza ubwo buhanga n’ibihugu yoba abudandazamwo. Gushika ubu icibonekeza, n’uko urwo rudandazwa rw’ubuhanga bw’abantu bapfuye arukora yivuye inyuma.

Mwomenya ko igiporisi kiriko kirabandanya amatohoza kugira kimenye vyinshi kuri ubwo buhanga, n’abo babujana kubudandaza mu mahanga.


KARIRE Floxella

Messages

  • Ewe barurundi twarabuze ihero ryimiti.none uwomuzungu ubwo buhanga abukura he?ahubwo bakore amatohoza nababushora kuri we bafatwe.

  • Emwe ikitabuze rero n’ubuhanga basha nanje ako kazi nogakora kuko ahari imva zabantu ndahazi noza kubazuragura pe!!!

  • Ababarundi babaye abicanyi? mana fasha ababanyi bacu

  • Ubutungane kuri bose. abarundi babaye abicanyi ?? Ahoyamiduga myizamyiza mbona ntiva murirworudandazwa! namwe mwakoze ibyaha byihonyabwoko

  • WEWE WIYISE "NU" HAMWE NA WEWE WIYISE "BONAVANTURE" :
    NASHAKA NDABAKEBURE NDABAMENYESHA KO MWANDITSE IVY’UBUPFU.

    ARIKO RERO ASANGWA MUR’ABANA,NTIVYONTANGAZA;KUKO NOCA MVUGA NTI MURACIGA GUHOHA,NI MWAKURA MUZOMENYA IBIKWIRIYE KWANDIKWA N’IBIDAKWIYE.

    MUGABO ASANGWA MUKUZE KOBA ARI AKAMARAMAZA. MWOBA MWITEJE URUBWA. ARIKO REKA NIZERE KO MWAVANGIWE,KO HANYUMA MUZOKWISUBIRAKO MUKAMENYA IBIKWIRIYE KWANDIKWA.

    MUBISANZWE, URYA MUBISHA YAFATANYWE IRYO BARA,NTABWO ARI N’UMWIRABURE WO MURI AFRICA. EKA MBERE NTABWO ARI N’UMUZUNGU WO MUR’AFRICA.
    AHUBWO BANDITSE KO ARI UMU TALIYANO. SINZI RERO KO, KUBWANYU, UBUTALIYANO YOBA ARI IMWE MU NTARA ZIGIZE UBURUNDI.
    KANDI RERO JEWE,MU NTARA NZI ZIGIZE UBURUNDI, UBUTALIYANO NTIBURIMWO.
    MURUMVA KO MWANDITSE IBINTU BITAGIRA UMUTWE N’AMAGURU.

    NAWE WIYISE CIZA ANICK: NAWE URI WE WUNDI ATAZI IVYO YANDIKA. KANDI UZE WAME UZI UTI "LES PAROLES S’EN VONT MAIS LES ECRITS RESTENT."

    KANDI WIBUKE KO BASOKURU BAYAMAZE BATI: " INZARA IRAHERA ARIKO IGIHEMU KIBI NTIGIHERA."

  • ibyashara biragwira. turi muminsi. ibyahanuwe. bivuga. Mana urabe muruhande rwumukiranutsi

  • Ahubwo nimugire amatohoza abapfuye nibenshi haba mukanya bubanza kabezi nahandi kuko.umukuru wipereza adolphe niyera nuwitwa kazungu.ubwo buhanga sabandi bapfuye nabo muri ADC IKIBIRI.8-)

  • Ahubwo dukwiye gusenga Imana kugra ngo abe ariyo ihishura ivyagizwe amabanga.kdi ntibitangaje cane,vyaravuzwe n’abavugishwa batwitangiye imbere ko mugihe c’iherezo ububi buzokwongerekana.Mana fasha uburundi,abarundi,n’abanyamahanga."TWISENGERE,TWIYEZ

  • NDABONA MWATANGUYE KWISHYIRA AHABONA. MUGIYEKUVA MUKINYEGERO. MUSIGAYE GUHAMAGARA ,AMAKUNGU NITUBA TWISHI. UTWODUHANGA

  • Ndabona ubwicanyi bwiburundi! bubandanya kwiyongera utuduhanga ko 38 tubye 42. ejo muzahamarana

  • REKA GUCA IMANZA BASHA AMATOHOZA ATARAHERA. RINDIRA UBUTUNGANE BUZOKORA. IMANA NAYO IZOSHISHIKARA INYEGURURA IVYAGIZWE AMABANGA. ABASENGA KOVYA.

  • REKA GUCA IMANZA BASHA AMATOHOZA ATARAHERA. RINDIRA UBUTUNGANE BUZOKORA. IMANA NAYO IZOSHISHIKARA INYEGURURA IVYAGIZWE AMABANGA. ABASENGA KOVYA.

  • Rekakubeshyera abacongomani! uduhanga twafatiwe iburundi. ntago aba congo bagurisha imitwe yabantu ,bafite ibyashara bitali abantu

  • hari circuit izwi nibayifate nimba atawo batinya mwo nkuko bivugwa ,,na Mutoka ntaco akora kidakingiwe bareke kutubesha!!! Ivy i Burundi murazi aho birondererwa umugani wa Inarunyonga..Ewe Burundi warabuze abatware badukura mu bwicanyi busuzuguritse/..!!!!

  • Birateye isoni!!! None uwo mutaliyano ko ariko abazwa n’abo bakorana, bizogenda gute!!! Nawe nu uduhanga nimba twahora duca kuri aeroport, n’uko hari hasanzwe circuit yakozwe kuva hejuru. Abo bicanyi, imana ibaharire

  • Twese duhaguruke twiyamirize iryobara mugihugu cacu. Dusavye ubutungane buhashe uwowese azokwagigwa niryo gurishwa ryubuhanga.

  • birabaj kweli.bamw bamaz imisi batorwa baciy imitw nta sano twobiha?

  • UWO MUNYAMAHANGA NAFATWN KANDI AHANWE KUKO NTAHO VYAKABONETSE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.