IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwahimbaje ubwa mbere umunsi wahariwe umutangakori

Uburundi bwahimbaje ubwa mbere umunsi wahariwe umutangakori

mardi 6 Kigarama 2016

Uburundi bwahimbaje ku ncuro ya mbere umunsi mpuzamakungu wahariwe abatangakori. Mu kigo kijejwe kwegeranya amakori mu Burundi barashima imigenderanire iri hagati y’ico kigo hamwe n’abatangakori.

Imbere y’uko uwo munsi uhimbazwa kuri uwu wa kabiri, ikigo OBR caratunganije kuri uwu wa mbere ibikorwa vy’ukwugurira imiryango (Journée porte ouverte) abatangakori hamwe n’abandi bose, aho akaba yari mu ntumbero y’ukwerekana ibikorwa vya OBR.

Umuyobozi mukuru w’ikigo OBR, (Office Burundais des Recettes), Léonard SENTORE, arashima imigenderanire isigaye iri hagati y’ikigo OBR, abatangakori mu Burundi hamwe n’abikorera ivyabo, akavuga ko hasigaye hari urwego impande zose zihuriramwo kugira zigire hamwe ibibazo vyose bishobora kuzana ukutumvikana.

Ibirori vy’uguhimbaza uwo munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abatangakori mu Burundi wahimbarijwe kw’ihoteri Petero NKURUNZIZA, mu birori vyari vyitabwe n’abategetsi batandukanye, harimwo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

IJAMBO RISHIKIRIJWE N’UMUKURU W’IGIHUGU KU MUSI WAHARIWE UMUTANGAKORI MU BURUNDI

1. Kuri uyu musi uri hejuru, aho turamutse duhimbaza umusi wahariwe gutanga amakori n’amatagisi, twashaka tubasabe mudufashe dushimire Imana Mushoboravyose yadushoboje gushika ngaha kugirango twifadikanye namwe mu guhimbaza uyu musi udasanzwe.

2. Nkako, ni umusi uhambaye mu buzima bw’igihugu, kuko ata gihugu na kimwe gishobora gutera imbere abakibamwo badatanze amakori canke amatagisi. Nico gituma twashaka gufata aka kanya keza kugira ngo dushimire icese zina muntu wese yitwararika gutanga amakori n’amatagisi. Ku kaba nkako, gutanga amakori n’amatagisi bifise uruhara ntangere mw’iterambere ry’igihugu cacu ; ni rya terambere ridukomokako, rikongera rikatugarukako. Ni ikimenyetso kigaragaza umutima wo gukunda Igihugu.

3. Turashimiye rero bivuye ku mutima, kandi turakeje aba bahejeje guhabwa ubushimwe kubera batanze badahigimanga amakori nk’ukwo amategeko abibasaba ; turakeje kandi turashimiye abitanze bimwe bishimishije mu gufasha ikigo OBR mu kazi kabo ka misi yose ; ndabasabe mubongere amashi kuko barabereye abandi urumuri rutazimiza.

4. Uno musi kandi ushitse abatangakori bariyongereye ku rugero rwiza. Turabakeje cane kandi turakeje tugirako dushimira uwo wese ; yaba Umurundi canke umunyamahanga, yagize uruhara muri iyi ntambwe gutoza amakori n’abatagisi bigezeko.

Banyakwubahwa Mwese,
Batumire Bahire ;

5. Mu ntumbero yo kwongereza umwimbu mu kigega ca Reta, twashaka gusaba Ikigo OBR kubandanya kurwanya urudandazwa rwo mu kinyegero n’ubusuma mu makori canke amatagisi kibifashijwemwo n’abajejwe intwaro, hamwe n’abajejwe umutekano ku mipaka. Twashaka kubahimiriza kubandanya kurihisha ibirarane, kwihweza neza ibijanye no gukurwako amakori, gutunganya amasekeza yo kwumvisha abantu akamaro ko kuriha amakori, n’ibindi bikorwa vyofasha kujijura abatarajijuka. Ivyo navyo bikazoshoboka ari uko mugize urunani rw’intamenwa, uhereye ku batozakori, abatangakori, abajejwe intwaro hamwe n’abajejwe umutekano.

6. Kuva Leta ishizeho ikigo OBR, Abarundi benshi baramaze gutahura akamaro k’ico kigo ku bijanye n’ugutoza amakori yinjira mu kigega ca Leta. Ivyegeranyo turonka biremeza ko umwimbu wiyongera uko bukeye uko bwije. Ivyo rero tukaba tubikesha ubukerebutsi, umwete n’ubwira biranga indongozi z’ikigo OBR n’abo bafadikanije mu mirimo yabo ya misi yose.

7. Turabakeje rero kuri iyo ntambwe ishimishije, twongera dutera akamo abenegihugu bose kugishigikira. Kanatsinda ugutanga amakori neza no kuyarwiza, ni inzira irashe yo gutsimbataza ukwikukira, maze Uburundi bukiteza imbere, bukarangura imigambi itandukanye butarinze kuzera inze. Turakeje Umushikiranganji ajejwe Ubutunzi ku kugene akoresha neza umwimbu uva mu makori n’amatagisi.

8. Iyo ataba amakori n’amatagisi, kuva kuri jewe gushika kuri mwese mukoraniye ngaha, nta n’umwe yari kuba ari muri kino kibanza. Akamaro ko gutanga amakori n’amatagisi ni ntangere mu buzima bw’Iguhugu, haba mu vya Politike, Ubutunzi n’Imibano. Muti gute ?

Ubwa mbere : Gutsimbataza Amahoro n’Umutekano. Kugira amahoro n’umutekano bitsimbatare mu gihugu, abantu baje ku mirimo yabo atankomanzi, harakenewe Igisirikare, Igiporisi n’Igendereza. Abagize izo nzego, bakenera inyigisho mu Burundi no hanze y’igihugu, ibikoresho, ibibatunga mu buzima bwa misi yose hamwe n’agashirukabute. Ivyo vyose tudondaguye ntahandi biva atari mu makori n’amatagisi. Mbega hari umudandaza yokwigerezako ngo ashore canke arangure ibidandazwa vyiwe mu karere karangwamwo intureka canke umutekano muke ?

Ubwa Kabiri : Uburimyi n’Ubworozi nibwo butunze Igihugu cacu ku bice birenga 90%. Kugira uburimyi n’ubworozi butere imbere, hakenewe abahinga babinonosoye, umwavu ukomoka mu mahinguriro,ubushakashatsi, imbuto zirobanuye, ibitungwa vya kijambere, imiti y’ibiterwa n’iyibitungwa ; tutibagiye agahembo karonswa abafasha muri ivyo tudondaguye n’inyubakwa zijanye n’ivyo bisata. Ivyo vyose ntivyoshoboka hatarishwe amakori n’amatagisi.

Ubwa Gatatu : Indero, Inyigisho n’Ubushakashatsi. Kazoza k’Igihugu gashingiye ku ndero, Inyigisho n’ubushakashatsi, bifasha urwaruka rwo Burundi bw’ejo. Ivyo bisata navyo bikeneye Abigisha, Abarezi, Abahinga, Abashakashatsi, Inyubakwa n’ibikoresho Ivyo vyose tudondaguye bishoboka kubera amakori n’amatagisi.

Ubwa Kane : Amagara y’Abantu. Igihugu gitezwa imbere ahanini n’abagitaha ; abo nabo ntibashobora kugikorera badafise amagara meza. Amagara meza tuyakesha, Abavuzi, imiti, ibitaro, ubushakashatsi n’ibikoresho bitandukanye bikoreshwa mu gisata c’Amagara y’Abantu. Kwigisha abaganga n’abandi bahinga bafasha mu kubungabunga amagara y’abantu, kwubaka ibitaro n’amavuriro, kugura imiti n’ibikoresho bitandukanye ; vyose bishoboka kubera amakori n’amatagisi.

Ubwa Gatanu : Uturusho turonswa abenegihugu. Uturusho duhabwa abakenyezi n’abana batarenza imyaka itanu hamwe n’abanyeshule biga mu mashule y’intango ntimugire ngo ni ahandi tuva atari mu makori n’amatagisi. Utwo turusho ntacobuza ko dutandukira abageze mu zabukuru canke abagendana ubumuga canke ibindi bisata mu gihe umwimbu wokwiyongera.

Muri ico kigabane c’uturusho no kworohereza abenegihugu, twovuga kandi utwigoro Leta idahengeshanya kugira mu bijanye n’igitoro hamwe no kugarukira ku bahuye n’ivyago bitandukanye hamwe n’abatishoboye. Aha twasha kwibutsa ko Uburundi buri mu bihugu vya mbere kw’isi igitoro kizimbutse.

Ubwa Gatandatu : Inkino n’Imico kama. Ntanumwe yokwirengagiza akamaro k’inkino n’imico kama mu buzima bw’igihugu. Ibibuga,inyubakwa n’ibikoresho bikenerwa muri ivyo bisata tubikesha itangwa ry’amakori n’amatagisi. Muzirikane ko iyo umuntu ataye akaranga aba ataye akaranga.

Ubw’Indwi : Gutunganiriza Abenegihugu. Kugira abantu baroranirwe mu kubaho kwabo kwa misi yose, bama bakenera ababibafashamwo. Aho twovuga abacamanza,indongozi n’abandi bakozi ba Leta bakora mu bisata bitandukanye. Abo bose ntiboshobora kwiga ubuhinga n’ubumenyi bakoresha canke ngo barangure imirimo yabo neza tutikoze ku makori n’amatagisi ngo tubigishe, tubakarihirize ubwenge twongere tubaronse ivyo bakenera mu mirimo bajejwe.

Ubw’Umunani : Inyubako Rusangi, Amabarabara akomeye, Ibiraro vy’Indarayi, Amazi meza, Umuyagankuba, Amasentare, Ibibuga vy’Indege, Amabohero yisunga amategeko mpuzamakungu n’agateka ka zinamuntu, Ibivuko n’ibindi, bikomokaku makori n’amatagisi. Kugira ivyo twadondaguye bikorwe, Leta irasaba amadeni igaheza ikayariha buke buke mu mafaranga itoza mu makori n’amatagisi.

Ubw’Icenda : Hari utundi turorero twinshi tugaragaza akamaro k’amakori n’amatagisi. Aho twovuga nko gukingira ibidukikije, Amakuru n’inyigisho zica mu bimenyeshamakuru ; eka n’ibindi vyinshi. Muncamake rero, amakori n’amatagisi ni yo atuma igihugu kibaho.

Banyakwubahwa Mwese,
Batumire Bahire ;

9. Biramaze kwibonekeza ko hariho abafata ikori nk’agakandamizo kumwe kwa kera, na cane cane mu gihe igihugu kitari bwasubizwe intahe y’ukwikukira. Ibibambewe, ivyari imagera vyarageruye nk’ukwo muhejeje kuvyiyumvira. Ikori ritangwa rija mu kigega ca Leta, nayo igaca irangura imigambi iteza imbere bose. Ukudatanga amakori rero, si ukurya imitsi abandi gusa, ahubwo ni uguhemukira igihugu.

10. Ni co gituma duteye akamo Abarundi mwese, ngo muhindure inyifato, mushengeze ku barongoye ikigo OBR abo bose mubonye bariko bacisha ibidandazwa mu binywabi, maze barihe amakori bashaka kunyuruza, bongereko n’ihadabu nk’uko amategeko abivuga.

11. Hariho n’abandi bafashe ingendo yo kudandariza mu gifuri, canke ugasanga kubera akaranda k’igiturire, bidandariza ata kori na rimwe rya Leta batanga. N’abo turabateye akamo ngo bikebuke, kuko baramutse bafashwe bazosanga baburiyemwo n’utwo bari bazi ko babiriye akuya. Abandi duteye akamo ni abadandaza birengagiza gutanga amafagitire canke bagakora amafagitire atajanye n’ibidandazwa bazanye.

12. Si agaseseshwa rumuri, biraboneka ko iyo nyifato yamaze gushinga imizi mu gihugu aho abaguzi bamwe bamwe babifata nk’ibisanzwe ariko bene kubikora bobo bazi ko bariko banyuruza ubutunzi bw’igihugu. Kubera ko iyo ngeso itabereye isubiza inyuma irangurwa ry’imigambi Leta yiyemeje, turibukije abaguzi bose ko kizira kikaziririzwa kuriha ikidandazwa ico ari co cose ata fagitire itanzwe.

13. Twarasavye ko ubushikiranganji bujejwe ukumenyesha amakuru bwoshigikira cane ikigo OBR mu guhimiriza Abarundi bose ku kamaro ko gutanga amakori, biciye mu bimenyeshamakuru bitandukanye.

14. Turasubiye kwibutsa abajejwe intwaro mu gihugu, ngo bame bibutsa abo barongoye ko ukuriha amakori neza biteza imbere igihugu, maze, bafadikanije n’abarongoye ikigo OBR, bagwize ukugendera abatangakori, babumvirize, gutyo batorere hamwe inyishu ku ntambamyi zose zibangamira ico gikorwa.

15. Mu ntumbero yo gupfunyira urugendo abatangakori, twashaka gusaba abarongoye ikigo OBR babifadikanije n’ubushikiranganji bw’ubutunzi, kwegereza mu ntara zose ibiro vya OBR kugira intambamyi zose zotuma umutangakori acika intege zive mu nzira.

16. Hari abatangakori bidoga ngo : « Amakori ni menshi, raba ukuntu mwoyagabanya, mutworohereze ». Abahinga muri ico gisata ntibahengeshanya kubisigura bati : « Amakori aremera iyo atangwa na bake ». Umuti w’ico kibazo rero, ni uko twese tuyatanga ata numwe avuyemwo, kiretse abo amategeko abirekurira. Kuva ubu duhiriwe duhishije kuko twese twiyumviye ko dutanze ikori ritugarugako, tutaritanze naho tukaba turiko twisamburirako.

Banyakwubahwa Mwese,
Batumire Bahire ;

17. Mu gusozera, twashaka gushimira ikigo OBR catunganije uno musi mukuru uha ikibanza ca mbere umutangakori mu kumuhimiriza kwitaba akamo ka Leta ko gutanga ikori kugirango ishike kw’ihangiro yiyemeje. Turakeje rero abatangakori bitanze batiziganya mu gushigikira imigambi ya Leta. Nabo abagifise ka kageso ko gutoza bashira mu mipfuko, turabagabishije : « Akataretse kaba gasema, kandi imisi y’igisuma iraharuye. »

18. Tukaba dusozereye rino jambo Twizera yuko mu mwaka uza, uyu musi twowuhimbaza abatangakori bariyongereye, gutyo amakori n’amatagisi akaba yiyongereye ku buryo icivugo twashize imbere uyu mwaka ngo :« Dutange amakori ata gahato, dushigikire iterambere ry’igihugu cacu ». kizoba camaze kuranguka. Tuboneyo n’akaryo ko kubipfuriza Imisi Mikuru myiza isozera umwanka w’2016 n’iyitangura umwaka mushasha w’2017

NIHARAMBE UBURUNDI N’ABARUNDI ;
NIHARAMBE IKIGO OBR ;
NIHARAMBE UMUTANGAKORI MU BURUNDI TWUBAKE IGIHUGU CACU ;
IMANA IBAHEZAGIRE !
MURAKOZE !


IGIHE

Messages

  • Sugutanga ikori ahubwo iyo muvaga ko Ari ukuzirika umugozi mwizosi twebwe banyarucari raba engene mwaduhenze none inzara igomba kutumara namwe amakoti mwagoroye nutwotwogize Ngo twokwikoze dutora munegera mushira mumipfuko yanyu ahubwo dusigaye twicuza icatumye tutifatanya nabandi mukwiyamiriza ako kabi kabishe Ngo Ni mandat ya 3 none raba ibivyago idusutsemwo

  • RAMBA PREZIDA IMANA IBADANY’ IGUHEZAGIRA UYUBAHENAYO IZOKWUBAHISHA KANDIYARABIKOZE ABARUNDI DUSHIM’IMANA KUVYOYADUKO REYE AMEN

  • RAMBA PREZIDA IMANA IBADANY’ IGUHEZAGIRA UYUBAHENAYO IZOKWUBAHISHA KANDIYARABIKOZE ABARUNDI DUSHIM’IMANA KUVYOYADUKO REYE AMEN

  • ARIKO NIVYIZA GUTANGA AMAKORI NONEKO IBIBWA BICA BIZINBA INZARA YABAYE NYICHI KUKO BATANGICHWA IMISO IKAZE NIMUCIGE EGO RETA IRAHAGA ABANYAGIGU BAKAHABONERA GABANYA

  • Copy paste kare kose niyo mukimenya ko abantu bishyura imisoro? Nawe Tabu Abdallah wakoze muri Politeco muri Miniplan hamwe na Mbaguta JMV .

  • Ububeshi ubwo! ivyovyose udondaguye bimwe nububeshi bukabije kabisa, ntabintukivyo vyokorwa bivuye mwayo matagisi, rwu Burundi nibwo budandaza igitoro kugiciro gitoya kwisi!,kweri urazi kuyivuza ukayica umurya. Besha abirirwa ngaho gusa atacobazi, noneho numva abantu bavuga ngo porotike ngo nukubesha, kweri nawe unomusi urabeshe kabisa. Ntakundi nukuza tubahebera ububeshi bwanyu.

  • Gipara rir wihorere uwo mugabo yaje kutumara none tugirente?nibavyibuhe mugabo bavyibushe bene wabo imana ibacungishe ijisho.

  • "Ibirori vy’uguhimbaza uwo munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abatangakori mu Burundi wahimbarijwe kw’ihoteri Petero NKURUNZIZA, mu birori vyari vyitabwe n’abategetsi batandukanye, harimwo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA" Kosora si Hotel Petero NKURUNZIZA ni Hotel Club du Lac Tanganyika

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.