Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburenganzira bw’ugutunga karata simu zibiri z’umuhora umwe bwahagaritswe
Uburenganzira bw’ugutunga karata simu zibiri z’umuhora umwe bwahagaritswe
mercredi 23 Ntwarante 2016, par
Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwatanze itegeko ko ata muntu n’umwe arekuriwe gutunga ikarata simu irenga imwe mu Burundi atahawe uruhusha n’igisata kijejwe kugenzura itumatumako mu Burundi (Agence de Régulation et de Contrôle des Télécommunications : ARCT). Ibihano vyarategekanijwe kubazorenga kuri iryo tegeko.
Mw’itegeko nshikiranganji ryateweko umukono kuwa 17 Ntwarante 2016 n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, bamenyesheje amashirahamwe yose akorera mu gisata c’ugutumatumako mu Burundi (Les opérateurs de téléphonie mobile) ko bibujijwe kugurisha canke gutanga ikarata simu irenga imwe ku munywanyi, kiretse bivuye ku ruhusha rwatanze n’igisata kijejwe kugenzura itumatumako mu Burundi (Agence de Régulation et de Contrôle des Télécommunications : ARCT).
Iryo tegeko nshikiranganji rivuga ko abarongoye amashirahamwe y’ugutumatumanako mu Burundi ategerezwa kugenzura ko abahawe amakarata simu aribo bayakoresha vy’ukuri, bitari ukwo naho izo katara simu zikugarwa. Mu gihe bitogenda uko naho, iryo tegeko nshikiranganji ritegekanya amande y’imiriyoni zitanu z’amafaranga y’amarundi ishirahamwe rizotanga ku munywanyi wese bizoboneka ko ayo mategeko atubahirijwe.

Iryo tegeko nshikiranganji ritanga ububasha bukomeye ku gisata kijejwe kugenzura itumatumako mu Burundi, bw’ugushobora gukurikirana umwanya uwariwo wose, ata kubanza kubimenyesha, ibikorerwa ku mihora y’ugutumatumanako mu Burundi.
Amashirahamwe yokwanka igenzurwa n’ikurikiranwa ku mihora yayo azotangishwa ihadabu ry’imiriyoni zibiri z’amafaranga y’amarundi.
Amashirahamwe akorera mu gisata c’ugutumatumako mu Burundi yahawe na Reta y’Uburundi ikiringo c’amezi abiri kugira atangure gushira mu ngiro izo ngingo zose zateweko umukono kw’igenekerezo rya 17 Ntwarante 2016.
IGIHE
Messages
23 Ntwarante 2016, 06:11, par Morodikayi Jon
vyara baburiye, hasigaye ahobatangaza kumuntu aterewe gutungisimu zibiri !
23 Ntwarante 2016, 18:44, par segiyuva
Murashaka Niyimwe Muyikure Kuko Agateka Kazinamuntu Karononekaye Samahera Yagusa Twabaha
24 Ntwarante 2016, 05:09, par morodikayi.
Barabuze ihero ryi miti ejo bazotangaza ibindi bahangaritse, kuko ntamigambi bafise mumitwe yo shobora gutezimbere igihugu!. iyo baba bari bafise imigambi barigutangaza bati guheruyu musi twuguruye amakompanyi anga 6000 ibishomeri vyose aho bukera mutonde kwiyandikisha mutangure ibikorwa namwe mwisununure, na yibindi nugutumutwe.
24 Ntwarante 2016, 05:35, par KAMWE NUBUSA
BIRABANANIY UWAR AYIFIS WEW NAKANGIR NZOS
24 Ntwarante 2016, 12:29, par kuma
mwamenyerey
24 Ntwarante 2016, 14:02, par Vianney
None Uwo Mukbwa Ashyaka Gushka Guki Aho Yifotza Ari Gusa?
26 Ntwarante 2016, 22:09, par Etien
None uwotunga izirenga imwe bitwayiki?