IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Uburundi bushobora gukwegera Afrika yo hagati mu ndyane z’amoko"

"Uburundi bushobora gukwegera Afrika yo hagati mu ndyane z’amoko"

jeudi 30 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umugwi ujejwe agateka ka zina muntu mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU uvuga ko urajwe ishinga n’uko agateka ka zina muntu karushiriza guhungabana mu Burundi, kuva hatanguye indyane zishingiye kuri poritike, mu mwaka w’2015.

Mu nama yahuje abagize uwo murwi kuri uwu wa gatatu, uwo mugwi usaba ko ihohotera ry’agateka ka zina muntu rihagarara kuko rishobora gukwegera Uburundi mu ndyane z’amoko zishobora gukwegera akarere kose ka Afirika yo hagati.

Mu gihe haheze umwaka wose umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yongeye gutorwa, ikiringo bamwe babona ko caciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro, Uburundi na ONU gushika ubu ntibabona kumwe ibiriko bibera muri ico gihugu.

Mu gihe Reta y’Uburundi yagiriza ONU ko ishikiriza ibinyoma ku biriko biraba mu Burundi, umukuru w’umugwi ujejwe agateka ka zina muntu muri iryo shirahamwe, Zeid Ra’ad Al Hussein we avuga ko ahagaritswe umutima n’ibiriko birabera mu Burundi.

Mu cegeranyo gishasha cashikirijwe ONU, Zeid atunga urutoke inzego z’umutekano z’Uburundi, hamwe n’umuhari uyikomokako, ko bica, bakanyuruza, ndetse bagafata abantu bu buryo buteye kubiri n’amategeko.

Zeid avuga ko arajwe ishinga n’uko hashobora kwaduka ubwicanyi bufatiye ku moko. Asaba Reta y’Uburundi kurengutsa imbere y’ubutungane abo bose bafise ivyo bagirizwa, kandi ko ibiganiro bihurikiwemwo bose vyobandanya.


IGIHE

Messages

  • SINUBWICANYI GUSA BUSHOBORA KUBA ! AHUBWO N,IHONYA BWOKO RIZOJAMWO .JEWE IVYOMBONA NKURUNZIZA AMATEKA YARAMUVUYEKO NATE YOMOKE NIHO YOBA YIKINGIYE AGAKINGIRA N,ABANYA RUCARI! AHO UMUNTU ASIGAYE AGENDA ARAKENJAKENJA BIRATWENGEJE PE! NAYAHANDIHO AMATWI Y,IMPENE YUMVA YOKEJE AZOBIBAZWA ! KUKO NTIYO KWIYOKWIYEMERA CANE NKA YAMINI DADA !

  • Nikibe ikimwaro kwazantumwa zubumwe bwafirika zazanwe mugihugu cacu nukudukina kumuvyimba mukuvugako muburundi basanze ari amahoro turagushimiye mutama kuba ubandanya gushira ahabona amarorerwa nkurunziza n imbonerakure hamwe nigiporisi vyiwe birirwa barakorera abanyagihugu babacangero bo mubumwe bwafirika nibamaramare baboneko ataco bashoboye atari uguteranya gusa igisigaye nuko ONU yofatira kwivyo hama bagafata ingingo ruhasha yokudukurako ivyobimwenyi

  • EMW BURYA INDYANE NIBAZAKO ZITAZOHERA TUKIRI MURINOSI NIMPAKA YESU AGARUTS KWISI SATANI YARAKENYEY!

  • ariko mwaramaramaye kweli nkuyu NGO ni zed imbare yasakurije genocide mu Burundi bikanka ayo moko niwe azayacanishamo? abarundi n Imana barabahinyuye, murindire muzoruha, ninkunga mwarazihagaritse abarundi bakomeza kubaho izo mujeri murazirondera igihugu cazo Ku butaka bwa kagame nkuko mwahenze abanyamurenge mukabatesha iwabo I congo bakaba bayangara isi yose buhunzi no KWA kagame babafashe nabi

  • Aaaahh kano kazungu karatay umutwe nka maggy aho rero uyu munyamakuru yandits iyi nkuru ashats gushika kuki?ibintanagaciro bifis kuko ubumwe bwabulayi na america nibo batey izinvururu rero ko ibyo bipfuza ko bishikira uburundi nabarundi bikanka nubu baracarway ihahamuka ahubwo na Hussein aravuga ko naw yahohotew bamushumbush ntimukorako basha murahumba twarabameny ahi ahi ahi ndakwikokomoy uburundi nigihugu cifashe ibisigay muri amahenehene nkaba pacifique sinduhije maggy mwes mur bwa mujeri niharambe umugaba wingabo Petero nkurunziza murakoz.

  • none mukoriki ntimubona ko abarundi baheze muguma muvuga mureke kudukinda kumivyimba.

  • MMMMMM!!! Mana yanje ate yomoke vyukuri atarangije ikiringo ciwe Oyaye!! Jewe ico mbona naheraheze ikiringo ciwe yivye hanyuma azorabe ico yungutse

  • AHO MURAMARAMARA NKURUNZIZA NABAGUMYABANGA TURAHANGAMYE MUZOSHIRA NKIFU Y IMIJIRA MUTAMA YARARIVUMEREYE KO TWIMUJERI ATANTAMBWE MUZODUTERANA EHE NKUYUMUJERINGONI ZED ISURA NKIMPENIHITWA NGWAFISIMPUNGENGE IYUZIGIRA NTIZAGUHENURA? REKANA NANKURUNZIZA KUKO MUTAMUVUYEKO NEZA MUZOKWIHIGURIRA NIMANA YOMWIJURU NINAYO AHO MURAMARAMARA NKURUNZIZA NABAGUMYABANGA TURAHANGAMYE MUZOSHIRA NKIFU Y IMIJIRA MUTAMA YARARIVUMEREYE KO TWIMUJERI ATANTAMBWE MUZODUTERANA EHE NKUYUMUJERINGONI ZED ISURA NKIMPENIHITWA NGWAFISIMPUNGENGE IYUZIGIRA NTIZAGUHENURA? REKANA NANKURUNZIZA KUKO MUTAMUVUYEKO NEZA MUZOKWIHIGURIRA NIMANA YOMWIJURU NINAYO CABONA

  • Ati uburundi bashobora hukwegera intambara agace ka Africa?
    Warikerageje kwiyumvira ariko wihenze ijambo ntiwarimaze sinzi icowashatse gushikako.

    Rekamugabo ndakwunganire.
    Muvyukuri mukomeje kwifatanabi kugibazo cuburundi ubu Africa yamaze kubabona neza abomuribo nibihugu bicuditse nuburundi biramaze kubona neza umukinowanyu murimwo kubwivyorero mukukwunganira kuvyowarivuze nuko ibibazo vyomuburundi mukomeje kuvyifatamwo nkuko wewe Hussein uvyifatamwo ntizoba intambara yagacerunaka k’Africa gusa nkuko wabivuze umva birabonekaneza kwizoba intambara y’Isi ya 3 kandi umurwiwawe wewe Hussein urimwo uzokubitwa kugezanaho mwicuza icatumwe Shetani ibakoresha mukemera rindira canke komeza mukomeze abarundi bivugirango uruciramukaso rugatwara ngoko.

  • akakagabo zed kari mubishe YESU mubona gute?

  • Kuberiki akakagabo numvise ko mu Burundi ibintu biriko biratanyura kuja muburyo amahoro akomeza kutsimbatarakuburyo biboneka kogaca kazana amajambo ameze nkokwongeza vitensi yimodoka canke moto?
    Aharero ama shetani akarimwo amwe yanga urunuka Yezu niyo agatima katipfuza kuvuha ijambo uramahoro kuburundi kubera ayoma shetani akubitananuko yumva Nkurunziza akomeje kuvugako Yezu ariwe nkomeziziwe ayoma shetani akaca ajaganyuka muriwe akacasemerera ngo muburundi ibintu biracika, ahorero ninkakwakundi babantu babona Yezu abambwe kumusaraba nabambuzi ariko bavugango uworekurwa murabo ninde abantu bakoreshwa Ana shetani bagasemerera bavugango Yezu nabamwe nabambwe. Mwibukeko Yezu nubwo yabamwe agapfa akamanuka mukuzimu mubapfuye kumusi ugiragatatu yarazutse. Nkurunziza nawe akokagabo gafatikanije nabobakorana bahengereye Nkurunziza ari Tanzania bacababwirabantu ba Niyomibare (Niyombare) ngo nimwicane kuntebeyiwe ntazogaruka ariko nawe musisi bitarenze itatu babonye ababwirango mvakuriyontebe mwabambuzimwe ziryamwibaza kozabaye inguvuzabana babantugusa? Nibazako inyishu ari oya, nunomusi ibikomejekuba singuvuzabantu gusa urevye ibihangange vyahagurukiye kurwanya uburundi iyabarikubwinguvu zabantu amasahamakegusa barikubabageze kucobashaka, none kubera ari Imana yihagarariye mwishusho yabajejwe umutekano wuburundi barabasekuye, nububarabasekura, nejo abasusubira bazobemeza mwantumbamwe.

  • Ikikigabo wosanga camenye ko tugomba gukobita twivuye inyuma udusoda twabanyarwanda turihamwe nabanyamurenge bahungiye Rwanda nuducangero twuturundi turiko turitegurira gutera mu Burundi? Kandi kikabacamenyeko abasoda nurwanda bazocabasanzara abataribake bakihungira atarukuvuga kobahunze intambara ikomeye ahubwo kwarukubera bamaze gusesemwa kubera kuguma muntambara zurudahera?
    Yemwe abarundi nabo bamaze kwitegurabikwiye bavugako bihenze bakagira abazoneshwa bagasubira kwiruka bajamu Rwanda ngobazobakurikira ngonkibirometero 12 bahagume imisi itatu nhobazozakuhava bahasigaranye abanyarwanda bemera kubaniraneza nu Burundi.

  • Aka kagabo karafise ingenga bitekerezo umugani wa abanyagwanda

  • nivyukuri abeshi bataye ivyabo kubwa nkurunziza amenye ko imisi itasubira inyua.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.