IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bugiye kuhungukira ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe

Uburundi bugiye kuhungukira ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe

jeudi 28 Munyonyo 2013

Uko umwaka utashe, ibihugu bitandukanye vyo kw’isi n’Uburundi burimwo vyateye umukono ku masezerano ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe, vyama bikorana kugira birabire hamwe aho ivyo biyemeje mu masezerano babigejeje. Muri uno mwaka, ivyo bihugu vyarabiye hamwe amasezerano agamamije kugabanya ubushuhe bwo kw’isi buvanye n’ibikorwa abantu bahakorera, bigaca bituma isi ishuha.

Amazu y’amahinguriro, guturira amashamba, ubugararwa, imiriro batsa umwanya muremure mu mazu biri muri bimwe abantu bakora kw’isi bigatuma ubushuhe bwongerekana.

Mu nama mpuzamakungu igira 19 ijanye n’ihindagurika ry’ibihe iheruka kuba i Varsovie yahuje ama Reta atari make yo kw’isi, Uburundi bwari bwaserukiwe n’abantu bagera kuri 8, barongowe n’umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu n’ibidukikije, Jean Claude Nduwayo, aho yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yashize imbere ico kibazo kijanye n’ihinduka ry’ibihe, mu migambi yayo.

Muri iyo nama mpuzamakungu bise « COP » (Conférence des Parties à la Convention Cadre des Nations Unies), abari baserukiriye, ibihugu vyabo, bararabiye hamwe aho amasezerano biyemeje ageze ku bijanye no kugabanya ivyuka bibi bituma ubushuhe bwongerekana kw’isi, mu kwirinda ihindagurika ry’ibihe, canke imyuzurira, ari navyo bituma abantu babandanya babaho nabi.

Rénilde Ndayishimiye, umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe ivy’ihindagurika ry’ibirere, ari nawe yari arongoye akarere ka Afrika mubari bitavye iyo nama mpuzamakungu, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamyeshamakuru, kuri uwu wa kane igenekerezo rya 28 Munyonyo, yamenyesheje ko Uburundi bwahakuye akunguko. Rénilde Ndayishimiye agira ati : « Ingingo nyinshi zitandukanye zafashwe nizaja mu ngiro, ibihugu bitari bike bizohungukira mu bijanye n’ihindagurika ry’ibihe, abantu nabo baheze bashobore gutera imbere mu migambi irashe bafise ».

Zimwe mu ngingo zafaswe, n’uko ibihugu bimwe bimwe vya rutura vyemeye gushira amafaranga mu kigega c’isi kiraba ivy’ihindagurika ry’ibihe kiri gihugu ca Coreya kugira ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere bishobore kwiteza imbere mu migambi yayo irashe. Akandi karusho kahabaye muri iyo nama ya 19, n’uko ibihugu vyigiye hamwe ikibazo c’ubusumbasumbane bw’ibitsina, aho mu nama iheruka kubera i Quatar vyagaragaye ko abagabo aribo bari benshi kurusha abagore. Ubu hakaba harashinzwe ingingo ivuga ko igitigiri c’abagore cokwongerezwa muma nama agiye gukurikira, kuko aribo bahura n’ingaruka zitari nke zivuye kw’ihindagurika ry’ibihe, mu gihe baja kuvoma kure, canke gusenya kure. Hagiye no kubaho urwego ruraba ukungene ibintu vyogenda iyo abantu batakaje ivyabo mu gihe habaye ihindagurika ry’ibihe.

Ariko rero, abahinga mu bijanye n’ihindagurika ry’ibihe bamenyesha ko hamwe ivyiyemejwe gukorwa bitoshikwako, mu mwaka w’2100, ubushuhe kw’isi bushobora kuduga gushika ku bice bitanu birenga gato (5,5 degré).

Rénilde Ndayishimiye yahamagariye abantu bose kwitegurira kubana n’ihindagurika ry’ibihe, bareke kwijajara bibaza ko ivyabaye mu bihugu vyo hanze nka Philippine n’ahandi bitoshobora gushika mu Burundi. Abarundi bakwiye kwama biteguye igihe cose bakama bagavye ko hogira igishika ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe.

Mwomenya ko iyo nama mpuzamakungu igira ya 19 ijanye n’ihindagurika ry’ibirere yari yamaze indwi zibiri ikoraniye i Varsovie mu gihugu ca Pologne, kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika kurya 22 Munyonyo 2013. Iyikurikira ikazokorana i Lama, mu gihugu ca Pérou mu kwezi kwa Kigarama mu mwaka w’2014.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.