Accueil > Amakuru > u Burundi > « Uburundi buri mu ntambwe yabwo ya nyuma mu mugambi w’amahoro n’ugusubiza (...)
« Uburundi buri mu ntambwe yabwo ya nyuma mu mugambi w’amahoro n’ugusubiza hamwe »
lundi 9 Rusama 2016, par
Uburundi buri mu ntambwe yabwo ya nyuma mu mugambi w’amahoro n’ugusubiza hamwe uzosozerwa mu myaka ibiri canke itatu, nk’uko bimenyeshwa na Petero NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi.
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA avuga ko inyuma y’indyane za poritike Uburundi burimwo, hari izindi ntumbero nyinshi, agatanga akarorero k’abadashaka ko iyo ntambwe ya nyuma y’ukumenya ukuri iranguka.
Mu butumwa yatanze abicishije ku muhora wiwe wa Facebook, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yavuze ati : « Ntidushobora kwubaka Uburundi bukomeye kandi bwiyunze, tubibanze kuvyadukomerekeje umwe wese, kugira tuhakure ivyigwa muri rusangi. »
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko abavuga ihonyabwoko mu Burundi babigirana izindi ntumbero atari ugushaka kurondera ukuri n’umuvukano, akavuga ko mu myaka cumi iheze, umwaka urenga, ku munsi ku munsi, Abarundi berekana berekana ko ibivugwa bidashoboka, bakabeshuza ibihuha hamwe n’ubuvugishwa bw’ibinyoma.
Kubw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ntawohagarika ugushaka kw’Abanyagihugu bashaka kumenyeshwa kahise, akavuga ko ako kahise kataraba ubwoko bumwe, ahubwo ko karaba imice yose y’Abanyagihugu b’Abarundi, ari naco gitanga ubukomezi ku ntambwe Uburundi burimwo.
Ubwo butumwa umukuru w’igihugu yacishije ku muhora wiwe wa Facebook bumenyesha ko uko bigenda kwose, ibibazo bihari ubu bidashobora kwibagiza agacerere kabaye kuri kahise.

IGIHE
Messages
10 Rusama 2016, 00:34, par Morodikayi Jon
Nyakubahwa Nkurunziza Petero, reka kubesha abantu, wewe vyarakugoye iyo utanguye kuvuga, ivyukuri, nukurekuriranira, nsingutahura icubuhaye uravuga !. nkubaze mbega ivyurikuravuga vyoshoboka nawe uriko urahonya abantu ?, iryane zaperiteke nazo niwewe waziteye kuko vyakunaniye gutahura umuhanuzi mubi,namwiza, nabugingo nunomusi baracagutesha umutwe,ukabura icufata nicureka. na yumutware mwiza nuwuba afise imbono yo kubo,nogutandukanya ikibi niciza. ngomba bwizukuri benewacu babarundi, ryakubahwa Nkurunziza, ahaturusaku kubavugishwa ngo bavugihwa ibitarivyukuri, ntakintu nakimwe bavuze kitarashika ni kitarashika turakirindiriye, kuko na Farawo niko yarameze ya giye kwemera aruko ivyago bimushitseko.
10 Rusama 2016, 00:49, par None?
Ego cane papa Burundi H.E Petero Nkurunziza.
Ndagukunda gayemwe!!!
Nzokuyanga burindebuca
Wewe kararuhore.
Uharanira iteka nitekane wewe Petero Nkurunziza,
Ukunduburundi ugakunda ibibondo Petero Nkurunziza......
Burundi gihugu canje sinziguta nzogupfira abazokurwanya bose njenzobarwanya nshimitse.
Terwiteka Burundi
Wishing wishimirize.
10 Rusama 2016, 01:14, par tari
Mbega kwariwewe uterura idarapo mugukomeretsa abandi tukwitegekwiki nihaba hari umurundi yiteze kungwanawe nakureyo amaso kimwe gusa uriseka mugabo ntakantwa kuzuye ikidengeri camaraso nkakawe kovamwo iciza
10 Rusama 2016, 03:18, par MUYAHUDI
REKA TURINDIRE AYOMAHORO AZOBONEKA MUMYAKA ITATU TUZOBA TWAHONY TWESE! ME YESU ARATUBONA
10 Rusama 2016, 03:33, par INTAGOHEKA
KOMERA MUTAMA TURINYUMA YAWE IZONJAVYI NTANTAMBWE ZIZODUTERANA
10 Rusama 2016, 07:29, par rwasa
Hoooo!Mana uhoraho jewe iyo numvise ijwi ryuyumugabo wijunja ni jambo,numva nduhutse kumutima,kuko niwewenyene mubatwaye uburundi akunda Uburundi ninawe uwambere muri afrika adatamikwa nijambo ryabazungu,niwirambire mutama,imbundege nazo zishaka kuduta mukaga zirigwa zisegesha amaraso yabarundi tuzozereka, hama mutama wacu:Ntugakangwe n’amahenehene impene zaturutse Imana usenga uhoraho akuje imbere hama Yesu nawe akurinde ba Yuda muburundi bakunda amahera bariko bagurisha igihugu nababirigi ,Yesu nakuzigame AMEN!
10 Rusama 2016, 09:22, par Zoe
Nkurunziza ari mubambere bateza umutekano muke, niwe watoje imbonerakure hamwe nokuzana interahamwe zokumara abarundi ubwose muramushimiki abamushima, umuntu uvuga ngo amahoro azagaruka mu myaka itatu ubwose hazaba hasigaye bangahe?
10 Rusama 2016, 17:00, par karorero
Yesu n’ashimwe se Barundi ararivumereye mutama wacu turagushigikiye twebwe abarundi bumutima ntituzigera tuguhemukira ukuri kubyabate tubirindiranye igishika twese turi magabo ntikuzoduce mumyanya yintoke ikindi nuko mukwiye gushiraho urwibutso rwabahutu bazize ukwimana yabaremye mu 1972 bazohorebibukwa mucubahiro cabo murakoze.
10 Rusama 2016, 18:03, par Kagabo
Papa W Abarundi Komera Kw Ibanga Imana Yaragusize Amavuta Meranda Uwukwanka Nawe Aragowe, Uwutera Zagerenade N Uwamutumye Azokwicwa N Umutima Hamwe N Agahinda.
10 Rusama 2016, 21:55, par Murundi
Nyenicubahiro, bandanya ugirira neza Uburundi! Umaze umwaka uhagaze bwuma, utangaza abakurwanya n’ababashigikiye! Ariko rero, nibaza ko utoshira agati mu ryinyo ngo urugamba warutsinze kuko rurakomeye.
10 Rusama 2016, 22:20, par NYABENDA MANWERI
IMPUHWE IMBABAZI TUBISHIRE IMBERE YAVYOSE UMUNTU NU MUNTU IMBEREY’ IMANA
10 Rusama 2016, 22:25, par Obed Jofray
Yemwe wamugabo arisema!!!urunva ngo abavugishwabibinyoma!!ri.ndira gato ugiye kubona ko IMANA itigeribesha hagowe abazozira ivyobatazi kuko Ahinka zigwaniye ivyatsi bihahonera ariko ivyubu nta mwana nikinonon
11 Rusama 2016, 01:21, par morodikayi.
Abashimira Nkurunziza kumabi, ariko arakora ya guhonya abo bindahuje ubwoko, nabamwe mubwoko bwiwe batamushigikiye, ndabita injavyi, ubunwamaraso.
11 Rusama 2016, 20:32, par MISAGO MICHERI
KOMERAMUZEWETU BACHANTUKANGAGURIKEKWERI TURINYUMAYAWE ABAVUGA IBIRINGO KOMERAMUZEWETU BACHANTUKANGAGURIKEKWERI TURINYUMAYAWE ABAVUGA IBIRINGO NINKIZOZI
12 Rusama 2016, 18:41, par Kabango
@ kagabo ntukagye uhenda abantu, Nkurunziza yuzuye amaraso yabarundi nawe ngo imana yamusize amavuta meranda?
13 Rusama 2016, 08:04, par Kamenge
Reka uyu mujama ni tintin gusa. Sans raison. Ubwo uzokomeza kwica inzirakarengane ukomeze ubyite ibihuha. Wowe uriko urahenda abanyagihugu . Ubashukisha ubuhendabana. Mbega ko utakomeje kuja kuboza ibirenge no kubambika inkweto, yabababa. Sha imana nitabare abarundi
14 Rusama 2016, 01:14, par kagome
Mbega ko mbon abanyaru aribo barajw ishinga nuburundi , ko bavugak atamutekano dufis iburundi bahaza gukoriki. ? nibagum iwabo bavuga ko har amahoro , nibo baza kudutera grenade ba gaca basi mbi ra kwisunzu y inzu ngo muburundi nta mahor ahari
15 Ruheshi 2016, 20:22, par NYABENDA MANWERI
NYAKUBAHWA PEREZIDA PETERO NKURUNZIZA. SONGAMBERE UMUCAMANZA NUKURIKW’ IMANA KUMUNTU WESE...%