IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi buranegura ibikorwa vya sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Uburundi buranegura ibikorwa vya sentare mpuzamakungu mpanavyaha

vendredi 3 Ruheshi 2016, par egide

Reta y’Uburundi imenyesha ko igikorwa giherutse gutanguzwa n’umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, Fatu Bensuda, gihushanye n’amategeko agenga iyo sentare.

Fatou Bensouda, umushikirizamanza kizigenza wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha aheruka gutangura igikorwa c’isuzumwa ry’ivyaha biriko birakorwa mu Burundi kugira arabe ko bikenewe ko atanguza amatohoza nyezina kuri ivyo vyaha.

Kubwa Reta y’Uburundi, ico gikorwa giteye kubiri n’amategeko, umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’amakungu, Alain Aimé Nyamitwe, akavuga ko bidakunda ko iyo sentare mpuzamakungu ikora igikorwa camaze gutangurwa n’izindi sentare z’ubutungane zo mu Burundi.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru, umushikiranganji Alain Aimé Nyamitwe yaraneguye ingene iyo sentare ikora, avuga mbere ko Uburundi bwova muri iyo sentare. Nk’uko uwo mushikiranganji abivuga, hamwe ibindi bihugu vyo muri Afrika vyobona ko bikenewe ko vyiyonjorora mu mugwi w’ibihugu vyashize umukono ku masezerano ashiraho iyo sentare, n’Uburundi butazosigara inyuma.

IGIHE

Messages

  • IYABAZUNGU IRIHE KO BASHAKAKUTUMARA IYOSENTARE TURAYASE

  • IYABAZUNGU IRIHE KO BASHAKAKUTUMARA IYOSENTARE TURAYASE

  • NONE KO MURIKO MWIYAMIRIZA ICO GIKORWA UWO MUKURU WA SENTARE YATANGIYE MWUNVISE ARIKIBI KUBARUNDI CANKE MWIYUNVIRIYE KO NOMURI MWEBWE HARABO AYOMATOHOZA YOZOFATA AKAJA MUBARINYUMA YUBWICANYI BURIKO BUBERA MU BURUNDI NONE SENTARE YIGIHUGU CU BURUNDI YOKWEMERA GUKORA AMATOHOZA NOGUHANA UMUTEGETSI CANKE ABATEGETSI RUNAKA BARINYUMA YUBWICANYI BURIKO BUBERA MU BURUNDI YABA ABATEGETSI RUNAKA HAMWE BAMWE BARWANYA RETA ABANDUSHA UBUMENYI NI MUMPE INYISHU NDI KENYA

  • Nyamitwe Kumengo Afise Ubwoba!! Reka Riho ,mwena Sowanyu Babate Mumvuto.

  • Iyosenntare Ijegukoroneza Abarundi Mwibuke Igikoroni Yukotwakivuyemwo NTagukandamizwa Nabanyamahaga Nimubivemwo Bazabukebuke Mwibuke Ivyo Ugwanda Rurikorurakora Kuburundi Nukoburi Mwabagabo Nayahandi ? Imana Ihezagire Uburundi Nabarundi Imana I M A N A Dayiha Ikibaza , 1 /CAMBERE KUBURUNDI NIYO IZI AHOYA BUKUYE

  • Noneko kUmengo aba bagabo biwacu baratinya iyo sentare?ubwo ntacobiyagiriza?Ubwo ntavyobobabashakako bitamenyekana?Jewe niyumvira Kugera hafi ariko uwufise gutahura cane anyishure azobakoze

  • None mukuyanka ubwo ntakintu biyagirije?Uhuuuuuuuu nzobambona!

  • Ntimutangure gusha coba nimureke iyo sentare ikore akazi kayo ko mwirirwa muravuga ko abapfa bicwa nurwanda nimureke rero iyosentare ize ikore hama ukuri kuje ahabona mwirirwa mufata abantu mubahatira kuvuga kwarabicanyi nimureke ikinyoma kize gikubitirwe ahashashe nimutangure kwikeka amabinga ahubwo ndasaba shimitse iyosentare koyonyarutsa kuko abarundi turakeneye kumenya ukuri kubantu batumariye abacu nubu bakiriko nkibazako nko kuri bamwe nayo matohoza ntakenewe kuko birirwa baravyivugira kumugaragaro

  • Biteye isoni kubona Nyamitwe atinyuka akavuga kumushikirizamanza kizigenza wishirahamwe mpazamakungu yoba yarenze amategeko nkaho umengo ayamurusha, aba DD bananiwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro namasezerano y’Arusha nkaho umengo ntibayasomye none bashaka gusumvya kumenya amategeko agenga ishirahamwe mpuzamakungu mpanavyaha kizigenza witowe ni bihugu amajana? Harico mwiyotsa, ahubwo badukijije Peter ntamurundi yokongera gupfa niwe wadukwegeye aya mabi yose.

  • Mwaramutse uyumugabo kwaraba nkumusuma

  • NANO KO UBUTUNGANE BWUBURUNDI BWISHWE NIGITURE KUK BASHAKA KWIYUBAKI ETAGE NIBAREKE SENTARE MPUZAMAKUNGU YIKORERE

  • Hooo!Mega yemwe Imana yacu ntiyobikora za mbwebwe zigasubira mu myobo cank zigafatwa!Ewe NYAMITWE urisoni nke mukunegura iyo Sentare !!Mbega mwebwe akagwi kari kurushi karongow na NKURUNZIZA Konegura nkande iyo sentare?Guma hamwe ntimwiruk babakorereko,Zikonwe zirira!!Amaraso y’umwana w’umuntu ariko aratakambira uwuhoraho.

  • @None !
    Iyo Sentare ataco ivuga kuri Kagame yahoneje abantu (umuliyoni w’abanyarwanda na zitanu z’abanyekongo) nigende pu! Muguhengama yahezeyo!

  • GUMA HAMWE NIMBA ATACO WIYAGIRIZA UCIYAGIRIZA NAHO RINDIRA UKORA INABI UKAYISANGA IMBERE.

  • MUTWARE WACU NDAGUKEJE.KOMERA KWIBANGA.MBE BURYA AFRIKA NIYO IRIMWO ABATWARE BABI GUSA?MBE GEORGE W.BOUCHE NTABINTU YONONYE MWISI?AKARORERO KA HAFI:IBUKE IGIHUGU CA IRAK.MURARABE NEZA NTITUGUME MUBUKORONI TWITWA NGO TWARIKUKIYE.

  • Nibakurikize amategeko baheze baze

  • Sivyimbeshere Nibafatirw Ibihano Bahanw Kuk Nakamaramaza!!

  • ariko namwe murataje nimureke kwirirwa murat amjambo muvuga ymuhe nimureke bakore

  • ntaco izo shikako nagato kuko twebwe ntituyemera twariyamirije abazungu nibabifate iwabo

  • mbega iyo sentare ntiyonyaruka aba DD bishure amabi bakoze i buta nayobariko bakora ubu teteza imbwa sentare.nyaminyo nawe ararwaye uwumunsi ari kwa muganga.

  • Eh!Subirinyuma gato murabe Charles KITWANGA wamushikiranganji w,intwaro yo hagati mugihugu Ca TANZANIa aheruka gukurwa mumabanga kubera akaborerwe murabe nuyumugabo!!!Bapfaniki?

  • Mbega Nikuki Iyosentare atayemera?Igihe Bashira Umukno Kumasezerano Yokwinjira Muriyo Sentare Baribaziko Ihengamra Kubutegetsi Canke Itunganriz Bos?Ubu Haragez Ah Bayivamw Kk Ibahindukiriy.

  • Ego iyo sentare irakoze kwibuka u Burundi. Ariko ikibabaje n,uko yari yarabwibagiye igihe ca ba MICOMBERO bica abantu muri72, ba BUYOYA bica uwo bashaka bagakiza uwo bashaka, ok kumbure ngirango ntiyari bwatangure gukora.

  • Ijambo umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yaraye ashikirije riratomoye kuko ubiravye irarenganya cane ibihugu vy’Afrika1 ukamenga birya bihugu bikungahaye kw’isi vyovyo ni vyeranda kandi ivyo bikorera mu yandi makungu ari mu nzira y’iterambere ari agahomera bunwa :aha uburorero ni bwinshi. Uwugomba kurenganya mugenziwe wese ubu avuga ko buca amushengeza muri sentare mpuzamakungu yi irahe muri holande. Akarorero ejo bundi mu migumuko zirya mburakimazi n’abari bazishigikiye zavuga ko zigiye gushengeza umugabo wa abagabo umukuru w’igihugu Peter Nkurunziza atari we yabatumye kugumuka bagiyeyo kubera indambi zabo n’ubundi bubegito bwinshi bwabo.Ubu amaleta yo muri Afrika yari akwiye kuhakura icigwa ntazoze arasinya amabwirizwa n’amategeko atowe n’abanyaburaya hamwe n’abanyaburaya nkuko uburusiya buherutse kubivuga. Bazoba bakingiye abanyagihugu babo, twaridukwiye kuba nka Sekou Touré wa Conakry.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.