IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubunyonyezi bwakorwa mu biro vy’umukuru w’igihugu bwagirijwe akarwi ka bamwe (...)

Ubunyonyezi bwakorwa mu biro vy’umukuru w’igihugu bwagirijwe akarwi ka bamwe muribo

mardi 29 Gitugutu 2013

Ishirahamwe rya Reta Air Burundi rijejwe kwunguruza abantu n’ibintu hakoreshejwe indege ryatanze umuco ku vyaraye bishikirijwe n’umukuru wa OLUCOME (Observatoire de la Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) ko hari abategetsi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu bafata ingendo zo mu mahanga ku giti cabo bakazitirira iz’akazi, ivyo navyo bikazana agahombo ku kigega c’igihugu kirihira abatari mu bikorwa vy’akazi bajejwe. Umuyobozi mukuru wa Air Burundi amenyesha ko amatohoza ishirahamwe rya Reta Air Burundi ryakoze riri kumwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu yerekana ko ubwo busuma bukorwa na bamwe mu bakozi bo muri iryo shirahamwe bari kumwe n’abo mu biro vy’umukuru w’igihugu.

JPEG - 31.1 ko
Emmanuel Habimana, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Air Burundi

Emmanuel Habimana, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Air Burundi amenyesha ko batanguye kugira amakenga babona ku ntonde z’abakozi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu hari amazina aba yanditswe n’ikaramu, mu gihe ayandi aba yanditswe n’imashini. Mw’ishirahamwe Air Burundi baciye bandikira ku genekerezo rya 18 Ruheshi 2013 umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu bamusaba insiguro kuri ayo mazina y’abategetsi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu yongerwako n’ikaramu kuy’abafise ingendo z’ibikorwa vy’igihugu. Inyishu y’uko ata zina ibiro vy’umukuru w’igihugu ryongera ku rutonde rw’amazina aba yarungitswe yashikiriye abo mw’ishirahamwe Air Burundi ku genekerezo rya 3 Mukakaro 2013.

Amazina yongerwako n’ikaramu n’akarwi kitunganije neza

Ishirahamwe Air Burundi, rifadikanije n’ibiro vy’umukuru w’igihugu baciye batanguza umurwi wo kwiga ico kibazo c’abo bantu bandikwa mu biteguriye kujabuka mu mahanga kandi igihugu kitabarungitse. Baciye basanga ari akarwi k’abasuma bo mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu, gafashanya n’abakozi bo muri Air Burundi. Abo nibo bandika amazina y’abategetsi b’igihugu, ku rutonde rw’abo igihugu carungitse, bikaboneka ko boba barungitswe mu mahanga, kandi batanavuye mu gihugu. Amafaranga y’indege zotwaye abo bantu ntiyaheza yinjira mu kigega ca Air Burundi kuko yoca anyuruzwa n’ako karwi.
Aho abatari bake bokwibaza ingene amafaranga arishwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ku shirahamwe Air Burundi ashika mu minwe y’ako karwi kandi atangwa biciye muma banki (Virement bancaire). Emmanuel Habimana, umuyobozi mukuru Air Burundi ari kumwe n’uwujejwe ubutunzi muri iryo shirahamwe yamenyesheje ko iyo bigeze ngaho ariho ako karwi gaca kongeramwo amazina y’abantu badakora mu biro vy’umukuru w’igihugu, amafaranga y’indege baba barishe agaca anyuruzwa, aho yokwijiye mu kigega ca Air Burundi.

JPEG - 35 ko
Uwujejwe ubutunzi mw’ishirahamwe Air Burundi

Amazina yongerwa ku ntonde n’ikaramu ni ay’abategetsi bakomeye bo muri Leta

Ku ntonde z’abongerwa ku baba bafise ingendo z’igihugu, amazina yagiye aragakwako ni irya Leonidas Hatungimana umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Alain Guillaume Bunyoni yahoze umushikiranganji w’umutekano, ubu ari umuhanuzi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu, Baribwegure Piyo, yahoze ari umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Buranje Gilbert, umutegetsi mu biro bikuru vy’igendereza.

JPEG - 36.3 ko
Urutonde Leonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yongeweko n’ikaramu

Umuyobozi w’ishirahamwe Air Burundi, Emmanuel Habimana amenyesha ko ayo ari amayeri y’ako karwi k’abasuma. Nk’uko yabisiguye, ako karwi katanga amazina y’abategetsi bakomeye, bamwe umwe wese atogira amakenga abonye bongewe ku rutonde rw’abarungitswe mu ngendo nkuru z’igihugu. Kubw’umuyobozi Emmanuel Habimana, icabateye amakenga yabatumye batangura amatohoza, n’igihe ku ntonde bashirako abategetsi batagikora mu biro vy’umukuru, canke ako karwi kagashira ku rutonde rwo kujabuka umuryango wose, agatanga akarorero k’aho Alain Guillaume Bunyoni yashizwe ku rutonde rwo kuja mu mahanga mu karuhuko arihiwe n’igihugu, ari kumwe n’umutambukanyi wiwe n’umwana wiwe. Akandi karorero katanzwe n’umuyobozi wa Air Burundi mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, ni aka Baribwegure Piyo yashizwe kuri urwo rutonde rwo kujabuka arihiwe n’igihugu kandi yavuye mu biro vy’umukuru w’igihugu kuva mu mwaka w’2010.

JPEG - 37.9 ko
Urutonde Alain Guillaume Bunyoni yongeweko n’ikaramu

Emmanuel Habimana, umuyobozi wa Air Burundi yemeje ivyashikirijwe na OLUCOME ku munsi w’ejo, amenyesha ko bari baretse kugira ico babivuzeko kubera bari bakiriko barabitohoza. Mu kurindira ayandi matohoza ariko arakorwa, Emmanuel Habimana, umuyobozi mukuru wa Air Burundi amenyesha ko umurwi wa mbere w’abakozi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu no mw’ishirahamwe Air Burundi bagirizwa ubwo busuma waramaze gushikanwa mw’ibohero rikuru ryo mu Mpimba.


Egide Nduwimana

Messages

  • Courage les Guys!!! muzofata nabandi benshi...............

    Courage

  • Gabriel Rufyiri (Observatoire de la Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) oyeeeeeeeee!!!!!!!!!!!!!

  • Bahanwe n’amategeko kandi bahige n’ahandi hari ubusuma, OLUCOME bazohore bayumviriza ivuga ukuri.Umukuru w’Igihugu ntabe niryo ahane n’ivyo bihangange!

  • Gabriel Rufyiri vient de tomber dans une manigance orchestré par Air Burundi
    Olucom n’a fait aucune enquête sur ce dossier parce que les ajouts a la main ont toujours étaient effectués sur la listes des gens devant voyager sur les ordres de missions.
    Autres faits douteux comment la DAF d’Air Burundi une Infirmière de formation peut embarquer L ’Olucom en remettant un rapport sensé être traiter par le haut Bureau du Président de la République.
    Autres faits accablants, pourquoi, Air Burundi cache les initiales sur la 3 eme photo avec la main gauche normalement tout agent qui traite un dossier est individuel parce que les applications d’aujourd’hui ou plusieurs personnes travaillent sur cette application chacun doit d’initier avant chaque opération par un mot de passe et le nom.
    A Monsieur le Directeur général d’Air Burundi donner une conférence de sur des faits non encore élucidés au seins même de la société est une faute lourde, tous ces préjudices tôt ou tard coutera chaire a Air Burundi, dans ce monde d’aujourd’hui chacun doit assumer sa responsabilité.

    AG IA

  • nukuri birababaje kubona harabantu umengo ntibaciye kuntebe yishure.nagomba gusaba reta bahane vyabarorero uwowese yagirwa nicaha badashizemwo kamwana wa mama canke ngo dusangiye umugambwe erega birateye akamaramaza kubona harumuntu yiyumvirako abantu batabona. kwongerako nikaramu!

  • mu bisanzwe mur iyo reta harimwo ibisuma vyinshi, bakwiye kubicarira bakabahasha

  • Uyo Emmanuel Habimana DG Air Burundi aheruka kugira isinema asana aba Polisi gufata bakaja gufunga ubu chauffeur de Direction wa Air Burundi kwishari yoko asangira umukobwa umwe na son Directeur.

  • Uyo Emmanuel Habimana DG Air Burundi aheruka kugira isinema azana aba Polisi gufata bakaja gufunga ubu chauffeur de Direction wa Air Burundi kwishari yoko asangira umukobwa umwe na son Directeur.

  • birateye isoni n’akamaramaza kugira ubusuma nkubwo muri ikigihe. Aho vyerekana ko ubusuma ari bwinshi caaaaane mugihugu kandi abasuma baza barimenyereye kuko babona ko atabutungane n’igipolisi co kubafata bihari. Aho barafunzwe ababikoze muga usanga hariho intakorwako selon les postes qu’ils occupant. Abantu bagasangira dossier hagahanwa muto, mukuru ntashikirwe. Iyo tutaza turahabona intwari nkabo ba OLUCOM igihugu c’uburundi cosigara cera.Muga ico bihenderako nuko naho bibaza ngo bariko bariba bibira imiryango yabo, igihugu ataco gifise n’ayo matungo apfa ubusa hama ntihagire icamarira izo mvyaro zabo. Courage Mr Rufyiri nabo musangiye urugamba...IMANA ibahezagire caaaane mugumane iryo banga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.