Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bugira kabiri muri Afrika y’ubuseruko mu kurya igiturire - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bugira kabiri muri Afrika y’ubuseruko mu kurya igiturire

Uburundi bugira kabiri muri Afrika y’ubuseruko mu kurya igiturire

jeudi 24 Gitugutu 2013

Mu vyigwa vyakozwe n’ishirahamwe ry’abaguzi (ABUCO) ribifashijwemwo n’ishiramwe mpuzamakungu mu kurwanya igiturire (Transparency Intermnational ) mu kwezi kwa Ndamukiza na Mukakaro, igiturire kiracari hejuru muri Afrika y’Ubuseruko, Uburundi bakagira kabiri inyuma y’igihugu ca Tanzaniya mu bihugu bigize Afrika y’Ubuseruko. Uburundi bukaba bugeze ku bice 18,6 kw’ijana mu kurya igiturire.

Kuri uno munsi wa 24 Gitugutu 2013, niho herekanwa ku mugaragaro icegeranyo c’umwaka w’2013 c’ukungene igiturire kibonwa muri karere ka Arfika y’ubuseruko. Igisata c’igipolisi akaba arico cagaragaye mu bihugu vyose bigize Afrika y’ubuseruko, ko arico kiza imbere mu kurya iguturire. Mu Burundi, Ico gisata kikaba kigeze ku bice 64 kw’ijana mu kurya no gutanga ibiturire hamwe n’igisata kiraba amatongo kiri mu bisata cumi vya mbere mu Burundi bigeramiwe n’igiturire.

Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza k’umugaragaro icegeranyo c’umwaka w’I 2013 c’ukugene igiturire kibonwa muri karere ka Arfika y’ubuseruko, Ntihagirizwa Norbert, umunyambanga ntayegayezwa m’ubushikiranganji bw’intwaro ibereye, yamenyesheje ko igiturire kikiri mu bibazo nyamukuru biranze inshinga Leta y’Uburundi, mbere no muri Afrika y’ubuseruko.Uburundi bukaba bwarihaye umugambi wo kurwanya igiturire bubifashijwemwo n’ishirahamwe mpuzamakungu Transparency International. Bimwe mu bikorwa bigiye gukorwa mu mugambi wo kurwanya igihurire mu Burundi, hari ukwigisha abanyagihugu kugira bamenye ibijanye n’igihutire, inkurikizi yaco, baheze bacirinde bivuye inyuma.

Mu cegeranyo cerekanywe, barerekana ukugene igiturire cifashe mu bisata vyose vy’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko. Bikaba vyagaragaye ko ibisata c’igipolisi, igisata kiraba amatongo be n’igisata c’ubutungane ari biza imbere mu biturire mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Ku bihugu naho, kubagizwe kw’amatohoza, bamenyesha ko igiturire kiguma kiri kurugezo rwo hejuru, Ubuganda buri ku bice 82 kwi 100, Tanzaniya ku bice 67 kw’ijana, Kenya ku bice 64 kw’jana 100, Uburundi 60 kw’ijana. Ariko kubagizwe kw’amatohoza mu gihugu c’Urwanda, bavuga ko iguturire kikiri ku rugezo rwo hasi cane.

Muti none ni kubera iki abanyagihugu bo muri Afrika y’ubuseruko baguma batanga igiturire kandi harafashwe ingingo ruhasha zo kurwanya abary aigiturire? Mu Burundi inyishu yabaye ko "Abarundi batanga igiturire kubera babisabwa n’abarongoye ubuzi bwa Leta mu kugira baronke ivyo baje gusaba”. Muri Kenya bakavuga ko abatari bake batanga igiturire kugira barushirizeho kuronka ubuzi mu Leta. Mu Rwanda naho bakavuga ko batanga iguturire kugira baronke akazi batari bakwiriye kujamwo mu gihe mu gihugu c’Ubuganda batanga igiturire kuko aribwo buryo bwonyene buhari bwo gushobora kuronka akazi.

Impamvu nazo zituma badashira ahabona abarya ibiturire, igihugu cose mu karere kikaba gifise inyishu yazo. Mu Burundi bavuga ko bafise ubwoba bw’uko bohava bicwa mu gihe bovuga ivyabaye, abandi nabo bakavuga ko bidakenewe ko babivuga, canke ko batabona aho boja kubivugira.

Igikorwa co kurwanya igiturire muri Afrika y’ubuseruko, nticega gusa abakuru b’ayo ma Leta, ahubwo abanyagihugu bose basabwe kugira ico kibazo icabo, bagatetera mu kurwanya igiturire no mu gushira ahabona atawe batinye uwo wese yofatwa ariye canke atanze igiturire. Ama Leta nayo abasabwe gukorera hamwe mu kurwanya igiturire, kwongerereza inguvu zose zishoboka mu ntumbero yo gutuza igiturire mu karere.

Ugereranije n’ibindi bihugu vya mu karere ka Afrika y’ubuseruko, mwomenya ko mu bijanye ni kurwanya igiturire, uno mwaka Uburundi bwateye imbere ku bice 0,2 kw’ijana bageranije n’umwaka uheze w’2012.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.