Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Ihinyanyurwa ry’amategeko agenga abanyamitahe rirabandanya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Ihinyanyurwa ry’amategeko agenga abanyamitahe rirabandanya

Burundi : Ihinyanyurwa ry’amategeko agenga abanyamitahe rirabandanya

vendredi 28 Ntwarante 2014

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri arashima intambwe Uburundi bugezeko mu vyerekeye ihinyanyurwa ry’amategeko ajanye n’ukworohereza abanyamitahe mu Burundi, n’aho ivyogukora bigihari.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri yuguruje icese kuri uwu wa gatanu ibikorwa vyo kurabira hamwe, uko vyifashe mu bijanye n’ihinyanyurwa ry’amategeko ajanye no kworohereza abazanye imitahe (reformes doing business) mu Burundi.
Muri urwo ruganda rwateguwe n’ubunyamabanga bukuru bujejwe ihinyanyurwa ry’amategeko yorohereza abanyamitahe mu Burundi, umurwi wose werekanye uko vyifashe, n’ivyo utarashikako kugira abanyamitahe babandanye boroherezwa.

Nk’uko Adolphe Birehanisenge asanzwe ari umunyamabanga nshingwabikorwa ajejwe ihinyanyurwa ry’amategeko ajanye n’ukworohereza abanyamitahe abishikiriza, hari imice myinshi y’amategeko amaze kwigwa. Imice yahinyanyuwe ikaba ari iyijanye n’amategeko agenga ubuzima bw’ishirahamwe, guhera rigishingwa, uko amashirahamwe ahanahana amatongo y’aho azokorera, uko ishirahamwe rironka umuyagankuba n’amazi. Ayandi mategeko ajanye n’uko ishirahamwe rishobora kuronka ingurane mu mabanki, uko ishirahamwe rishobora kunagurwa hamwe rigize ingorane, kuko bidakwiye ko rica ryugara, hamwe n’uko ayo mashirahamwe atanga amakori.

Adolphe Birehanisenge amenyesha ko Uburundi bwateye imbere cane muvyo kworohereza abanyamitahe, kuko amashirahamwe arenga 3251 yavutse muri ino myaka ibiri iheze y’2012 n’2013.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri ari nawe umurwi wose wagenda ushikiriza aho ibintu bigeze, yashimye intambwe Uburundi bugezeko, hamwe n’ibikorwa n’utwigoro imirwi itandukanye iriko irarangura. Yibukije ko kworohereza abanyamitahe bituma abarundi batera imbere, kuko ubuzi buvuka, n’ikigega c’igihugu kikabomboka bitumwe n’amakori aca atangwa n’abo banyamitahe. Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri yabandanije avuga ko kworohereza abanyamitahe bituma kandi Uburundi bufata ikibanza ciza mu makungu, nk’uko bimaze kwibonekeza.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yarangije asaba abari muri uwo murwi (comité décisionnel) ko bobandanya bagira utwigoro dutandukanye kugira Uburundi bubandanye bufata ikibanza ciza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.